{"id":5405,"date":"2020-07-24T11:09:23","date_gmt":"2020-07-24T09:09:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5405"},"modified":"2020-07-24T11:09:25","modified_gmt":"2020-07-24T09:09:25","slug":"ibiharuro-vyatohojwe-vyerekana-ko-mu-burundi-hari-abagifungura-nabi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibiharuro-vyatohojwe-vyerekana-ko-mu-burundi-hari-abagifungura-nabi\/","title":{"rendered":"Ibiharuro vyatohojwe vyerekana ko mu Burundi hari abagifungura nabi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amashirahamwe menshi yaba aya Reta canke mpuzamakungu aheruka gushira ahabona ibitigiri vyerekana ko mu Burundi hari ikibazo co gufungura nabi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikibazo co gufungura ku bana ni kimwe mu bindi birenga cumi biri mu vyatohojwe na EDS-III(ivyigwa vyerekeye igwirirana n\u2019amagara y\u2019abantu mu Burundi 2016-2017). Ayo matohoza akaba yerekanye ko ibice 56% vy\u2019abana bava ku myaka 0 gushika ku mezi 56 bagwaye indwara zo gufungura nabi zamaho (zidahera) muri bo ibice 25% bakaba basinzikara cane. Ku bana baba mu mitumba bangana n\u2019ibice 56% bakaba ari bo babangamiwe cane n\u2019izo ngwara zituruka ku gufungura nabi ivyo bigatuma bazingama bagateba gukura mu gihe abana bo mu bisagara ibice 28% ari bo bashobora kurwara izo ndwara. Ukunamba gukabije akaba ari co kimenyetso cerekana ko umwana yasinzikajwe n\u2019indwara yo gufungura nabi muri abo rero ibice 5% vy\u2019abana baranamvye ibice 4% bakaba bagereranye. Muri uyu muce w\u2019abana banamvye, kuba abana ari abo mu mitumba canke mu gisagara ntibitandukanya cane: ibice 3% ni ababa mu gisagara, ibice 5% ni ababa mu mitumba yo hagati mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ayandi makuru ahambaye yo muri ayo matohoza yakozwe, ni ibijanye no kwigisha umuvyeyi ibijanye no kugaburira ingaburo ibereye umwana. Indwara zo gufungura zidahera zifata ibice 61% vy\u2019abana bavyawe n\u2019abavyeyi batize, 56% vy\u2019abana bavuka ku bavyeyi bize amashure matomato n\u2019ibice 40% vy\u2019abana bavuka ku bavyeyi bize amashure yisumbuye n\u2019ayarenga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imyitwarariko yo kurwanya indwara zituruka ku gufungura nabi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ukwitwararika abarwaye ingwara z\u2019ugufungura nabi biri mu migambi ya PCIME(prise en charge des maladies de l\u2019enfant). Bikaba ari ivyavuye mu mashirahamwe ya OMS na UNICEF, uwo mugambi watanguye aha mu Burundi mu mwaka 2003. intumbero nyamukuru: ukugabanya impfu z\u2019abana zibonekeza, ukugabanya indwara zifata abana n\u2019ubukene no kwitwararika ugukura kw\u2019abana bari munsi y\u2019imyaka 5. ukaba ari umugambi waje gukorera mu bihugu bifise amikoro make aho ukwitwararika amagara y\u2019abantu biri ku rugero ruto, ukaba ari umugambi utuma abajejwe amagara y\u2019abantu batanga imiti ishobora kuvura abana babangamiwe cane. Ugukingira abana biciye mu ncanco n\u2019ukwongereza ingaburo k\u2019ubana nivyo biza imbere y\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kwezi kwa gatatu guheze, ivyigwa vyakozwe kuri PCIME ku bijanye no kwitwararika abafise ingwara zo gufungura nabi mu gihe c\u2019isuzumwa ryabereye ku mavuriro. Biheraheza bimenyesha ko ibitigiri vy\u2019abana bitari bike bataronswa imiti kandi ibereye hakiri kare, canecane iyijanye n\u2019iyindwara zifatira ku gufungura nabi. Ku bw\u2019ivyo, ibice 76% vy\u2019abarwaye izondwara zituruka k\u2019ugufungura nabi, biva k\u2019ukuntu abavyeyi b\u2019abo bana baba batigeze baronswa inyigisho zijanye n\u2019ingaburo ibereye, hama ibice 50% vy\u2019abakoresha n\u2019abo ntibigeze batanga izo nyigisho.