{"id":5543,"date":"2020-08-26T14:47:03","date_gmt":"2020-08-26T12:47:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5543"},"modified":"2023-06-21T19:01:29","modified_gmt":"2023-06-21T17:01:29","slug":"burundi-gufungura-neza-uburyo-bwo-kwikingira-ingwara","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-gufungura-neza-uburyo-bwo-kwikingira-ingwara\/","title":{"rendered":"Gufungura neza ngo ni uburyo bwo kwikingira ingwara nyinshi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi tuzi ko gufungura neza ari ukwama turiko turarya inyama za buri mwanya, inkoko, imicopo, amafariti n\u2019ibindi. Eka mbere niyo tubonye umuntu yasesetse inda tugira duti&nbsp;<em>: \u00ab Kanaka ibiyeri n\u2019inyama vyamushitse \u00bb. Ariko burya ngo siko gufungura neza, kuko ngo iyo umuntu yihereza infungurwa zimwe kurugero rurunze ngo sivyiza. Hariho mbere n\u2019abahisemwo gutegurira abandi infungurwa zivura canke zitabangamira amagara. Soma utahure.<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Paul Uwineza umuhinga mu bijanye n\u2019ifunguro we nyabuna avuga ko gufungura neza ari ukwihereza imfungurwa zikubiyemwo ingaburo zitatutu arizo ndemamubiri, ntanganguvu na sanganyanaburo. Izo ngaburo na zo zikaba ziboneka mu bintu bitandukanye. Nka ndemamubiri Uwineza avuga ko hari izigumye ziva mu bikoko kandi atari nziza ku magara y\u2019abantu iyo ziherejwe birenze urugero. Hari n\u2019iziva mu bimera nziza cane ku magara y\u2019abazihereza.Uwo muhinga amenyesha ko ibimera bifise&nbsp; ntungamubiri&nbsp; nziza nyinshi gusumba iziva mu bikoko. Nk\u2019akarorero avuga ko nko kugira umuntu aronke ndemamubiri mu nyama zingana n\u2019iziri mu kiro kimwe ca soya ar\u2019uko aba yakoresheje ibiro 2 vy\u2019inyama. Kandi n\u2019ibiyoba ngo birasumba inyama.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntanganguvu na zo, Uwineza avuga ko ziboneka cane mu vyamwa, mu binyantete no mu biterwa vyerera mu kuzimu. Nsanganyangaburo na yo iboneka mu mboga canecane mu ziribwa ari zibisi no mu vyamwa mbere no mu binyantete. Akamenyesha ko ku bijanye n\u2019isukari, nziza iri mu vyamwa, mu binyantete hamwe no mu buki. Uyo muhinga avuga rero ko, ukwizizira cane kurya ubwoko bumwe bw\u2019ingaburo vyotuma umuntu yogwariramwo indwara zitandukanye zituruka ku gufungura nabi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab\u00a0Restaurant\/Caf\u00e9taria di\u00e9t\u00e9tique \u00bb yoba ari inyishu yo gufungura neza ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri restaurant\/caf\u00e9taria di\u00e9t\u00e9tique bategura ibifungurwa n\u2019ibinyobwa biva mu bimera. Canecane biba bifise intumbero yo kuvura no gukinga indwara zitandukanye biciye mu gufungura. Hatungimana Gilbert\u00a0ajejwe kumenyesha ibikorwa vyo mu kigo c\u2019ubuhinga n\u2019ubushakashatsi kijejwe kuvura no gukinga ingwara gikoresheje ibimera hamwe n\u2019ingaburo SONUTD, avuga ko batanguje umugambi wa restaurant na caf\u00e9taria di\u00e9t\u00e9tique. Aho na ho bakaba bategura icayi (tisane) gikozwe mu vyatsi-muti nk\u2019imibirizi, imikaratusi quinquina, \u2026 umusururu uhinguwe mu ruvange rw\u2019ibinyantete, amata y\u2019isosaya, umutobe uva mu vyamwa utongewemwo isukari, ibifungurwa n\u2019ibindi. Ivyo na vyo bakaba babikorera mu gisagara ca Bujumbura kw\u2019ibarabara ryitiriwe ubufaransa aho benshi bazi nko kwa Nayoti.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye no kumenya nimba ivyo bitegurirwa mu ma restaurant na caf\u00e9taria di\u00e9t\u00e9tique vyoba koko ari ingaburo-muti, Jean Paul Uwineza aremeza ko hari ama \u2018tisane\u2019 amw\u2019amwe ava mu vyatsi bisanzwe bivura. Agira ati\u00a0: <em>\u00ab Hariho\u00a0 ama \u2018tisane\u2019 avura abafise ikibazo c\u2019ingwara zo mu bihimba vy\u2019ihemero, mu mara, amaso, ukumeneka umutwe, igisukari, ukugumbiza mu nda, abagabo bafise ikibazo co kurangura amabanga mpuzabitsina, abagore batabomvye mu gihimba c\u2019irondoka canke bataryoherwa iyo bariko barararangura ibanga ry\u2019abubatse, n\u2019izindi\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga rero ahamagarira abantu kumenya kwihitiramwo ifungurwa zibubakira umubiri kuko ico umuntu afunguye ari na co magara yiwe. Mu gihe na ho habaye ikibazo gishingiye ku vyo gufungura, ngo kwitura abaganga hamwe n\u2019abanonosoye ibijanye n\u2019ingaburo ni wo woba umuti urashe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi tuzi ko gufungura neza ari ukwama turiko turarya inyama za buri mwanya, inkoko, imicopo, amafariti n\u2019ibindi. Eka mbere niyo tubonye umuntu yasesetse inda tugira duti&nbsp;: \u00ab Kanaka ibiyeri n\u2019inyama vyamushitse \u00bb. Ariko burya ngo siko gufungura neza, kuko ngo iyo umuntu yihereza infungurwa zimwe kurugero rurunze ngo sivyiza. Hariho mbere n\u2019abahisemwo gutegurira abandi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5547,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[323],"coauthors":[189],"class_list":["post-5543","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-gufungura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5543","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5543"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5543\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5549,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5543\/revisions\/5549"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5547"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5543"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5543"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5543"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5543"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}