{"id":5554,"date":"2020-08-29T16:37:11","date_gmt":"2020-08-29T14:37:11","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5554"},"modified":"2023-06-21T19:00:58","modified_gmt":"2023-06-21T17:00:58","slug":"burundi-amicale-music-fbu-art","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amicale-music-fbu-art\/","title":{"rendered":"\u00ab Imvururu ziri muri Amicale des musiciens zatewe na Fbu \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe yari asigaje ukwezi kumwe gusa ngo ikiringo yahawe co kurongora Amicale des Musiciens du Burundi vy\u2019imfata kibanza ngo kirangire, Freddy \u00ab Botchum \u00bb yaraye abogojwe n\u2019inama y\u2019inararibonye. Ubu ishirahamwe riramutswa uwitwa Haruna Ikoriciza. Muti vyatanguye gute&nbsp;? Bigeze he&nbsp;? Ido n\u2019ido.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urusaku rw\u2019uko mw\u2019ishirahamwe ry\u2019abaririmvyi (\u00ab Amicale des musiciens \u00bb) hari ingorane, rwatanguye kuduma mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 26 z\u2019uku kwezi. Vyari bivuye ku majambo Cedric Bangy yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yagize ati : \u00ab&nbsp;<em>Inararibonye z\u2019ishirahamwe Amical des musiciens zihejeje gufata ingingo yo kubogoza mu mabanga yiwe uwahora ayirongoye ivyimfata kibanza , uwitwa Freddy Kwizera. Ubu Amicale des musiciens iramutswa ivy\u2019imfata kibanza umukuru mushasha yitwa Ikoriciza Haruna (Ikoh)<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Icatashizeko, ntituzi ko yabigize nkana, canke yavyibagiye, nuko atikeje ko agarutse mw\u2019ishirahamwe, inyuma y\u2019imyaka itatu yari iheze yirukanywe muri iryo shirahamwe n\u2019uwaritwara ico gihe umuhisi Simbavimbere Bruno ( \u00abMember\u00bb ). Ahubwo na cane cane, ko agarutse nk\u2019umwami kuko yashikiye muri iyo comit\u00e9 nyobozi nshasha aho yagizwe umunyabanga wayo.<\/p>\n\n\n\n<p>Muti none iryo bogozwa ryatewe n\u2019iki? Inkwezi y\u2019amarere s\u2019iyindi, ngo ni ikete iyo nama y\u2019inararibonye yandikiye \u00ab Botchum \u00bb mu ndwi iheruka, aho yamubaza aho agejeje gutegura &nbsp;amatora y\u2019indongozi nawe ntihagira ico abivugako. Sindakira Leonidas Gema ati \u00ab&nbsp;<em>Botchum yagaye urwego rwamushizeho. Ntiyigeze atwishura canke ngo anatumenyeshe ko yanaribonye. &nbsp;Vyaciye bisongwa nuko twari tumaze igihe tubona ko igihe cose yaramaze ata kintu kigaragara yamariye ishirahamwe. Mu ntumbero yo guha umurongo ishirahamwe, twahisemwo kumubogoza duca duha ikiringo c\u2019amezi 6 Ikoriciza Haruna (Ikoh), Cedric Bangy na Ininahazwe Romeo, ngo badutegurire amatora. Bibananiye tuzobagira nk\u2019uwundi. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ku kibazo c&rsquo;uko hoba harakurikijwe amategeko muri ukwo kubogozwa, Gema agira ati: \u00ab&nbsp;<em>Mu kumushiraho nta tegeko twisunze no kumukura ntarikenewe kwisungwa. Wanashaka ntanamategeko ishirahamwe rifise kuko kuva igihe cose imaze, hamye hari intwaro z\u2019imfata kibanza.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uwundi ati : \u00ab Iyo ni coup d\u2019\u00e9tat mu zindi <\/strong>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Twibukanye. Muri 2016, \u00ab Member \u00bb yarirukanye Cedric Bangy, amwagiriza ko yashatse gusenyura inzego zari zirongoye Amicale des musiciens ico gihe. Mu ntumbero yo kuguma aterera mu rugamba rwo kwubaka umuziki ndundi, Bangy yaciye atanguza ishirahamwe ryiwe yise \u00ab Coop\u00e9rative des musiciens \u00bb. Kuco kubogozwa mu mabanga, Kwizera Freddy, wewe avuga ko abafashe ingingo ata bubasha bamufiseko, kandi n\u2019uburyo vyakozwemwo ntibwemewe.<\/p>\n\n\n\n<p>Wewe yagiriza izo ndongozi nshasha ko zishaka gutembagaza ubutegetsi. Agira ati <em>\u00ab&nbsp;Baragiye bizeza&nbsp; ivyo nabonyene ubwabo bazi neza ko batazoshobora kugira babakoreshe bikunde babashe gusenyura uburongozi bwanje. Kiretse ko inama y\u2019inararibonye ata bubasha bufise bwo kumfatira ingingo, iyo nama nyene ntiyatahuye ko iriko irakoreshwa kugira ako kagwi gashike kuco bifuza. Ico naco si ikindi, nugufata ubuyobozi bwa \u00ab\u00a0Amicale des musiciens\u00a0\u00bb kugira bikunde abe aribo barongora imigambi myishi yayo bazi ko yamaze kwemererwa gushigikirwa n\u2019abarwizatunga. Vyanse ko aribo bayarya batume badutobera kuba bailleurs basi tuyabure twese kuko bazi ko bene amafaranga badakorana n\u2019amashirahamwe afise ibibazo vy\u2019uburongozi.