{"id":5551,"date":"2020-08-29T14:06:45","date_gmt":"2020-08-29T12:06:45","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5551"},"modified":"2023-06-21T19:02:18","modified_gmt":"2023-06-21T17:02:18","slug":"ubuyeye-ku-maguru-ikimenyetso-kiranga-abigeme-bigurisha-imicokama-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubuyeye-ku-maguru-ikimenyetso-kiranga-abigeme-bigurisha-imicokama-burundi\/","title":{"rendered":"Ubuyeye ku maguru (chevill\u00e8res) : ikimenyetso kiranga abigeme bigurisha ?"},"content":{"rendered":"\n
Kwambara ubuyeye ku bigeme b\u2019ubu birateye impari nyishi cane mu kibano. Bamwe ngo bwambara aba \u2018\u2019slay queens\u2019\u2019 canke bamwe badandaza umubiri. Abandi na bo ngo sivyo, bwambarwa mu ntumbero yo gushaza kugira baberwe. None ukuri ni ukuhe ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n

Ngendazi ni umusore aba mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko abakobwa benshi bigurisha abamenyera ku buyeye baba bambaye ku maguru. Kanatsinda ngo benshi akunze kubona mu makaritiye, utubare n\u2019amahoteri amw\u2019amwe baba babwambaye. Akavuga ko ari na co kimenyetso ababikora bamenyanirako. Kukabankako ngo abarundikazi ba ruguru bokwubahuka kubwambara ku maguru boba ari abigeze gutembera. Bikunda abanyamuji akenshi bicuruza.<\/p>\n\n\n\n

Ariko rero abakobwa benshi bobo babona ko kwambara ubuyeye ku maguru ari ugushaza bisanzwe naho hari ababitahura ukundi. Claudine (izina ry\u2019iritirano kuko atashatse kumenyekana) n\u2019umukobwa aba mu gisagara ca Bujumbura ariko avuka i Gitega. Avuga ko kwambara ubuyeye ku ku kuguru ari ugushaza nk’ukundi. Kandi ngo iyo ari aha i Bujumbura arabwambara. Gusa ngo iyo ari i Gitega ku bavyeyi biwe ntabwo yambara kuko atinya ko abamubona bamuzi baca baja kubwira abavyeyi biwe ko umukobwa wabo asigaye ari \u2018\u2019insimbarubebe\u2019\u2019.<\/p>\n\n\n\n

Kuki ubu abarundikazi bambara ubuyeye bifatwa ko ari imaraya ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Pascal Niyongabo umwigisha w\u2019ikirundi akaba n\u2019umuyobozi w\u2019ishure rya Ecofo Rumonge II asanzwe yarananonosoye ivyigwa vy\u2019imico n\u2019imigenzo nyafirika agira ati : \u00abNtawoshoka yemeza ko abambara ubuyeye ku maguru bose baba ari imaraya. Ego ni vyo hari ababigira kugira bakabure agatimanshatsi k\u2019ababaraba hama babashime gutyo bababaze ivyo bakeneye. Ariko hariho n\u2019abandi bavyambara nk\u2019ugushaza nk\u2019uko vyamye mu b\u2019aho hambere<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n

Ariko uwo mwigisha avuga ko ugushaza kwagiye kuratakaza insiguro yavyo kuva aho abarundi batanguriye guhurumbira ibintu biva mu bazungu, bigana imico y\u2019abo hanze. Rero ngo kuba hari abavuga ko abakobwa bambara ubuyeye ku maguru baba ari ivyigenze, bivana n\u2019ico babona ababwambara benshi bakora. Ni co gituma na bake batwambara ubu mu ntumbero yo gushaza, abantu bababona basanzwe bazi ico bisigura usanga babitiranije n\u2019abakobwa canke abagore badandaza umubiri.<\/p>\n\n\n\n

Ivyo rero biri ukwo mu gihe kera abarundikazi bavyambara kugira bibe ibitako vyo kwishariza ariko kandi hari no muntumbero yo gushaka guhimbara ababaraba mbere no mw\u2019ibanga ry\u2019abubakanye mu gihe abagabo babo babiravye canke babikorakorako ngo vyarakabura agatima ko kubashaka.<\/p>\n\n\n\n

Kwambara ubuyeye n\u2019aho hambere vyariho<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Kuva kera na rindi abarundikazi bamye barondera kwishariza umubiri kugira baberwe. Barambara inyerere, imiringa, ibirezi, ubuna aribwo buyeye abandi babwita ubunyangari, ubudede canke ubushanga. Ubwo buyeye abagore babwambara mw\u2019izosi bukaba burebure bukikuje ibirezi bugashoka mu gatuntu bikababera. Ubundi babwambara ku nda. Kwari ugushaza nk\u2019uku kw\u2019imigufu, amasaha n\u2019ibirato vy\u2019abubu, nk\u2019uko Tubisoma mu gitabu ca Jean Baptiste Ntahokaja, Imigenzo y\u2019ikirundi 1978.<\/p>\n\n\n\n

Imvo ya mbere yatuma abagore n\u2019abakobwa bambara ibiyeye kwari ugushaza. Kanatsinda bavyita ibitako. Vyabongerereza ubwiza bigatuma baboneka neza. Umugore atavyambaye mw\u2019izosi, ku maboko, ku nda no ku maguru ntiyaba ashajije neza mbere ngo yarababara iyo ahuye n\u2019uwo bangana avyambaye. Ivyo bivugwa na Pascal Niyongabo.<\/p>\n\n\n\n

Ariko kandi hari n\u2019ibindi ivyo binyagari vyerekana. Uwo mwigisha avuga ko hari ibinyangari bininibinini bifise amabara yera n\u2019ayirabura vyambara abagore bahumuye baciye imvyaro bigakikuza izosi. Abakobwa bagiye ku bagabo canke abagore bubatse na bo barambara ibidede mu kayunguyungu (mu nda). Aho rero kwari ukugira umugabo amubonye canke ariko arabikorakora bikabure agatimanshatsi hama amugirire akayabagu ko kumushaka mw\u2019ibanga ry\u2019abubatse. Mu miryango yagendereza na yo, ubuyeye barabwambika abana bakiri bato, kugira babakingire amangetengete. Ntibabaroge. Baranabwambika n\u2019abana b\u2019amazina (abinyuma y\u2019umwana wagatanu), n\u2019ukuvuga guhera kuri Miburo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Kwambara ubuyeye ku bigeme b\u2019ubu birateye impari nyishi cane mu kibano. Bamwe ngo bwambara aba \u2018\u2019slay queens\u2019\u2019 canke bamwe badandaza umubiri. Abandi na bo ngo sivyo, bwambarwa mu ntumbero yo gushaza kugira baberwe. None ukuri ni ukuhe ? Ngendazi ni umusore aba mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko abakobwa benshi bigurisha abamenyera ku buyeye baba […]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5552,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[398],"coauthors":[189],"class_list":["post-5551","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-gushaza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5551","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5551"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5551\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5553,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5551\/revisions\/5553"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5552"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5551"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5551"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5551"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5551"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}