{"id":5457,"date":"2020-08-03T12:05:47","date_gmt":"2020-08-03T10:05:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5457"},"modified":"2023-06-19T11:44:18","modified_gmt":"2023-06-19T09:44:18","slug":"burundi-umwana-yorarana-nabavyeyi-kugeza-ryari","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwana-yorarana-nabavyeyi-kugeza-ryari\/","title":{"rendered":"Umwana yorarana n\u2019abavyeyi kugeza ryari ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu migenzo y\u2019abarundi, umwana yararana n\u2019abavyeyi gushika acuke nakare haba hageze ko akurikirwa ariko bamwe ntibakibibona uko, ng\u2019umwana abaje kugora abikundanira abandi ngo yohabonera ibimurengeye ataragera.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kumenya igihe umwana areka kurarana n\u2019abavyeyi ni kimwe mu bibazo biteye impari mu bavyeyi bakiri bato. Kuri bamwe na canecane abifise, bavuga ko umwana umutegurira icumba araramwo ataranavuka ukagishiramwo vyankenerwa n\u2019akuma kumviriza amajwi y\u2019umwana mu gihe yorira mugabo akirarana. Abandi nabo ngo nyabuna umwana uramureka akaba arifyinira ku bavyeyi kuko bitaronka bose.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abahinga mu vy\u2019inyifato n\u2019indero y\u2019abana bo babivuga ko iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Alexis Ndayizeye umuhinga mu vy\u2019inyifato n\u2019indero y\u2019abana akaba anarongoye ikigo \u00abTurere hamwe\u00bb c\u2019ubuhinga bw\u2019indero no kugorora inyifato aremeza ko nyabuna ari vyiza ko umwana ararana n\u2019abavyeyi biwe kuko ari akaryo ko kwidagadura ku bavyeyi usanga mbere rimwe na rimwe batanirirwanye bigafasha gukomeza urukundo hagati yabo. Ariko rero hari igihe kigeze umwana ategerezwa kuja kurarana n\u2019abandi bana. Uwo muhinga abandanya asigura ko ata myaka itegerejwe ihari ariko ko ico gihe abavyeyi bakimenya bihweje intambuko ngenderwako yo gukura k\u2019umwana agezeko.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/nizigiym-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5459\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/nizigiym-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/nizigiym-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/nizigiym-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/08\/nizigiym.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption>Alexis Ndizeye yanonosoye ivyinyifato n&rsquo;inyigisho z&rsquo;abana<\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Ku ntambuko ya mbere akaba ari harya umwana akivuga gushika nko ku myaka nk\u2019ibiri, muri ico gihe umwana aba ashira mu kanwa ikintu cose atoye kuko uburyohe bw\u2019igitsina (zone \u00e9rog\u00e8ne) abwumvira mu kanwa akaba ariho yumva anezerewe cane, ico gihe aba akiri na muto. Intambuko ya kabiri, umwana aba afise hafi nk\u2019imyaka nk\u2019ibiri agakunda kwifata canke kuja ku mwanda mukuru eka mbere no gutobanga amazirantoke yiwe. Muri ico gihe umwana uburyohe bw\u2019igitsina abwumvira mu gisusu. Inyuma y\u2019izo ntambuko z\u2019aho umwana yahora yumvira uburyohe mu kanwa canke mu gisusu buca bwimukira mu gitsina. Umwana aba afise nk\u2019imyaka nk\u2019itatu canke irenga akagerageza kwifata nk\u2019umuvyeyi basangiye igitsina kugira ashimwe n\u2019umuvyeyi badasangiye igitsina. Iyo umwana ashikiriye iyo ntambwe haba hageze ko akinjura akaja mu bandi bana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki igihe kigera ko umwana atararana n\u2019abavyeyi ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga mu vy\u2019inyifato n\u2019indero y\u2019abana agira ati: <em>\u00abSivyiza ko umwana ageze kuri iyo ntambwe yoguma arara hamwe n\u2019abavyeyi kuko aba atanguye guca ubwenge akanabona abavyeyi biwe bariko barangura amabanga y\u2019abubatse ntatahure ibiriko biraba bigashika bikanamutera n\u2019ubwoba yibaza ko bariko baraniganira mu busaswa. Hari n\u2019igihe iyo ari nk\u2019agahungu agatsina gahaguruka kandi imitsi itarakomerera ico gikorwa\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Ndayizeye abandanya abivuga, ngo ivyo birashobora kugira ingaruka mbi nyinshi ku buzima bw\u2019umwana kuko bishobora gutuma yanka umwe mu bavyeyi yibaza ko agirira nabi uwundi. Hari n\u2019abana baca bagira ingorane zo kwiga no gukurikirana ivyigwa vyo mw\u2019ishure ndetse hari n\u2019abana bageze mu bigero batinya amabanga mpuza bitsina bivuye kwihahamuka bagize bakiri bato mbere ku bahungu hakandurukiramwo n\u2019ikibazo c\u2019igitsina kidahaguruka. Hari n\u2019abana baca baja barerekana mu bandi bana ivyo abavyeyi babo barara barakora canke birirwa barakora.<\/p>\n\n\n\n<p>Alexis Ndayizeye agakebura abavyeyi ngo bafate nkankama ikintu cose mu ndero y\u2019ikibondo&nbsp;&nbsp; kandi ntibatinye kubaza akababakiye abahinga na kare ngo izija guhona zihera mu ruhongore.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu migenzo y\u2019abarundi, umwana yararana n\u2019abavyeyi gushika acuke nakare haba hageze ko akurikirwa ariko bamwe ntibakibibona uko, ng\u2019umwana abaje kugora abikundanira abandi ngo yohabonera ibimurengeye ataragera. Kumenya igihe umwana areka kurarana n\u2019abavyeyi ni kimwe mu bibazo biteye impari mu bavyeyi bakiri bato. Kuri bamwe na canecane abifise, bavuga ko umwana umutegurira icumba araramwo ataranavuka ukagishiramwo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":36,"featured_media":5463,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[449],"coauthors":[442],"class_list":["post-5457","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-umwana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5457","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/36"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5457"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5457\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5460,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5457\/revisions\/5460"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5463"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5457"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5457"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5457"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5457"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}