{"id":5442,"date":"2020-07-29T10:25:44","date_gmt":"2020-07-29T08:25:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5442"},"modified":"2023-06-19T11:44:53","modified_gmt":"2023-06-19T09:44:53","slug":"rouge-a-levres-ni-mbi-ku-magara-yumuntu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/rouge-a-levres-ni-mbi-ku-magara-yumuntu-burundi\/","title":{"rendered":"Rouge \u00e0 l\u00e8vres : n\u2019ubwo ihurumbirwa, ni mbi ku magara y\u2019umuntu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uko umwaka utashe, kw\u2019igenekerezo rya 29 Mukakaro harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe \u00ab\u00a0Rouge \u00e0 l\u00e8vres\u00a0\u00bb. Abantu benshi b\u2019igitsina gore bakaba bayihurumbira bayisiga ku minwa yabo kugira baboneke neza. Abahinga bakamenyesha ko muri Rouges \u00e0 L\u00e8vres harimwo aluminium, plomb na chrome zitera indwara zitandukanye ku magara y\u2019umuntu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nimba hari ikintu kigurwa cane mu bintu abagore bakoresha mu kwimonora, ni Rouge \u00e0 l\u00e8vres. Iyo na yo akaba ari akarangi bisiga ku minwa kugira ihindure ibara. Bavuga ko, kw\u2019isi rouge \u00e0 l\u00e8vres 1 kuri buri segonda 27 iba iguzwe. Ukwo kuyihurumbira ku kaba kuri mu gushaka kwihindura no kuboneka neza ku munwa no mu maso. Kanatsinda ngo ni co kigwanishwa ca mbere ku bagore gituma abantu babagomwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Nasla Kenny Mwizero umwigeme akunda gusiga Rouge \u00e0 l\u00e8vres avuga ko atova mu nzu atagashizeko, kandi ko katonabura mu gasaho kiwe yitwaza. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Nta mukobwa canke umugore wo kutaboneka neza.Uhejeje kwambika neza umubiri impuzu, ikiba gisigaye ni ukwikora no kwambika iminwa akarangi kugira umwenyuye uhimbare abakuraba. Rouge \u00e0 l<\/em><em>\u00e8<\/em><em>vres ituma abayisiga batagata ku minwa, eka mbere igatuma n\u2019abakuze baboneka nk\u2019abakiri bato<\/em><em> \u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/rouge-levre.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5446\" width=\"408\" height=\"444\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/rouge-levre.jpg 433w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/rouge-levre-275x300.jpg 275w\" sizes=\"auto, (max-width: 408px) 100vw, 408px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ingaruka mbi ntizibuze\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dr Belyse Kaneza umurundikazi yanonosoye ibijanye n\u2019indwara zo ku ruhu avuga ko muri Rouge \u00e0 l\u00e8vres co kimwe no mu bindi bihingurwa vyose bikoreshwa mu kwisiga haba harimwo ibintu bita \u00abcolorants, conservants hamwe na m\u00e9taux lourds\u00bb bishobora gutera ingwara. Afatiye ku vyo abahinga bajejwe gusuzuma ubwiza bw\u2019ibidandazwa n\u2019imiti berekanye, Dr Belyse Kaneza avuga ko muri rouge \u00e0 l\u00e8vres harimwo aluminium, plomb na chrome izo nazo zikaba zotera ingwara z\u2019uguhurirwa ku rukoba, guhungabana mu mubiri, guhungabana mu mitsi nsoza bwenge hamwe na za kanseri zitandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyigwa vy\u2019abashakashatsi bo muri Kaminuza ya Berkeley yo muri Californie baremeza ko muri Rouge \u00e0 l\u00e8vres harimwo ama \u00abm\u00e9taux lourds\u00bb (Aluminium, Plomb na Chrome). Rero ngo abantu bisiga Rouge \u00e0 l\u00e8vres ku munwa, usanga hari iyo bamira ikabaja mu nda. Kandi n\u2019abana n\u2019abagabo basomagurana n\u2019abayisize boba bayimirako utumirigarama na duke. Kukabankako ubwo bushakashatsi bwerekana ko abayisiga bashobora kumira iyiri hagati ya mirigarama 24 na 87 ku munsi. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko muri ubwo bushakashatsi bwakozwe na kaminuza ya Berkeley bwerekanye ko ku bwoko bwa Rouge \u00e0 l\u00e8vres 32 bizeko, 24 murizo zifise plomb ishobora guteza ikibazo c\u2019irondoka hamwe n\u2019ic\u2019ukudakora neza kw\u2019ubwonko, na yo chrome ikaba yotera ibivyimba mu gitigu, mu ma fyigo n\u2019ahandi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uko umwaka utashe, kw\u2019igenekerezo rya 29 Mukakaro harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe \u00ab\u00a0Rouge \u00e0 l\u00e8vres\u00a0\u00bb. Abantu benshi b\u2019igitsina gore bakaba bayihurumbira bayisiga ku minwa yabo kugira baboneke neza. Abahinga bakamenyesha ko muri Rouges \u00e0 L\u00e8vres harimwo aluminium, plomb na chrome zitera indwara zitandukanye ku magara y\u2019umuntu. Nimba hari ikintu kigurwa cane mu bintu abagore bakoresha mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5443,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[601],"coauthors":[189],"class_list":["post-5442","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ubwiza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5442","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5442"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5442\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5447,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5442\/revisions\/5447"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5443"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5442"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5442"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5442"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5442"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}