{"id":5565,"date":"2020-08-31T13:25:36","date_gmt":"2020-08-31T11:25:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5565"},"modified":"2023-06-21T19:01:11","modified_gmt":"2023-06-21T17:01:11","slug":"wilbert-dusabe-mbonero-uburimyi-ubworozi-kijambere-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wilbert-dusabe-mbonero-uburimyi-ubworozi-kijambere-burundi\/","title":{"rendered":"Wilbert Dusabe, mbonero ya benshi mu vy\u2019uburimyi n\u2019ubworozi vya kijambere !"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ukabona uwiyicariye ahantu akamagira umubira, uze umenye ko hari igihe yigeze kwirirwa abira akuya. Dusabe uno munsi yirigwa atanga inyigisho z\u2019ukwororera amafi ku mitumba, gukora ibikoresho bibundikira amagi y\u2019inkoko gushika avuyemwo imiswi, kworora inkwavu, ingurube n\u2019ibindi bitungwa bitobito hamwe rero n\u2019uburimyi bw\u2019imboga n\u2019ivyamwa, hisunzwe ubuhinga bwa kijambere. Ivyo bikorwa vyiriza bikanaraza itiro Dusabe,&nbsp; akaba abirangura mu ntumbero yo kwiteza imbere n\u2019uguteza imbere abandi. \u00ab&nbsp;Maison du Fermier&nbsp;\u00bb, ni ryo zina ry\u2019ikigo ciwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Afise imyaka 35, akaba avuka ku mutumba Kibogoye muri komine n\u2019intara ya Gitega. Yahejeje amashure yiwe ya kaminuza y\u2019Uburundi mu mwaka wa 2013, mu gisata cigisha ivyo gukora amatara \u00ab\u00a0\u00e9lectrom\u00e9canique\u00a0\u00bb. Yararondeye akazi kajanye n\u2019ivyo yigiye arakabura, araheza yigira inama yo kurondera ikindi kintu yokora comwungura we n\u2019abandi ndetse kigateza imbere n\u2019igihugu. Nikwo guhitamwo gukorera mu burimyi n\u2019ubworozi vya kijambere, inyuma yo kwiyambura umwiza utwikiriye abatari bake baheza za kaminuza aho bibwira ko uburimyi n\u2019ubworozi ari ibikorwa vy\u2019abatize.<\/p>\n\n\n\n<p>Dusabe yatanguye uwo mugambi mu mwaka wa 2016 ariko ikigo ciwe yise \u00ab\u00a0Maison du fermier integr\u00e9e\u00a0\u00bb mu gifaransa, gitangura gukora kizwi n\u2019amategeko mu mpera za 2018. Agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Natanguye uwu mugambi ndi jenyene ariko ikigo BBIN kimaze kubona ibikorwa ndiko ndakora kirabishima gica kinsaba ko nobafasha gukurikirana urundi rwaruka rukorana n\u2019ico kigo. Ariko rero Bivanye n\u2019uko\u00a0ivyo nari narize bitampa ubumenyi bukwiye bwo kurangura ivy\u2019uburimyi n\u2019ubworozi ku buryo bwo hejuru, udufaranga naza ndakura mu turaka nakora naca nza ndatuziganya mu nyuma rero nja gusuma ubumenyi mu bihugu bitandukanye nka za Senegal, Nigeriya, \u00a0Zambiya n\u2019ahandi<\/em>\u00a0\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"594\" height=\"704\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/amafiiiii.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5570\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/amafiiiii.jpg 594w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/amafiiiii-253x300.jpg 253w\" sizes=\"auto, (max-width: 594px) 100vw, 594px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Bimwe mu bigize inyigisho atanga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dusabe amenyesha ko ku bijanye n\u2019ubworozi bw\u2019inkoko, abigisha ibijanye n\u2019ingene bikorera ivyuma bibundikira amagi hanyuma bamaze gusohoka bakaronswa inkoko nziza zizobafasha kugwiza izindi, ivyo kuza baraja ku masoko kurondera iyindi miswi izimvye bikaba birangiye. Inkoko ita amagi ya kijambere ayigurisha amafaranga 22.000Fbu nayo isake 25.000Fbu. Izo ziba zimaze amezi 5 zondagurwa. Dusabe akaba amenyesha ko abahanura ko batangurira ku zikuze kugira zibahe amagi baca bashira mu mashini baba bikoreye bonyene. \u00ab\u00a0<em>Turabigisha kandi kwikorera ivyokurya vy\u2019inkoko no kuvyirimira<\/em>\u00bb. Avuga ko ku nyigisho zijanye n\u2019ubworozi bw\u2019amafi n\u2019ibindi bitungwa na ho nyene bigishwa ingene bavyubakira, kwikorera ivyo birya\u00a0n\u2019ingene bobigwiza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imforo y\u2019ibikorwa nyezina, uno munsi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Dusabe abimenyesha, uno munsi ibikorwa vy\u2019ishirahamwe ryigenga\u00a0 \u00ab\u00a0Maison du fermier integr\u00e9e\u00a0\u00bb \u00a0ryaragomwe n\u2019ikigega FIDA, rihabwa akazi ko gutunganya ibikorwa vy\u2019ubworozi bw\u2019amafi ku mitumba, mu ntara 4 ari zo Rutana, Kayanza, Ngozi na Gitega. Agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Ndishimira aho igikorwa kigeze kuko gushika ubu ndamaze guha akazi ntakuka abantu 5 (ab\u2019igitsina gore 3 hamwe n\u2019abagabo 2). \u00a0Maze gutanga ubuzi bugera ku 357 bwa barya baza gukora hama bakagenda kandi muri abo, ibice 60% ni abakenyezi. Bivanye n\u2019uko nipfuza ko bwaba uburimyi\u00a0canke ubworozi bwanje buba ubw\u2019akarorero kandi bugakwira igihugu cose ku buryo bushinga imizi hose bukaja no kw\u2019isoko, maze kwigisha no gushinga imigwi 10 imfasha, umwe ukaba urimwo abantu 20.