{"id":5434,"date":"2020-07-27T10:43:12","date_gmt":"2020-07-27T08:43:12","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5434"},"modified":"2023-06-19T11:45:08","modified_gmt":"2023-06-19T09:45:08","slug":"urudandazwa-rwo-kurungikiranira-amahera-kuri-terefone-rwifashe-gute-arct-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urudandazwa-rwo-kurungikiranira-amahera-kuri-terefone-rwifashe-gute-arct-burundi\/","title":{"rendered":"Urudandazwa rwo kurungikiranira amahera biciye kuri terefone rwoba rwifashe gute mu Burundi ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nimba hari isoko ivumye cane muri Afirika ndetse no mu Burundi hadasigaye inyuma, ni iyijanye n\u2019urudandazwa rwo guhanahana amafaranga biciye kuri terefone. Muri iyi nkuru, turabayagira ibijanye&nbsp;n\u2019ibiharuro vya nyuma vyasohowe na ARCT, ikigo kiraba ivyo gutumatumanako amakuru, mu gice ca kane c\u2019umwaka wa 2019.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko ico kigo kibishikiriza, muri ico kiringo, isoko y\u2019ihanahanwa ry\u2019amafaranga&nbsp; biciye kuri terefone&nbsp; mu Burundi yerekana ko&nbsp; ibikorwa vyo kurungika no kubikura amafaranga vyakozwe incuro zirenga imiriyoni 12, bikaba vyari biciye imiriyaridi z\u2019amarundi 338. Umuntu agereranije, asanga&nbsp; ayo mafaranga asumba&nbsp; ayo Reta&nbsp; ishira mu gisata c\u2019indero, igisata gihabwa uburyo bwinshi. Kuva muri Gitugutu gushika muri Kigarama, umwaka wa 2018, umwirimburo wakozwe n\u2019ico kigo werekanye ko ibikorwa vyo kurungika no kubikura amafaranga vyakozwe incuro imiriyoni 7, hakoreshwa amafaranga angana imiriyaridi 238.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko abakoresha ibisata vyo kurungikiranira amafaranga biciye muri ubwo buhinga mu Burundi basanzwe babizi, iyo soko ifiswe n\u2019ibisata 3 ari vyo EcoCash, Smart Pesa na Lumicash. Mu kwezi guheze kwa Kigarama, ivyo bisata vyari bifise amakonti arenga imiriyoni 4 mu gihe muri ukwo kwezi nyene, umwaka wa 2018 konti zari imiriyoni 3,4. Yamara, hisunzwe umwirimburo wakozwe,&nbsp; urugero rw\u2019ikoreshwa ry\u2019ivyo bisata mu kiringo c\u2019amezi 3 ruracari hasi&nbsp;: ruharurirwa mu bice 20%.<\/p>\n\n\n\n<p>Hamwe n\u2019ivyo, mwomenya ko ico kigo cerekana ko amafaranga ivyo bisata uko ari 3 vyinjije mu kiringo c\u2019amezi atatu&nbsp; angana imiriyaridi 4,8 ni ukuvuga ko ayinjijwe mu gice ca nyuma c\u2019umwaka wa 2018 kigizwe n\u2019amezi 3 nyene, yigwije kabiri. Ntitwokwibagira kandi kwerekana igitigiri kidasanzwe c\u2019abakorera muri ivyo bisata&nbsp;: cikuvye incuro zirenga 2. Bavuye ku 29&nbsp;000 baja ku 67&nbsp;000.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubamenyeshe kandi ko mw\u2019isi nzima, umugabane wa Afirika ari wo uza&nbsp; imbere mu bijanye no gukora urwo rudandaza rwo kurungikiranira amafaranga biciye kuri terefone. Nta ngere yo mu karere ka Afirika yo mu bumanuko bwa Sahara:&nbsp; mu mwaka wa 2019, mu karere gakoreramwo ibisata 144 harimwo na M-pesa, ukurungikiranira amafaranga n\u2019ukuyabikura vyakozwe incuro zingana imiriyaridi 23,8 mu gihe mw\u2019isi yose vyakozwe ku ncuro imiriyaridi 37,1. Ni ukuvuga ko ako karere karangura ivyochu bikorwa ku bice 64,15% kw\u2019isi nzima.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong><strong>Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi \u00ab Tuyage \u00bb ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n\u2019ivy\u2019ubutunzi mu gihugu<\/strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inkuru yanditswe&nbsp; na Blaise&nbsp;Nkuriyingoma ihindurwa&nbsp; mu Kirundi na R\u00e9v\u00e9rien Niyorugira<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nimba hari isoko ivumye cane muri Afirika ndetse no mu Burundi hadasigaye inyuma, ni iyijanye n\u2019urudandazwa rwo guhanahana amafaranga biciye kuri terefone. Muri iyi nkuru, turabayagira ibijanye&nbsp;n\u2019ibiharuro vya nyuma vyasohowe na ARCT, ikigo kiraba ivyo gutumatumanako amakuru, mu gice ca kane c\u2019umwaka wa 2019. Nk\u2019uko ico kigo kibishikiriza, muri ico kiringo, isoko y\u2019ihanahanwa ry\u2019amafaranga&nbsp; biciye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":25,"featured_media":5435,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[602],"coauthors":[181],"class_list":["post-5434","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-terefone"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5434","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/25"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5434"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5434\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5437,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5434\/revisions\/5437"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5435"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5434"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5434"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5434"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5434"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}