{"id":5496,"date":"2020-08-12T11:51:16","date_gmt":"2020-08-12T09:51:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5496"},"modified":"2023-06-19T11:43:24","modified_gmt":"2023-06-19T09:43:24","slug":"itegeko-rihagarika-kombokombo-eac-ntirizwi-na-bose-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/itegeko-rihagarika-kombokombo-eac-ntirizwi-na-bose-burundi\/","title":{"rendered":"Itegeko rihagarika kombokombo muri EAC ngo ntirizwi na bose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Urudandazwa rw\u2019impuzu za kombokombo n\u2019ibirato vyambawe rurabandanya kubaho n\u2019ugutera imbere ukuri kwamye. Ivyo biri ukwo mu gihe mu mwaka wa 2016 <\/strong><a href=\"https:\/\/www.theeastafrican.co.ke\/tea\/business\/eac-retains-sale-of-second-hand-clothes-1432170\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\"><strong>abashikiranganji b\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019ubuseruko<\/strong> <strong>bari bafashe ingingo<\/strong><\/a><strong> y\u2019ukugenda barakuraho gahoro gahoro urwo rudandazwa kugira bateze imbere amahinguriro yo mu karere akora impuzu, ibitenge n\u2019ibirato.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro bitangwa n\u2019ikigo ISTEEBU vyerekana ko mu Burundi mu mwaka wa 2017, hinjijwe impuzu za kombokombo amatoni 6.010 ziciye amafaranga y\u2019amarundi imiriyaridi 6,7. Mu mwaka wakurikiye wa 2018, hoho urwo rundadazwa rwirwijije n\u2019incuro zigera zibiri, aho hinjijwe amatoni 11.336 y\u2019impuzu zifise agaciro ka mafaranga y\u2019amarundi angana n\u2019imiriyaridi 14,7.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019iyo ngingo yo gukuraho urudandazwa rwa kombokombo, bamwe mu badandaza izo mpuzu n\u2019ibirato kw\u2019isoko ya Ruvumera iri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko iyo ngingo batigeze bamenya ko yigeze yigwa. Kandi ko hamwe yonafatwa yoba ije kubakura amata mu kanwa. Prosper Bizimana wewe agira ati\u02d0 <em>\u00abSindota ndanavyiyumvira, kuko simbona ukwo noca mbaho. Uru rudandazwa maze imyaka icumi ndarukora kandi ni rwo buzima bwanje. Rwampaye umugore, runtungiye n\u2019umuryango\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong><em>Abazidandaza, \u2018\u2019abazikonesera\u2019\u2019 canke abazishira kuri \u2018\u2019ndri\u2019\u2019 bose ngo barahatorera akajisho<\/em><\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>No ku bazigura n\u2019ukwo nyene. Felix Ngendanzi, umunyeshure wo muri kaminuza yari mw\u2019iyo soko ya Ruvumera agira ati\u02d0<em>\u00abNdakunda kugura izi mpuzu za kombokombo kuko zigurwa amafaranga make cane ugereranije n\u2019ibiciro vy\u2019izo mu ma mangazini. Nk\u2019impuzu yo muri kombokombo igurwa 15.000Fbu wosanga igurwa nka 100.000Fbu mu mangazini\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Niyonzima na we nyene wo muri kaminuza asanzwe yisumamwo mu kudandaza izo mpuzu za kombokombo kugira asahirize ka \u00abminerval\u00bb kiwe, agira ati\u02d0<em>\u00abUru rudandazwa ruha akazi abantu benshi. baba abadandaza bakuru, twebwe batobato, hari n\u2019abashona bagasubiramwo izo mpuzu iyo zatabutse canke bakazisubiramwo kugira zikwire neza abaziguze, ico benshi bita \u00abgukonesera\u00bb canke \u00abgushira kuri ndri\u00bb, tutibagiye n\u2019abandi benshi. Ivyo vyose Reta yobanza kuvyigako mu gufata ingingo yo guhagarika uru rudandazwa\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong><em>\u00abIyo ngingo yoherekezwa n\u2019ibindi bikorwa\u00bb<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Niyonzima arongera ati\u02d0<em>\u00ab Iyo ngingo nimba yonafatwa, itegerezwa guherekezwa n\u2019izindi ngingo nk\u2019izo guteza imbere amahinguriro y\u2019ibitenge n\u2019impuzu aha mu gihugu cacu, kuko ukwo bimeze ubu nta mahinguriro ahari atanga umwimbu ukwiye wotuma impuzu za kombokombo ziba zirahagaritswe\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikaba mbere <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=ePePbm6Nmro&amp;feature=youtu.be\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">vyari vyanashikirijwe<\/a> na Gilbert Nzeyimana mu kwezi kwa Rusama kw\u2019uyu mwaka, umuyobozi mukuru&nbsp; wa Afritextile ryahoze ryitwa Cotebu, ishirahamwe rihingura ibitenge mu Burundi. Uwo murongozi amenyesha ko n\u2019umwimbu baronka w\u2019ipampa udakwiye. Agira ati\u02d0<em> \u00ab Umwimbu w\u2019ipampa turonka muri Cogerco ntukwiye urugero rw\u2019amatoni 3000 ku mwaka twebwe twipfuza. Ariko mu migambi yacu twipfuza ko tworonka amatoni 5000 ku mwaka kugira dushobore kugira umwimbu w\u2019ibitambara bikorwamwo impuzu ukwiye mu Burundi, tubashe no gushorera mu makungu\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yunganira mugenziwe, Felix Ngendanzi avuga ko nko mu bijanye n\u2019ibirato n\u2019aho reta yotegerezwa kwiga ingene hohabwa agaciro umwuga w\u2019ugushona ibirato, bagashinga amahinguriro y\u2019ibirato akozwe mu bikoresho (mati\u00e8res premi\u00e8res) bisanzwe vyoboneka ng\u2019aha ku butaka bw\u2019Uburundi nk\u2019insato, amapine canke ibi \u00abplastiques\u00bb, ngo Reta y\u2019Uburundi yokwongera igatunganya n\u2019ivyigwa vy\u2019ugushona ibirato ku rwaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko, ukwo urwo rudandazwa rusanzwe rukorwa ng\u2019aha i Burundi nko kw\u2019iyo soko ya Ruvumera rukorwa n\u2019abadandaza bakurubakuru bitwa (grossistes) barangura ibishweka babikuye hanze y\u2019igihugu hama bagaheza bakabigurisha mu gaturuturu ku badandaza batobato abo na bo bakaja kubidandaza mu yandi masoko canke bakabitemberana hagati mu ma karitiye.<\/p>\n\n\n\n<p>None ivy\u2019ukwo impuzu za kombokombo n\u2019ibirato vyambawe bihagarikwa kudandazwa mu Burundi no muri EAC, mwebwe mubibona gute? Mubivuga ko iki?<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urudandazwa rw\u2019impuzu za kombokombo n\u2019ibirato vyambawe rurabandanya kubaho n\u2019ugutera imbere ukuri kwamye. Ivyo biri ukwo mu gihe mu mwaka wa 2016 abashikiranganji b\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019ubuseruko bari bafashe ingingo y\u2019ukugenda barakuraho gahoro gahoro urwo rudandazwa kugira bateze imbere amahinguriro yo mu karere akora impuzu, ibitenge n\u2019ibirato. Ibiharuro bitangwa n\u2019ikigo ISTEEBU vyerekana ko mu Burundi mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5498,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[454],"coauthors":[189],"class_list":["post-5496","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-kombokombo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5496","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5496"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5496\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5502,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5496\/revisions\/5502"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5498"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5496"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5496"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5496"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5496"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}