\u00a0 Itanu muri yo ni iy\u2019urwaruka rucanze (abigeme n\u2019abasore ku rugero rumwe 50%) iyindi itanu igizwe n\u2019abakenyezi gusa bashika 100. Bose hamwe abo turiko turakorana muri uwu mugambi abaza gukora baca bagenda batarimwo,\u00a0bakaba ari 200 (ab\u2019igitsina gore 150 n\u2019ab\u2019igitsina gabo 50)<\/em>\u00a0\u00bb. Inyigisho zikaba ziguma zihurumbirwa n\u2019urwaruka rutari ruke.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bamwe mu bamaze guhabwa inyigisho barashinga intahe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Paul Ndayishimiye ni umwe mu rwaruka rumaze guhabwa inyigisho zijanye n\u2019ubworozi bw\u2019ingurube. Uwu musore ava muri komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega, agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Jewe nahawe inyigisho mu mwaka wa 2018, nkizirangiza nca ndatangura kuzorora, n\u2019uwu munsi nkiriko. Ubu ni zo ziriko zirandihira amashure ya kaminuza kandi si make kuko ku mwaka turiha amafaranga 600.000, nkaba ngeze mu mwaka wa 2, kandi uko ndabibona nzoyarangiza neza. Inyigisho twahawe zirakomeye cane kuko zaduhaye kumenya ubwoko bw\u2019ibifungurwa tugaburira izo tworoye twisunze ubwoko bwazo, ni na ho zidoha cane&nbsp;<\/em>\u00bb. &nbsp;Uwu musore akaba ashinga intahe aho avuga ko gushika ubu benshi mu bo biganye ata mpungenge z\u2019ubuzima bafise.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko uno munsi ishirahamwe \u00ab\u00a0Maison du Fermier\u00a0\u00bb ririko rirubaka inyubakwa ishobora kwakira abaje kwiga 50 hamwe n\u2019ibiro vy\u2019abakozi baryo. Dusabe akamenyesha ko iyaba uburyo bwari bubimukundiye yociye ashiraho ibintu vyose bikenewe kugira ngo umuntu wese yoroherwe kuja kworora, nayo imashini zo gukora ivyokurya vy\u2019ibitungwa zo ngo ziza zaraguzwe cokimwe n\u2019iziberura imiswi. Ntiyibagiye kumenyesha kandi ko batanguye kugwiza imivyaro y\u2019amafi yo mu bwoko bw\u2019isomvyi, kugira ngo abayikeneye bose bashobore kuyironka vyoroshe.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><strong><strong>Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi \u00ab Tuyage \u00bb ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n\u2019ivy\u2019ubutunzi mu gihugu<\/strong>\u00a0\u00a0\u00a0\u00a0<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ukabona uwiyicariye ahantu akamagira umubira, uze umenye ko hari igihe yigeze kwirirwa abira akuya. Dusabe uno munsi yirigwa atanga inyigisho z\u2019ukwororera amafi ku mitumba, gukora ibikoresho bibundikira amagi y\u2019inkoko gushika avuyemwo imiswi, kworora inkwavu, ingurube n\u2019ibindi bitungwa bitobito hamwe rero n\u2019uburimyi bw\u2019imboga n\u2019ivyamwa, hisunzwe ubuhinga bwa kijambere. Ivyo bikorwa vyiriza bikanaraza itiro Dusabe,&nbsp; akaba abirangura [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5566,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[607,399],"coauthors":[231],"class_list":["post-5565","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-giheta","tag-ukwiyungunganya"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5565","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5565"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5565\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5573,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5565\/revisions\/5573"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5566"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5565"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5565"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5565"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5565"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}