{"id":5596,"date":"2020-09-07T17:43:50","date_gmt":"2020-09-07T15:43:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5596"},"modified":"2023-06-21T19:00:25","modified_gmt":"2023-06-21T17:00:25","slug":"gutanga-ikibunabuno-imigirwa-ubugeni-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gutanga-ikibunabuno-imigirwa-ubugeni-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Batampaye ikibunabuno, umukobwa wanje ntava aha \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hari imigirwa 3 ikomakomeye kandi itigera ihara ku munsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni cane cane mu ntara z\u2019uburaruko w\u2019Uburundi\u00a0: gutanga ikibunabuno, gupfumbatisha uwazanye impfizi yo gusohora\u00a0(iyo vyagiriweko) hamwe rero n\u2019uguhorora umugeni. Nguku uko bigenda\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku munsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni, Kare kare cane mu gatondo, umuhungu avyuka arungikira umukobwa yakoye ikanzu y\u2019ubukwe yamurondereye ngo azoshaze biryohe( iyo yabuze arungika iniro zera). Muri uwu mwanya, nyina w\u2019umuhungu na we aba ariko arikazanura ategura ikibido c\u2019inzoga arungikira nyina w\u2019umukobwa ari na co bita ikibunabuno. Nta mugabo n\u2019umwe yemerewe gushinga umukenke mu kibunabuno kuko ari icibutso c\u2019igihe nyina w\u2019umukobwa yabunabuna ku gise, aho na ho umugabo akaba yaradora. Nuko rero urwo rukanywa ruraheza rugakamagirwa na nyina w\u2019umukobwa hamwe n\u2019abakenyezi yitoreye wenyene.<\/p>\n\n\n\n<p>Euphrasie Niragira, umukenyezi w\u2019imyaka 58, aba i Muyinga agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Maze gushingiza kabiri kandi aho hose bamwana baranzanira ibibunabuno(\u2026.) Batabimpaye umukobwa wanje sindamwemerera ko ava mu nzu kuko nanje simba namuronse vyoroshe. Kandi nkako na je ku bahungu banje bubatse izabo nagiye ndabirungika\u00a0<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"jtThsa8LEE\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugirwa-gutora-ubusurira-urashushe-mu-ntara-zo-mu-buraruko-burundi\/\">Umugirwa wo gutora ubusurira urashushe mu ntara zo mu buraruko bw\u2019Uburundi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Umugirwa wo gutora ubusurira urashushe mu ntara zo mu buraruko bw\u2019Uburundi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugirwa-gutora-ubusurira-urashushe-mu-ntara-zo-mu-buraruko-burundi\/embed\/#?secret=xKPcYcz4BE#?secret=jtThsa8LEE\" data-secret=\"jtThsa8LEE\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Gupfumbatisha uwazanye impfizi yo gusohora<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwu mugirwa usomekeranye n\u2019urubanza rwo gusohora. Wahora ukorwa bukeye umukobwa yaraye arongowe ariko uno munsi hari abashima kuwujaniranya n\u2019urubanza rw\u2019ubugeni mu ntumbero yo kugabanya amahera asohoka n\u2019ukurondera kwunguka umwanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kiringo kigira kabiri c\u2019urubanza rero, ab\u2019iwabo w\u2019umukobwa baje kumusohora, bitangirwa imbere n\u2019impfizi y\u2019impene inuze neza yambitse ishishiro n\u2019imbugita mw\u2019izosi. Ico gihebe kiba cashorewe na musaza w\u2019umukobwa nabo abigeme biremetse ibiseke n\u2019imibindi y\u2019inzoga bagakurikira. Uwu yengenganye ico gipfizi ntiyigera akirekura muramuwe atamupfumbatishije amafaranga. Amaze kuyamuha rero ibiseke biraheza bikakirwa, ya ntungwa na yo bakayiyoborera aho iba irarisha utwatsi dutoshe mu kurindira ko bugoroba, imbugita yaje yambaye mw\u2019izosi igakora igikorwa cayo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Guhorora umugeni<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urubanza rumaze guhera abageni barinjira mu nzu yabo, bakabazanira amazi yo kwiyuhagira, maze bakaruhuka gato. Muri ico gihe inabukwe w\u2019umukobwa canke baramukazi we baba bariko barakayambanya mu gikoni barondera imfungurwa babashira ngo bakore ku munwa. Zitunganye barazijana bakazitereka ku meza yo mu cumba abashitsi bashikiramwo canke bakazibasanza haruguru maze inabukwe agasa n\u2019uwitebesha inyuma gato. Uno mugeni ntiyigera akora kw\u2019izo mfungurwa inabukwe atamupfumbatishije amafaranga, ari na vyo bita guhorora. Ngo baba bashaka kuraba ko uno mukobwa adafise inda ndende.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hari imigirwa 3 ikomakomeye kandi itigera ihara ku munsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni cane cane mu ntara z\u2019uburaruko w\u2019Uburundi\u00a0: gutanga ikibunabuno, gupfumbatisha uwazanye impfizi yo gusohora\u00a0(iyo vyagiriweko) hamwe rero n\u2019uguhorora umugeni. Nguku uko bigenda\u2026 Ku munsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni, Kare kare cane mu gatondo, umuhungu avyuka arungikira umukobwa yakoye ikanzu y\u2019ubukwe yamurondereye ngo azoshaze biryohe( iyo yabuze arungika [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5597,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[458],"coauthors":[231],"class_list":["post-5596","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-ubugeni"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5596","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5596"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5596\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5600,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5596\/revisions\/5600"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5597"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5596"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5596"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5596"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5596"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}