{"id":5483,"date":"2020-08-08T10:33:14","date_gmt":"2020-08-08T08:33:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5483"},"modified":"2023-06-19T11:43:46","modified_gmt":"2023-06-19T09:43:46","slug":"burundi-jean-pierre-niyongabo-umuyabaga-yahawe-akanoti-nigisunzu-mu-myaka-3-yungutse-imiriyoni-4","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-jean-pierre-niyongabo-umuyabaga-yahawe-akanoti-nigisunzu-mu-myaka-3-yungutse-imiriyoni-4\/","title":{"rendered":"Jean Pierre Niyongabo, umuyabaga yahawe akanoti n\u2019igisunzu : mu myaka 3 gusa yungutse hafi imiriyoni 4"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Agitangura urudandazwa rwavyo, urunganwe rwiwe ntirwamuha nirwere, mbere abatari bake ngo baranarondera kumuca intege ariko umwana w\u2019abahungu akabima amatwi, none mu myaka 3 yonyene, ageze ku miriyoni 4, yahereye ku mutahe w\u2019ibihumbi 5.000 vy\u2019amarundi. <\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Jean Pierre Niyongabo yavukiye muri komine Bukemba mu ntara ya Rutana, mu mwaka wa 1990. Yabuze abavyeyi biwe yiga mu mwaka wa 6, urugendo rw\u2019amashure yiwe ruba ruhagarariye aho. Bivanye n\u2019uko ata wundi yari afise yomuronsa ibikoresho vy\u2019ishure, n\u2019abavyeyi biwe bakaba bitahiye bisa n\u2019uko ata ho bamusiga, we na barumunawe 2, ni kwo kwigira inama yo guhagarika ishure kugira yiruke inyuma y\u2019agafaranga ngo arabe ko batoya biwe bo boguma kw\u2019ishure kandi bakaronka n\u2019utwo gufungura.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu ntango ntiyorohewe na mba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abaveyi biwe bamaze kwitahira, yaciye atangura urudandazwa rw&rsquo;amavoka mw&rsquo;isoko y&rsquo;i Gitega. Aho yari afise imyaka 12. Ariko rero amaze kubona ko udufaranga akura mu mavoka ari duke ku buryo hageze gusuma ivyo we na batoya biwe bafungura yasanga inyungu n&rsquo;umutahe bihakwa kujana, yatevye yinjira mu rudandazwa rw&rsquo;ibisunzu mu 2017. Niyongabo agira ati: \u00ab<em>Mu ntango nazungurukana igipanga, akagunira n\u2019isuka ku bitugu, nkagendagenda umuhana ku wundi mbaza abo ndahasanze ko ata gisunzu boba barateye bipfuza kugurishiriza mu kuzimu ( kuvyimba bisaba ubuhinga kuko kenshi ubijemeyeyo baguha make). Rero hari abanyereka aho biri bagize ubute bwo kuvyimba (kuko vyamira mu kuzimu) nkavyiyimbira naheza nkabiremeka umutwe nkaja kuvyanda ku kabarabara, nagirirwa ibakwe nkaronka abanshorera ijoro rikaba riravuyemwo eka n\u2019ikaramu ya batoya banje ikaba irabonetse<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Bivanye n\u2019uko Niyongabo yabona aho ku nzira yadandariza ataronka abakiriya neza nk\u2019uko yavyipfuza, yahavuye ava mu Rutana, aja i Gitega muri karatiye Swahili, kw\u2019ibarabara rya 4, aho abakiriya bamwitaba ku bwinshi iyo bitagoranye, nk\u2019uko abivuga&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Ubu ibisunzu vyinshi ndabirangurira mu ntara ya Rutana kandi ndinjiza amafaranga ari hagati ya 200.000 na 300.000 ku kwezi<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igisunzu kimukwera umugeni\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab <em>Umugeni mfise ndamukesha igisunzu. Caramunkwereye, kinkorera urubanza rw\u2019ubugeni, gushika ubu kiracanyambika n\u2019abanje, nanje sinzokiva inyuma n\u2019uworondera kugihonya mbona nomwitwarira kuko yoba agomba kumponyereza ubuzima <\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Uno munsi Niyongabo, ku myaka 30 yiwe, afise abana 2 kandi abo, co kimwe na benewabo ngo arabaronsa utwankenerwa. Ntiyashimye kwigungana urwo rudandaza, burya ngo yatevye arya akara mutoya wiwe yahejeje ishure ariko atararonka akazi, ubu barakorana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Indoto za Niyongabo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kwubaka ikigo co gufasha impfuvyi no kubarihira ishure, ico ni co gikorwa ca mbere yipfuza kurangura nko mu gihe urudandaza rwiwe rwotera imbere akaronka n\u2019abamushigikira.<\/p>\n\n\n\n<p>Aripfuza kandi ko yogura itongo rinini agatunganya umurima w\u2019akarorero maze akawuteramwo ibisunzu, gutyo akazohora abidandaza abikura hafi, eka mbere akazobihinguramwo ifu yofasha abagwayi b\u2019igisukari, ubona ko ari bo bavyirukira cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Pierre Niyongabo rero akaba asaba amashirahamwe ko yomufata mu mugongo kugira ngo izo ndoto ziwe azoshobore kuzishira mu ngiro vuba kuko agifise uburyo buke cane agereranije n\u2019ayo abona iyo migambi yomutwara.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong><strong>Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi \u00ab Tuyage \u00bb ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n\u2019ivy\u2019ubutunzi mu gihugu<\/strong>\u00a0\u00a0\u00a0\u00a0<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Agitangura urudandazwa rwavyo, urunganwe rwiwe ntirwamuha nirwere, mbere abatari bake ngo baranarondera kumuca intege ariko umwana w\u2019abahungu akabima amatwi, none mu myaka 3 yonyene, ageze ku miriyoni 4, yahereye ku mutahe w\u2019ibihumbi 5.000 vy\u2019amarundi. Jean Pierre Niyongabo yavukiye muri komine Bukemba mu ntara ya Rutana, mu mwaka wa 1990. Yabuze abavyeyi biwe yiga mu mwaka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5485,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[452],"coauthors":[231],"class_list":["post-5483","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-igisunzu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5483","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5483"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5483\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5487,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5483\/revisions\/5487"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5485"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5483"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5483"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5483"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5483"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}