&nbsp;<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Gema, ari nawe mukuru w\u2019inama y\u2019inararibonye, ati : \u00ab&nbsp;<em>Wanguha, Freddy mu gihe amaze ntaco yamariye ishirahamwe. N\u2019ikimenya menya, ntiyigeze akoranya abaririmvyi ngo banayage, n\u2019amatora yari yashizweho ngo ategure, igihe kinini kirarangiye atanagakuru kayo<\/em>.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Icuko iyo nama yoba yahenzwe n\u2019izo ndongozi nshasha, ko zoba ziriko zisotera imigambi yaramaze gushikako, Gema yongera ati : \u00ab&nbsp;<em>Ibihe ishirahamwe ririmwo, ahubwo nivyo kuwuha. Amahera azoza ishirahamwe rihari<\/em>. \u00bb Ku c\u2019ukuntu Bangy yagarutse mw\u2019ishirahamwe, kandi ata nama ya bose ikoranye, na Freddy kwizera ubwiwe yaramutswa ishirahamwe atabizi, yishuye ati \u00ab <em>N\u2019\u2019umwana mu bandi agarutse mu muryango.<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abaririmvyi nabo, bati : \u00ab&nbsp;Inzego zose, nta nar\u2019umwe twemera.&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abaririmvyi twegereye bose tubabaza ico biyumvira kuri iyo ngingo inama y\u2019inararibonye bose batubaza bati : \u00ab&nbsp;Iyo nama y\u2019inararibonye igizwe na nde&nbsp;? Ni nde yabatoye&nbsp;?&nbsp;\u00bb. Yamuremye Jean Claude (\u00ab Dr Claude \u00bb) wewe ntabica kubiri : \u00ab Y<em>aba \u00ab\u00a0Botchum\u00a0\u00bb, canke \u00ab\u00a0Ikoh\u00a0\u00bb, mbere n\u2019iyo nama ibashiraho ikanabakura, twe nta numwe adutwara, kuko ntan\u2019umwe tuzi uko yashitse mu kibanza avuga ko arimwo.&nbsp;<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Arabandanya atanga iciyumviro c\u2019ukuntu ikibazo cotorerwa umuti. \u00ab&nbsp;<em>Kuba tumaze imyaka irenga 20 tutava aho turi, nuko twamye turongorwa nabatababaye iterambere ry\u2019abaririmvyi. Umuririmvyi ntagira aho avugira, kuko ugize ngo uravuze ikitagenda neza, baca bakwirukana. Ubu abaririmvyi twumvira \u00ab\u00a0Amical des musiciens\u00a0\u00bbmu binyamakuru, kuko gushika ubu nta biro ifise. Igikenewe n\u2019uko ubushikiranganji budutwara, bwokwifatira ico kibazo mu minwe, yonyene ubwayo ikegeranya abaririmvyi, ikadufasha tukitorera indongozi twiyumvamwo.<\/em> \u00bb<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe yari asigaje ukwezi kumwe gusa ngo ikiringo yahawe co kurongora Amicale des Musiciens du Burundi vy\u2019imfata kibanza ngo kirangire, Freddy \u00ab Botchum \u00bb yaraye abogojwe n\u2019inama y\u2019inararibonye. Ubu ishirahamwe riramutswa uwitwa Haruna Ikoriciza. Muti vyatanguye gute&nbsp;? Bigeze he&nbsp;? Ido n\u2019ido. Urusaku rw\u2019uko mw\u2019ishirahamwe ry\u2019abaririmvyi (\u00ab Amicale des musiciens \u00bb) hari ingorane, rwatanguye kuduma [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":27,"featured_media":5556,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[317],"coauthors":[186],"class_list":["post-5554","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-umuziki"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5554","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/27"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5554"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5554\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5564,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5554\/revisions\/5564"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5556"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5554"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5554"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5554"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5554"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}