{"id":5419,"date":"2020-07-24T23:26:10","date_gmt":"2020-07-24T21:26:10","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5419"},"modified":"2023-06-19T11:46:42","modified_gmt":"2023-06-19T09:46:42","slug":"burundi-ukuresha-ku-mwigeme-hari-ico-bitwaye-indero","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ukuresha-ku-mwigeme-hari-ico-bitwaye-indero\/","title":{"rendered":"Ukuresha ku mwigeme : hari ico bitwaye ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abigeme benshi mu Burundi bubakana n\u2019abahungu atari ababo. Baja ku musore yabakunze ntibaja ku wo bakunze kubera imvo yo gutinya gufata iya mbere ngo babwire umuhungu ko bamukunda. Ivyo vyose bigaterwa n\u2019indero yo ku ziko bahabwa bacaruka kuko ibabuza kugira ico bashikirije mu bagabo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab\u2026Iy<\/em><em>a<\/em><em>ba n\u2019abakobwa dufise ububasha bwo kuresha noravye urya nyene umutima wanje utererako akaba ariwe ndesha. None nta kundi twemera uwuje, uwo dushaka na we akabana n\u2019uwo ashaka\u2026\u00bb<\/em>, ayo ni amwe mu majambo yuzuye agahinda umwigeme N.Chanta yaseruye ariko arabaza impamvu umukobwa arinze yubahuka kubwira umuhungu ko amukunda afatwa nk\u2019igitandero mu kibano.<\/p>\n\n\n\n<p>Dr J.Marie Ningenza, umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata kiraba ibijanye n\u2019inyifato n\u2019imibereho y\u2019abantu kuri ico kibazo c\u2019uko abakobwa boresha avuga ko akenshi bivana n\u2019imico, imigenzo, igihugu n\u2019ibihe abantu baba bagezemwo. Mu Burundi abahungu n\u2019abakobwa ntibarerwa co kimwe. Mu migenzo y\u2019ikirundi kirazira ko umukobwa aca hejuru y\u2019abantu canke ngo afate ijambo mu bagabo. Ariko umuhungu ukwo akura bamubwira ko hariko haragera ko avuga ijambo, ahagarara hagati y\u2019abantu akavuga. Bakamubwira ko ari we azosigarana icumu rya se. Ni ukuvuga ko bamwigisha kuvuga, kwubahuka abantu no kubaganiriza. Umukobwa na we bamubwira ko kizira guhagarara imbere y\u2019umuntu ngo amuvugishe. Ivyo rero bituma amaze kumenya ko abujijwe kuvuga avyiyubara cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga mu bijanye n\u2019inyifato n\u2019imibereho y\u2019abantu avuga ko mu ndero umuhungu ahabwa, harimwo n\u2019uko kizira ko areshwa n\u2019umwigeme. Ko iyo umwigeme amureheje, aba ateye amakenga. Ngo ntaba afise iyo aja ahubwo nyabuna aba agomba uwo yitako kuko aba yamaze gucika icihebe c\u2019umukobwa yabuze uwumuresha. Iyo amaze gukura canke mbere batangura kumwita amazina amutesha agaciro : ngo \u2018\u2019isave\u2019\u2019, \u2018\u2019ibuguma\u2019\u2019n\u2019ayandi<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None abigeme banigwe n\u2019urukundo canke banigwe n\u2019uwo barusavye?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ningenza ati: <em>\u00abIyo umuntu avuze, aserura akamuri ku mutima. Bakubujije kuvuga, baba bakubujije no guserura akari ku mutima. Akari ku mutima na ko, hari igihe kaba ari keza, karyoshe, kabishe, akakubakiye n\u2019ivy\u2019urukundo birimwo.Uretse kubivuga rero uca ubibana ukavyigumizamwo, ukabigendana, ukabitunturana mbere ukazokwanduruka upfana na vyo\u00bb<\/em>. Abakobwa ico baca bakora akenshi bavyerekanira mu bimenyetso n\u2019inyifato iyo bahuye n\u2019umuhungu bakunda.Umwigeme avuga mu nyambaro ziwe, mu kwimonora, mu bimenyetso vy\u2019umubiri nko kwifata mu maso, gutwengatwenga ubusa, kwerekana amasoni n\u2019ibindi<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5420\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/NINGANZA-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em>Jean Marie Ningenza, umuhinga mu bijanye n\u2019inyifato n\u2019imibereho y\u2019abantu<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Kudashobora kuvuga akakubakiye biravuna umutima. Burya urukundo ni ibigumbagumba uba wumva wobwira umuntu. Nyene gukundwa wumva wobimubarira kuko ukeneye kuruhuka. Iyo utabivuze ugwana n\u2019urukundo rukagushengura umutima. Wa mukobwa rero atasavye urukundo, aronse uwuza kumuresha aca apfa kwemera. Ni hamwe no murugo, ashobora kwubaka nabi kuko abanye n\u2019uwo adakunda.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero, Dr Ningenza avuga ko hamwe abakobwa bogenda barubahuka, hari ivyogenda birahinduka. Ariko gusa, uwubitanguye akemera gufata ingaruka zo kuvugwa nabi n\u2019abantu mu kibano. Uko bazobibandanya ni ko n\u2019ababahungu bene gukundwa bazogenda baramenyera ko atari bo bonyene bakunda n\u2019abakobwa bakunda kandi babivuze atari imbwa yuriye inzu canke atari akamaramaza. .<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abigeme benshi mu Burundi bubakana n\u2019abahungu atari ababo. Baja ku musore yabakunze ntibaja ku wo bakunze kubera imvo yo gutinya gufata iya mbere ngo babwire umuhungu ko bamukunda. Ivyo vyose bigaterwa n\u2019indero yo ku ziko bahabwa bacaruka kuko ibabuza kugira ico bashikirije mu bagabo. \u00ab\u2026Iyaba n\u2019abakobwa dufise ububasha bwo kuresha noravye urya nyene umutima wanje [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5417,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[447],"coauthors":[189],"class_list":["post-5419","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-ukuresha"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5419","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5419"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5419\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5439,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5419\/revisions\/5439"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5417"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5419"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5419"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5419"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5419"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}