{"id":5413,"date":"2020-07-24T12:48:20","date_gmt":"2020-07-24T10:48:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5413"},"modified":"2020-07-24T12:49:07","modified_gmt":"2020-07-24T10:49:07","slug":"bujumbura-harangwa-imfungurwa-zinuze-na-ntungamagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-harangwa-imfungurwa-zinuze-na-ntungamagara-burundi\/","title":{"rendered":"I Bujumbura harangwa imfungurwa zinuze na ntungamagara"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu bifise bo mu gisagara ca Bujumbura, bakunda kunywera akayi no gufungurira mu mazu y\u2019uburiro agezweho kuko ariho usanga hatekanye kandi hasa neza. Ibi biri mu makuru twabatohoreje.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amazu amwamwe y\u2019uburiro yo mugisagara ca Bujumbura agenderwa n\u2019abifise ku mufuko, usanga bayakundira agacerere kaba kaharangwa, ingene haba hatatswe imitako y\u2019amabara atandukanye, ukuba bashobora gukora canke kuyaga n\u2019abagenzi babo mu mwidegemvyo ntangere. Ukwo ivyo bibanza bitekanye ni na ko kuzimvye cane. Ariko n\u2019ubwo bizimvye ntibica intege ababigendera bifise. St\u00e8ve ni umwe mu bo twasanze bari mu kibanza kimwe kiri mu bibanza bizimvye, yariko arakorera kuri mudasobwa (ordinateur) yiteretse n\u2019agakombe karimwo ikawa, agira ati: \u00ab <em>Jewe ndakunda agacerere karangwa muri iki kibanza\u00bb. <\/em>Abanyamahanga n\u2019abatari abanyamahanga bahiriwe, usanga bibereye ahabonyene bibereye mu vyabo kuri za mudasobwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bibanza bimwebimwe vy\u2019uburiro biri mu gisagara ca Bujumbura, abatari bake baratinya kuhahangara kubera ibiciro biremereye vy\u2019ibifungurwa biba bihari. usanga ibiciro biri hagati yamafaranga y\u2019amarundi 9.000 n\u2019 20.000 mbere no kurenga akarenga. Muri ubwo buriro rero usanga hari ubwoko bw\u2019ibifungurwa butandukanye, twovuga:<em>\u00ab sandwich jambon-fromage, omelette champignon-fromage, soupe, salade au thon, tacos, spaghetti bolognaise,\u00bb\u2026<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaburo yuzuye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mutaga ahatari hake usanga hari \u00ab buffets\u00bb(Umw wese aja kwiyarurira akariha amahera angana nivyo yafunguye\u00bb. Abahafungurira usanga bafungura imfungurwa ziteguye neza kandi ziherekejwe n\u2019utundi tuntu, nk\u2019uruvange rw\u2019ivyamwa (salade de fruits) n\u2019agatobe gapfutse kuruhande, bagaca bariha amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u201910.000 n\u201925.000. Inyama z\u2019ubwoko butandukanye ni ho zibarizwa, ziri kumwe n\u2019ivyamwa bitandukanye kuburyo uwahaje gufungura ashobora kwihitiramwo ico ashaka. Imiryango itandukanye yifise irakunda gufungurira mu bibanza bimeze neza gutyo. Umukozi umwe akora muri ubwo buriro bwagizwe ibanga agira ati: \u00ab <em>Benshi mu baza gufungurira ngaha, ni abanyamahanga\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandi bakunda guhitamwo imfungurwa zikwije mu ngaburo kandi zimeze neza zidashobora kubangamira amagara yabo. Amavuta bakunda gukoresha n\u2019ayava mu bihoke hamwe n\u2019ayava mu musukoni(Olive) ( 20.000fbu kw\u2019iritiro). Usanga hari ubwoko bwinshi bw\u2019imboga bashira mu mfungurwa. Uwo twasanze mu buriro yagize ati: \u00ab <em>Umuryango wanje urakunda imfungurwa zikaranze neza. Ariko kukwirinda gufungura ibirimwo amavuta yotwononera amagara, turahagabira tugakoresha amavuta y\u2019ibihoke kuko yoyo ni meza kandi arikwije mu ndemamubiri\u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu bifise bo mu gisagara ca Bujumbura, bakunda kunywera akayi no gufungurira mu mazu y\u2019uburiro agezweho kuko ariho usanga hatekanye kandi hasa neza. Ibi biri mu makuru twabatohoreje. Amazu amwamwe y\u2019uburiro yo mugisagara ca Bujumbura agenderwa n\u2019abifise ku mufuko, usanga bayakundira agacerere kaba kaharangwa, ingene haba hatatswe imitako y\u2019amabara atandukanye, ukuba bashobora gukora canke kuyaga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":5414,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[23,323],"coauthors":[100],"class_list":["post-5413","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-bujumbura","tag-gufungura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5413","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5413"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5413\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5415,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5413\/revisions\/5415"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5414"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5413"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5413"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5413"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5413"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}