{"id":5479,"date":"2020-08-06T12:17:55","date_gmt":"2020-08-06T10:17:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5479"},"modified":"2023-06-19T11:43:53","modified_gmt":"2023-06-19T09:43:53","slug":"burundi-kahise-ivyaranze-ingoma-yumwami-ntare-rugamba-1796-1852","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kahise-ivyaranze-ingoma-yumwami-ntare-rugamba-1796-1852\/","title":{"rendered":"Kahise : ivyaranze ingoma y\u2019umwami Ntare Rugamba (1796-1852)"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Umwami Ntare Rugamba ni umwe mu bami bakomeye b\u2019intibagiranwa muri kahise k\u2019igihucu c\u2019Uburundi. Yashitse ku ngoma mu mpera z\u2019ikinjana ca 18, Ntare Rugamba batazira Rutaganzwa kubera ubutwari yari afise ni we yaguye agwiza Uburundi incuro 2 atako ashinga imbibe zerekana aho igihugu kigarukira &nbsp;abicishije mu bitero yaza aragaba ku bundi bwami bihereranye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;<\/strong>Nk\u2019uko biri mu cigwa cakozwe na Emile Mworoha mu bijanye no kubungabunga inganzo z\u2019abami ziri muri komine Muruta, intara ya Kayanza (Etude de la mise en valeur Culturelle, Historique et Touristique des Tombeaux Royaux du Burundi en commune Muruta, province Kayanza en 2014), uyo mwami yari uwudasanzwe koko.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kubera <em>ibirundo<\/em> vy\u2019imivyimba y\u2019abanyarwanda bahasize amabwena, hitwa mu <em>Kirundo<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo mwami yarigaruriye Ubugesera, intwaro ya cami yatwarwa n\u2019Abahondogo bwari mu buraruko bushira ubuseruko bw\u2019Uburundi bw\u2019ubu. Ubwami bw\u2019i Bugesera bwagabuwe n\u2019umwami Ntare Rugamba hamwe na Mibambwe Sentabyo, umwami w\u2019Urwanda. Imbibe zigabura Urwanda n\u2019Uburundi zashinzwe ku biyaga Cohoho na Rweru. Rugamba ni we yihagiye Kibamba, umurwa mukuru w\u2019Ubugesera atuma Nsoro Nyabarega ahungira mw\u2019izinga ritoya ry\u2019ikiyaga Cohoha. Iyindi ndwano yerekanye ubutwari bwa Ntare Rugamba, ni ingwano yahuje uyu mwami w\u2019Uburundi n\u2019uw\u2019Urwanda Yuhi Gahindiro aho yariko aragerageza kwongera kwigarurira igice ca Bugesera kiri mu Burundi. Bivanye n\u2019ingene abarundi bari bahagaze neza ku misozi ya Shinge na Rugero, abagwanyi b\u2019Uburwanda barahoneye mu Kirundo. Kubera ibirundo vy\u2019imivyimba y\u2019abanyarwanda yari iharundarunze, aho hantu haciye hahindura izina hitwa mu Kirundo &nbsp;kugeze n\u2019ubu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubuyogoma bwomekwa ku Burundi kubera umuganwakazi Jururyakugwa yasa n\u2019irirenga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Buyogama n\u2019Imbo ni uburere bundi bubibiri bwigaruriwe n\u2019umwami Ntare Rugamba bwomekwa ku Burundi. Ivyo rero biri ukwo mu gihe Buyogoma yari iri mu bwami bw\u2019i Buyungu bwatwarwa na Ruhaga, bukaba bwari mu buraruko bw\u2019Ubuha. Icatumye Buyogoma yomekwa ku Burundi, kahise kavuga ko, Ntare Rugamba yoba yipfuje kwabira umuganwakazi yasa n\u2019irirenga, Jururyakugwa. Umukobwa w\u2019umwami w\u2019i Buyungu. Ariko Ruhaga umwami w\u2019i Buyungu aca amurungikira uwundi mukobwa atari Jururyakugwa. Niho Ntare Rugamba yaca atera Ubuyogoma akabwomeka ku Burundi n\u2019imiryango y\u2019abatutsi, abakundo n\u2019abashoka bari benshi muri ako karere baca biyunga n\u2019umwami mushasha. N\u2019igitero co kwigarurira akarere k\u2019Imbo kiri mu vyerekanye ubutwari bw\u2019umwami Ntare Rugamba.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umupfumu Ndwano ya Runyota rwa Nyamigogo, iturufu ya Ntare Rugamba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igitero ca nyuma Ntare Rugamba yagize cari ico kwomeka Ubugufi ku buraruko bw\u2019Uburundi. Mwomenya rero ko ivyo bitero vyose yagira, Ntare Rugamba yabishobozwa n\u2019abasoda biwe bari bakomeye cane bitwa Abatezi hamwe n\u2019umupfumu w\u2019igihangange atanazokwibagiranwa mu barundi yitwa Ndwano ya Runyota rwa Nyamigogo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ashaje kandi agwaye indwara y\u2019ibinyoro, Ntare Rugamba yasandabiye i Mugera mu 1852. Ingogo (ikiziga) yiwe ica ijanwa ku Nkiko i Mugamba hama aca ashingurwa i Muganza mu Kayanza aho inganzo yiwe yarindwa n\u2019Abanyange.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umwami Ntare Rugamba ni umwe mu bami bakomeye b\u2019intibagiranwa muri kahise k\u2019igihucu c\u2019Uburundi. Yashitse ku ngoma mu mpera z\u2019ikinjana ca 18, Ntare Rugamba batazira Rutaganzwa kubera ubutwari yari afise ni we yaguye agwiza Uburundi incuro 2 atako ashinga imbibe zerekana aho igihugu kigarukira &nbsp;abicishije mu bitero yaza aragaba ku bundi bwami bihereranye. &nbsp;Nk\u2019uko biri mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5481,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[451],"coauthors":[189],"class_list":["post-5479","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-ntare-rugamba"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5479","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5479"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5479\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5480,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5479\/revisions\/5480"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5481"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5479"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5479"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5479"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5479"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}