{"id":5488,"date":"2020-08-09T10:29:55","date_gmt":"2020-08-09T08:29:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5488"},"modified":"2023-06-19T11:43:40","modified_gmt":"2023-06-19T09:43:40","slug":"burundi-umwanda-mu-kabare-biteye-isoni","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwanda-mu-kabare-biteye-isoni\/","title":{"rendered":"Umwanda mu kabare ? Biteye isoni !"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Sasa rero, Njebarikanuye aje yiyamiriza umwanda uteye ishishi wibonekeza ku bubare bumwebumwe bwo mu bisagara kandi bavuga ngo n\u2019ubwo abasirimu. Arababazwa n\u2019ukuntu umwanda mukuru canke muto uwusanga kumpome, ku rupangu canke mu kigo c\u2019akabare. Ubwo ba nyenebwo baraha agaciro amagara y\u2019abahatumbera canke bahuzwa n\u2019ifaranga gusa? Canke biva ku bahanwera?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mugenzi Gitimpoze,<\/p>\n\n\n\n<p>Si ishari canke inzigo ndagufitiye ry\u2019uko waronse ivyo ukora bikwinjiriza ifaranga. Oya. Ni akagohe nkebuzi. Ni ukuri kwose, narababaye. Igihe naza kunywera kwa karya kabare kawe kari mu gisagara nahavuye ndahiye ko ntazohagaruka. Umwanda uhari, mu vy\u2019ukuri uteye ishishi. Ni akamaramaza kubona akabare kitwa ngo n\u2019ak\u2019abasirimu, abantu bahurumbira, katagira ubwiherero busukuye. Ko mbona mubaga bakarya, icupa rigakurwa ku munwa n\u2019irindi, muba mwibaza ko bibaheramwo, canke muhuzwa n\u2019inoti gusa? Oya. Oya niwikebuke!<\/p>\n\n\n\n<p>Nta nkeka ko nawe ubibona ukigira uw\u2019ejo. Aho inyuma y\u2019akabare kawe hanuka cu! Akazu ka surwumwe ufise ntiwoba ukikamenya kuko, ukira kugahangara ugasanganirwa n\u2019ibigwi vy\u2019isazi ziduma hirya no hino. Uwutimvye akakinjira kubera umusonga awuta aho abonye hasigaye ikibanza, agasubirana inyuma umunuko. Mugenzi, ha agaciro abantu bahagendera. Kuko iyo bariye bakanywa bagahimba barakeneye aho biherera heza.Nibaja kwiherera bakicara canke bagahagara ku myanda bazohakura indwara nyishi zituruka kw\u2019isuku rike. Aho rero ntitwibagiye indwara z\u2019ama infections abigeme borwara mu giye boja kwicara kw\u2019urya mwanda uba uri kwa karya ka WC wibaza ngo ni toillete \u00e0 si\u00e8ge itagirirwa isuku.<\/p>\n\n\n\n<p>Reka nkucire agace mugenzi hari naho wokwikebuka. Hari umuntu mu bo twariko turasangira harya iwawe yakuneguye kubera isuku rike riri mu kazu ka surwumwe. Yambwiye ati: <em>\u00ab Nta mugabo acinjira muri irya WC, yumva ashatse kwihagarika aca aja ku kibambazi c\u2019ahari ubwiherero &nbsp;akaza ahejeje. Ab\u2019igitsina gore na bo ngo kubera gutinya infections bohakura, baraba ingene babigenza batarinze kwicara hama bakisohokera\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>None ga mugenzi, abantu bose ni bafata ingingo yo kutagaruka kunywera iwawe ntubona ko uzohava ubihomberamwo? Rero nka kurya utunganya amahera yo guhemba abakozi bakudandariza, raba wisuganye ugire n\u2019ubwiherero budateye ishishi. Wijukire n\u2019isuku kugira uwuzohaza azogire n\u2019umutima wo kuhagaruka. Birateye isoni gusohoka ngo ugiye gufata rimwe ryagufata ukabura aho urijana. None ubwo busirimu bakuvugako bushingiye kw\u2019ifaranga gusa? Akabare kawe ntaho gatandukaniye na bumwe bw\u2019urwarwa bwa ruguru, uwuhivye wese aja ahabonye.<\/p>\n\n\n\n<p>Gitimpoze, nk\u2019uko ukunda ko ivyawe bija imbere, niwige no guha agaciro amagara y\u2019abakugana. Utunganye kandi urwize utuzu twa surwumwe kandi ucunge twame dusa neza, kuko biteye isoni. Mbwira wewe n\u2019abameze nkawe bikubite agashi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Sasa rero, Njebarikanuye aje yiyamiriza umwanda uteye ishishi wibonekeza ku bubare bumwebumwe bwo mu bisagara kandi bavuga ngo n\u2019ubwo abasirimu. Arababazwa n\u2019ukuntu umwanda mukuru canke muto uwusanga kumpome, ku rupangu canke mu kigo c\u2019akabare. Ubwo ba nyenebwo baraha agaciro amagara y\u2019abahatumbera canke bahuzwa n\u2019ifaranga gusa? Canke biva ku bahanwera? Mugenzi Gitimpoze, Si ishari canke inzigo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5489,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[384,453],"coauthors":[189],"class_list":["post-5488","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-njebarikanuye","tag-umwanda"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5488","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5488"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5488\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5490,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5488\/revisions\/5490"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5489"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5488"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5488"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5488"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5488"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}