{"id":5521,"date":"2020-08-15T16:40:52","date_gmt":"2020-08-15T14:40:52","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5521"},"modified":"2023-06-21T18:58:02","modified_gmt":"2023-06-21T16:58:02","slug":"thomson-yoba-igiye-kutwibagiza-umukeke-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/thomson-yoba-igiye-kutwibagiza-umukeke-burundi\/","title":{"rendered":"Thomson yoba igiye kutwibagiza umukeke?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abatari bake mumenyereye Thomson ari izina ry\u2019umuntu. Ariko ubu ni Thomson izina ry\u2019ifi. Iyi fi iriko irahurumbirwa mu gisagara ca Bujumbura. Mbere ngo iriko iratwara isoko umukeke kubera igiciro cayo kitavuna. None Thomson iva he?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubu bwoko bw\u2019ifi ya Thomson burobwa mu mabahari (Oc\u00e9ans). Nyinshi mu zishika i Bujumbura ngo ziva i Mombassa zikaza zitekeye mu makarato hama zigashika zibikwa mu ma \u00abcong\u00e9lateurs\u00bb kugira abazigura bazitore zitarononekara, nk\u2019uko bishikirizwa n\u2019umudandaza wazo akorera kuri Cotebu. Izo fi rero, usanzwe utazizi neza ntiwopfa kuzitandukanya n\u2019umukeke wo mu kiyaga Tanganyika. Zirasa cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gisagara ca Bujumbura ahantu abantu bazi ko hoba hashorwa ifi nyinshi ni mw\u2019isoko yo kuri Cotebu. Aho rero ukihashika si ukuzigura gusa ahubwo abantu baratanguranwa. Uri indagara, nyamunyamu, imikeke, Thomson n\u2019izindi nyishi amazina yazo aheba agacangana mu mutwe. Hari abagura ku biro izo baza guteka, abarangura izobajana kudandaza mu makaritiye eka ntiworaba.<\/p>\n\n\n\n<p>Benigne ni umwe mu bariko bararangura ifi muri iyo soko yo kuri Cotebu kugira ace azijana kuzidandaza muri karitiye akoreramwo. Rero Thomsom ngo ni zo fi we akunda kurangura cane kuko arizo abakiriye basigaye bahurumbira kurusha imikeke kubw\u2019ingene zisumika ku giciro gito. Uyo muranguzi avuga ko, ku kiro Thomson zishobora kuranguzwa amafaranga ari hagati ya 5000Fbu na 7500Fbu mu gihe umukeke ushobora kuwuronka ku mafaranga ari hagati ya 12000Fbu na 20.000Fbu ku kiro bivanye n\u2019ubunini bwazo.<\/p>\n\n\n\n<p><br><strong>Thomson n\u2019umukeke ziratandukanye ku kanovera\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abamenyereye kwinovora akanovera kazo bavuga bemeza ko isose ya Thomson iteguye neza imanura ubugari, mbere n\u2019abana bagasigara barikomba intoke. Ariko, ngo ntizoshikira umukeke. Estella ni umwe mu bamaze gutegura no gufungura izo fi zose uko ziri ubwoko bubiri. Ku bijanye n\u2019akanovera agira ati: \u00ab Naho abantu tutaryoherwa kumwe, umuntu wese ariye izo fi zibiri, yo kwemeza ko umukeke wo muri Tanganyika uryoshe cane kurusha izo fi ziva mu mabahari. Nako ifi zo muri Tanganyika umenga zisanganywe umunyu muri zo. Thomson irasanzwe. Ariko uyitetse neza na yo iraryoha, mugabo umukeke uracari kw\u2019isonga. Iyaba ibiciro bingana ntawogura Thomson abona umukeke\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu badandaza aranguza ifi z\u2019umukeke na Thomson kuri Cotebu avuga ko izo fi zose zikundwa ariko hasohoka cane Thomson kubera ibiciro vyazo ari bito. Na yo ku bijanye n\u2019impamvu umukeke uzimvye gusumba Thomson kandi ariwo uva hafi, uwo mudandaza agerageza gusigura avuga ko uburovyi bubera mu mabahari buteye imbere cane gusumba ububera muri Tanganyika. Agira ati: \u00ab <em>Mu mabahari baroba ifi nyishi cane kubera ubuhinga bafise buteye imbere kandi bagaca baronka n\u2019uburyo bwo kuzibika butuma zitononekara. Biturutse rero k\u2019ukuba ari nyinshi baca baziranguza hirya no hino mu bihugu ku biciro bito kugira bagume baroba izindi. Ariko umukeke harobwa muke kubera uburovyi bukiri hasi cane mu Burundi kandi n\u2019uwubonetse ugaca uronderwa n\u2019abantu benshi. Baca bawuzimbako rero<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><br>Uwo mudandaza w\u2019ifi rero akabona ko kugira ibiciro vy\u2019ifi zirobwa mu Burundi bigabanuke ari uko hobaho umugambi wo guteza imbere uburovyi bu bebera mu biyaga n\u2019inzuzi biri mu gihugu. Reta n\u2019amashirahamwe abijejwe agashiramwo uburyo, ifi zikarobwa ku bwinshi kandi hagatunganywa n\u2019aho kuzishingura kugira ntizononekare. Bigenze ukwo, abarundi bofungura ifi zizimbutse mbere honaboneka n\u2019izo gushora hanze y\u2019igihugu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abatari bake mumenyereye Thomson ari izina ry\u2019umuntu. Ariko ubu ni Thomson izina ry\u2019ifi. Iyi fi iriko irahurumbirwa mu gisagara ca Bujumbura. Mbere ngo iriko iratwara isoko umukeke kubera igiciro cayo kitavuna. None Thomson iva he? Ubu bwoko bw\u2019ifi ya Thomson burobwa mu mabahari (Oc\u00e9ans). Nyinshi mu zishika i Bujumbura ngo ziva i Mombassa zikaza zitekeye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5522,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[455],"coauthors":[189],"class_list":["post-5521","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-thomson"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5521","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5521"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5521\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5525,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5521\/revisions\/5525"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5522"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5521"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5521"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5521"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5521"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}