{"id":5464,"date":"2020-08-03T17:35:41","date_gmt":"2020-08-03T15:35:41","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5464"},"modified":"2023-06-19T11:44:08","modified_gmt":"2023-06-19T09:44:08","slug":"burundi-impamvu-ikirori-miss-ngozi-kugasaka-2020-kiriko-kiravugwako-vyinshi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-impamvu-ikirori-miss-ngozi-kugasaka-2020-kiriko-kiravugwako-vyinshi\/","title":{"rendered":"Impamvu ikirori ca Miss Ngozi Kugasaka 2020 kiriko kiravugwako vyinshi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ihiganwa ryabaye kur\u2019uwu wa gatandatu i Ngozi ryasozerewe n\u2019itangwa ry\u2019ubushimwe butandukanye bwatanzwe na BBCI na Finbank buriko buravugisha benshi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu batowe muri iryo higanwa ryabaye kuri uwu wa 1 Myandagaro, avuga atarya umunwa. Ati : \u00ab <em>Ubushimwe baduhaye buri munsi cane y\u2019amahera twakoresheje mu kwitegurira iryo higanwa. Ushima n\u2019ama hoteri bari bemeye ko bazoturihira twashitseyo batubwira ko twimenya indwi yose. Aho ntiduharuye amahera twakoresheje mu gusaba abantu badutore kuko uwubwiye yagusaba ama mega. Natwe twayabagurira twiteze ko tuzoyagaruza mu bushimwe. Gushika naho uwa make-up n&rsquo;uwutwambika babatwimye, tuza gusigana hagati yacu. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Miss Popularity yaronse 100.000 Fbu ni we ariko aravugisha abantu benshi. Bamwe bati : \u00ab <em>Biteye ubwoba n\u2019agahinda kubona ibanki izwi nka Finbank itanga agashimwe nk\u2019ako mu gihe tuzi igihagararo cayo. Na \u00ab\u00a0ch\u00e8que\u00a0\u00bb banditseko ayo mahera ubwayo irarenza agaciro ako gashimwe.<\/em> \u00bb <br>Abandi bati : \u00ab <em>Burya abanyabuhinga (\u00ab\u00a0Artistes\u00a0\u00bb) ni bo batiha agaciro ubwabo. Kuko ugiye gusaba ibanki igufashe, iguha amahera iravye ico yinjiza, kuko n\u2019umudandaza akeneye kwunguka mu vyo arangura. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Blaise-Pascal Nshimirimana, arongoye ishirahamwe \u00ab Panda Entertaimnent \u00bb, agomba gusigura igituma hatanzwe amafaranga make kuri Miss popularity, agira ati : \u00ab <em>Ni bishasha, Miss popularity nta gashimwe yahora ahabwa. <\/em>\u00bb Na yo kw\u2019ihiganwa ryose, amenyesha ati : \u00ab <em>Ikimbabaje, ni uko abo bose bariko baravuga menshi kw\u2019iyo banki no kw\u2019ihiganwa muri rusangi ata n\u2019umwe yigeze atanga n\u2019urumeya. Ayo twatanze (1.100.000 Fbu) ni yo yashoboye kuboneka.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko mu gihe Boris-Evrard Mucowintore, amenyerewe mu vyo gufasha mu gutegura ibirori, wewe avuga ko yamaze kwegeranya amahera arenga imiriyoni 3 yo guha ubundi bushimwe abo bigeme baraye batowe i Ngozi. \u00ab <em>Naronse ingabire y\u20191.500.000 Fbu yo guha abo bigeme 3 batsinze iryo higanwa [\u2026] Naronse n\u2019iyindi ngabire y\u20192.000.000 Fbu, ariko uwayitanze yambwiye ko ndayaha Miss popularity.<\/em> \u00bb <br>Ntibigiye kworoha.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ihiganwa ryabaye kur\u2019uwu wa gatandatu i Ngozi ryasozerewe n\u2019itangwa ry\u2019ubushimwe butandukanye bwatanzwe na BBCI na Finbank buriko buravugisha benshi. Umwe mu batowe muri iryo higanwa ryabaye kuri uwu wa 1 Myandagaro, avuga atarya umunwa. Ati : \u00ab Ubushimwe baduhaye buri munsi cane y\u2019amahera twakoresheje mu kwitegurira iryo higanwa. Ushima n\u2019ama hoteri bari bemeye ko bazoturihira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5465,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[55],"coauthors":[34],"class_list":["post-5464","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-ngozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5464","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5464"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5464\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5469,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5464\/revisions\/5469"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5465"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5464"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5464"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5464"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5464"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}