{"id":5450,"date":"2020-07-30T12:49:06","date_gmt":"2020-07-30T10:49:06","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5450"},"modified":"2023-06-19T11:44:43","modified_gmt":"2023-06-19T09:44:43","slug":"burundi-gukinga-coronavirus-mu-miduga-yunguruza-ingenzi-haracari-ivyo-gukora-atrabu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-gukinga-coronavirus-mu-miduga-yunguruza-ingenzi-haracari-ivyo-gukora-atrabu\/","title":{"rendered":"Gukinga Covid 19 mu miduga yunguruza ingenzi : haracari n\u2019ibindi vyo gukora"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>K<\/strong><strong>u bituro vy\u2019imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura hari hasanzwe itegeko ryuko umuntu wese yinjira mu muduga abanza gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune. Ishirahamwe ryunguruza abantu n\u2019ibintu Atrabu rikaba ryongereyeko iyindi ngingo yuko umushoferi n\u2019umu Convoyeur wese abwirizwa kuba yambaye agapfukamunwa nk\u2019itegeko igihe cose ari ku kazi kiwe mu ntumbero yo gukinga ikwiragizwa rya Covid-19.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri uwu wa 29 Mukakaro 2020, ku gituro gikuru kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, ishirahamwe Atrabu ryatanguje icese ibikorwa vyo kwambika udupfukamunwa nk\u2019itegeko abashoferi n\u2019aba \u00abconvoyeurs\u00bb bunguruza abantu. Udupfukamunwa tumesurwa 1000 akaba aritwo batanguje mu ntumbero yo gukinga ikwirakwizwa rya Covid-19 nk\u2019uko biri mu mwitwarariko wa Reta. Ariko iryo shirahamwe rikamenyesha ko hategekanijwe gutangwa udupukamunwa 4500 ku bunguruza abantu bose bakorera mu gisagara ca Bujumbura, kandi ko babandanya badodora mu bo bakorana kugira ico gikorwa gishike no hagati mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu biyunguruza n\u2019amabisi, barashima iyo ngingo yo kwambika udupfukamunwa abashoferi n\u2019aba \u00abconvoyeurs\u00bb. Mpuhweyimana umwigeme yagira afate ibisi ija mu Kamenge agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Aba <\/em><em>\u201c<\/em><em>convoyeurs<\/em><em>\u201d<\/em> <em>bagenda baravugira hejuru y\u2019abo batwaye. Mu gutoza amahera usanga bagenda baravuga amate yabo akaguma agwa ku bakiriya. Hamwe bokwubahiriza iyo ngingo bakama bambaye utwo dupfukamunwa vyofasha<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Ariko akibaza nimba bitazohava bimera nk\u2019ingingo zafashwe n\u2019abanguruza abantu ku mapikipiki (Amotabu) zo kugendana akabido k\u2019amazi n\u2019isabune kugira umukiriya wese abanze gukaraba imbere yo gufata urugendo. Iyo ngingo ikaba yaheze amazi mayongo.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/IMG-20200729-WA0034-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5452\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/IMG-20200729-WA0034-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/IMG-20200729-WA0034-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/IMG-20200729-WA0034-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/IMG-20200729-WA0034.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Abahinga bo mu bushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu bavuga ko covid 19 batayikingira gusa biciye mu kwambara agapfukamunwa, ahubwo ngo na harya nyene abakiriya bicara canke harya bagenda barifadikiza boshobora kuhandurira. Biboneka ko hamwe hoshirwaho n\u2019itegeko ryo guhanagura imiduga yunguruza abantu bakoresheje isabune y\u2019amazi arimwo imiti yica imigera vyoba vyiza. Kugira umukiriya ahejeje gukaraba neza n\u2019isabune, agakubitako agapfukamunwa kiwe aca yicara mu kibanza gisukuye neza. Mbere convoyeur yokwitwaza amavuta yica imigera kugira n\u2019abakiriya bahitana mu nzira babanze gukaraba imbere yuko basanga abandi iyo bicaye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ico Atrabu ibivugako\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Charles Ntirampeba umunyamabanga mukuru muri Atrabu avuga ko ingingo yuko abunguruza abantu babwirizwa kwambara agapfukamunwa bazoyikurikirana gushika itsimbataye mu bashoferi bose, baba abari mu gisagara ca Bujumbura canke abo hagati mu gihugu. Uyo munyamabanga akamenyesha ko basanzwe bakorana n\u2019inzego z\u2019umutekano hamwe n\u2019abajejwe intwaro. Abunguruza abantu bazofatwa barenze kw\u2019itegeko ryashinzwe barashobora gushikanwa imbere. Ariko ikizihutirwa n\u2019uko hari amategeko abagenga mw\u2019ishirahamwe Atrabu ashobora kwisungwa mu kubafatira ibihano. Ku bijanye n\u2019ingingo zafashwe muri Amotabu zo kwitwaza amazi mu tubido, Ntirampeba avuga ko muri Atrabu batararonka raporo yerekana yuko bitakurikijwe ariko akamenyesha ko naho ingingo za Amotabu zoba zarahagaze bidasa n\u2019ivyo vyokwambara udupfukamunwa kuko atrabu ariyo ivyifatiye mu minwe, ko bitegerezwa gushirwa mu ngiro vyanka bikunda kuko biri mw\u2019ihangiro bihaye. Kanatsinda Atrabu yabishizemwo uburyo.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo ku bijanye n\u2019uko imiduga yose yohanaguzwa imiti yica imigera, uyo munyamabanga avuga ko, ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu bwari bwasavye Atrabu ko boshira mu ngiro iyo ngingo ariko bivanye n\u2019uko ari igikorwa gitwara uburyo bwinshi burengeye ubwo Atrabu ifise, ngo bahereye ku dupfukamuwa. Ariko akamenyesha ko iyo ngingo iri mu migambi babandanya bakorana n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu kugira barabe ingene uburyo bwo kubishira mu ngiro bwoboneka.<\/p>\n\n\n\n<p>Kwikingira no gukingira abandi Covid 19 ni igikorwa c\u2019umuntu wese. Minani Bosco arongoye ishirahamwe Atrabu atera akamo abantu bose kwijukira gushira mu ngiro amabwirizwa yose bahabwa n\u2019abajejwe amagara y\u2019abantu akanahamagarira abunguruza abantu bose kuza baributsa abakiriya babo gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune canke kwisiga mu ntoke amavuta yica imigera imbere yuko batangura urugendo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku bituro vy\u2019imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura hari hasanzwe itegeko ryuko umuntu wese yinjira mu muduga abanza gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune. Ishirahamwe ryunguruza abantu n\u2019ibintu Atrabu rikaba ryongereyeko iyindi ngingo yuko umushoferi n\u2019umu Convoyeur wese abwirizwa kuba yambaye agapfukamunwa nk\u2019itegeko igihe cose ari ku kazi kiwe mu ntumbero yo gukinga ikwiragizwa rya Covid-19. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5451,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[519],"coauthors":[189],"class_list":["post-5450","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-covid19"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5450","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5450"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5450\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5453,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5450\/revisions\/5453"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5451"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5450"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5450"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5450"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5450"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}