{"id":5533,"date":"2020-08-20T12:45:44","date_gmt":"2020-08-20T10:45:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5533"},"modified":"2023-06-21T19:02:02","modified_gmt":"2023-06-21T17:02:02","slug":"umugirwa-gutora-ubusurira-urashushe-mu-ntara-zo-mu-buraruko-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugirwa-gutora-ubusurira-urashushe-mu-ntara-zo-mu-buraruko-burundi\/","title":{"rendered":"Umugirwa wo gutora ubusurira urashushe mu ntara zo mu buraruko bw\u2019Uburundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nimba hari umugirwa uhurumbiwe cane n\u2019imisore yo mu karere k\u2019uburaruko bw\u2019Uburundi, ni uwo bita \u00ab kuvumba canke gutora ubusurira&nbsp;\u00bb aho umusore mugenzi wabo yarongoreye. Nguku uko bigenda.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umunsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni wimirije, ni ho umusore agomba ashinge urwiwe, atora abasore b\u2019abizigirwa biwe, bazoja kumutera intege, igihe abatashe urubanza bose basubiye inyuma, abageni na bo binjiye mu nzu. Ntimuvyitiranye na ka kazi k\u2019umuhimbiri ko gukomera amashi munsi y\u2019ikirwa (uburiri) mu gihe umwami yaba ariko arubaka (arangurana amabanga y\u2019abubatse n\u2019umwamikazi wiwe).<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko twavyiganiwe na F. N, aba mu ntara ya Kirundo, amaze no gutora ubusurira ahatari hake, ngo abo basore baba batowe mu bandi baja ku musaya w\u2019inzu ahahereranye n\u2019idirisha rirabana n\u2019aho uburiri bw\u2019ababiranye buri, maze bakabanga amatwi kugira ngo bumvirize uko ibikorwa biriko biragenda.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Umwigeme yagize ubukwe aza yavutiye ku mabutura nk\u2019atanu ku buryo umuhungu bitamworohera kuzimukura zose ngo amushikire vyoroshe. Rero abo basore batorwa kugira ngo baze baramugira inama y\u2019ingene yobigenza, ntadebukirwe ngo ahave ata yomoke atarashika kw\u2019ijambo.<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari aho bikomera bakaja mu vyo gucirirana \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bagwanye kuva kera vyanse, akikora kuri ya misore bimubana amazi, uno musore araheza akinginga wa mugeni wiwe, akamwemerera amafaranga akabona gusoma ku nturire, ariko na ho nyene amuhaye make arashobora kuyanka. M.P, aheruka kwubaka na we nyene ava mu ntara ya Kirundo, aremeza ko uwo mugirwa n\u2019ubu ukiriho ariko ngo ugwiriye cane mu batize.<\/p>\n\n\n\n<p>Yagize ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ni vyo biraba, ariko nk\u2019iyo bishitse umugore akarusha inguvu umugabo, akamushikira arinze kumuhonga amahera, kenshi arayaruka, kuko amaze kumushikikira aramuhasha gushika aho asabisha ikigongwe ya yandi yari yatse kare, ubona ko bene abo bakobwa babanza kugorana baba ari amasugi<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Impundu umwana w\u2019umuhungu atsinze urugamba \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe bakavurugutanye, uno musore akambura umugeni impuzu zose, ndetse n\u2019igikorwa nyezina kikaba, ba bavumvyi b\u2019ubusurira aho batunye ku musaya w\u2019inzu baraheza bagatera intege uwarongoye, bagerageza kumukeza.<\/p>\n\n\n\n<p>Wa mugabo, araheza agasohoka kwiyereka ba basore, ariko agasiga ahanjagiye inzugi zose.&nbsp; Abavumvyi b\u2019ubusurira bakimubona, buno nyene bamurerurira mu kirere bamuzungurukana ku mbuga, bakerekeza ku rugo kwa Se, n\u2019indirimo nyinshinyinshi zo kumukeza, bati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Kezwa urajabutse inyanja y\u2019Ubusore<\/em>&nbsp;\u00bb. Baraheza rero bakamusubiza iwe, bakitegura, bakabazanira imfungurwa bakabona kuryama.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki barinda kunyinyurana kandi baba bareshanije, agatwengo ari kose&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko M. P abisigura, kuba babanza kwumvirizanya n\u2019akadugumba kakajejeta, suko umwana w\u2019umwigeme aba yagiye kwubaka atazi ikimujanye, namba nta n\u2019uko biva ku kutagira indero kwiwe, ahubwo nyabuna aba ashaka kwumviriza ko ari umugabo ashoboye koko, azomugwanira hagize ikibatera, ariko kandi akumviriza ko azomuganza mu rugo. Ikindi ngo kwari ukugira ngo amwereke ko batamuciye ubusugi, atari umuntu uwo ari we wese yapfa kumwuririrako.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nimba hari umugirwa uhurumbiwe cane n\u2019imisore yo mu karere k\u2019uburaruko bw\u2019Uburundi, ni uwo bita \u00ab kuvumba canke gutora ubusurira&nbsp;\u00bb aho umusore mugenzi wabo yarongoreye. Nguku uko bigenda. Umunsi w\u2019urubanza rw\u2019ubugeni wimirije, ni ho umusore agomba ashinge urwiwe, atora abasore b\u2019abizigirwa biwe, bazoja kumutera intege, igihe abatashe urubanza bose basubiye inyuma, abageni na bo binjiye mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5534,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[456],"coauthors":[231],"class_list":["post-5533","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-gutora-ubusurira"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5533","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5533"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5533\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5535,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5533\/revisions\/5535"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5534"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5533"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5533"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5533"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5533"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}