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikena ry\u2019ibifungurwa rirahagaritse imitima abatari bake<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ivyo vyavuzwe haruguru, hiyongerako ubukene bw\u2019ibifungurwa ko ari ikintu citwararitswe mu migambi y\u2019ihutirwa yo gukurwa mu Burundi(EFSA). Ivyigwa vyaranguwe mu kwezi kwa gatatu 2017 n\u2019umugambi ujejwe ibijanye n\u2019imfungurwa kw\u2019isi yose, vyerekana ko ibice 45,5% vy\u2019ingo zo mu Burundi zibayeho zidafise ivyo zifungura bikwiye, ibice 8,5% gusa ari zo zironka ivyo zifungura bikwiye. Ibice 13,8% bafungura ingaburo itikwije, 46,2% barafungura ibifungurwa vy\u2019ubwoko butandukanye ariko na vyo bitikwije mu ngaburo, mu gihe ibice 61% vy\u2019ingo zo mu Burundi zisangira ibice birenga 65% z\u2019ivyo bakoresha mu kurondera ivyo bafungura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ugereranije n\u2019ibindi vyigwa vyakozwe umwaka umwe imbere ya ho, EFSA 2017 yemezako habaye \u00ab<em>itituka ry\u2019ibifungurwa<\/em>\u00bb. Ikivyemeza, nuko kuva 2016 gushika 2017, ubukene bw\u2019ibura ry\u2019ibifungurwa bukabije bwavuye ku bice 5,9% bija ku bice 8,5% muri ico kiringo nyene ubukene bw\u2019ibifungurwa bwagabanutse gushika ku bice 3,1%. Intara 11 kuri 18 zaraciye muri ico kiringo kibabaje c\u2019ubukene bw\u2019ibifungurwa. Intara ya ruyigi akaba ari yo iza imbere ku bice 33% igakurikirwa n\u2019intara ya Ngozi, 15,3%, Rumonge ku bice 8,3% hama kayanza 6,6%.<\/p>\n\n\n\n<p>Intandaro y\u2019ubwo bukene bw\u2019ibifungungurwa iva ku mahindagurika y\u2019ibihe yabaye mu gihe cambere c\u2019irima co mu 2017. Intara za Cibitoke, Cankuzo, Bujumbura, zozo zari zitunganiwe. Ivyo bisigurwa n\u2019ibintu bibiri. Kuba ivyigwa vyabaye 2017 vyakozwe mu gihe c\u2019iyimbura rya mbere ry\u20192017 n\u2019ukuba igitigiri c\u2019abantu bangana 120 000 bararonkejwe imbuto n\u2019ibifungurwa bituma imbuto ziguma zibitswe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imiryango iri mu bukene bw\u2019ibifungurwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro vyavuye mu vyigwa vyakozwe bifatiye ku rugezo rwo gufungura, vyerekana yuko ibice 37,90 hamwe 13,8% vy\u2019ingo ziri munsi y\u2019akarongo ka 21 ku bitigiri vyo gufungura. Imfungugwa z\u2019abo bantu zirakenye cane mu nsanganyangaburo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibihe bitandukanye bibi bidahera bituma abantu badashobora kwiga uburyo boshora kwitunganya mu miryango. Ivyo na vyo bikaba bigenda bikurikirana uko birushanya uburemere, bamwe baba bihebuye, abandi baba bari mu bukene, abandi bakeneye gufashwa vyihutirwa. Hagati y\u2019ukwezi kw\u2019indwi n\u2019ukwezi kw\u2019icenda, igisata kijejwe kuraba ibijanye n\u2019imfungurwa cerekanye ko ibice bingana na 1% c\u2019abanyagihugu boba barisabiye gufashwa, 12% bari mu bukene , hama 43% bari mu bihe vy\u2019umwiheburo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyigwa vyakozwe vyerekanako imiryango myinshi ibaye mu buzima bw\u2019ubukene. EFSA yerekana ko mu bice 65,5% vy\u2019abantu bakenewe gufashwa cane hamwe n\u2019ibice 65% vy\u2019abantu bari mu bihe vy\u2019inzara, ikanavuga ko abahukana hamwe n\u2019abakundana bakunda guhebana biturutse ku bukene.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amashirahamwe menshi yaba aya Reta canke mpuzamakungu aheruka gushira ahabona ibitigiri vyerekana ko mu Burundi hari ikibazo co gufungura nabi. Ikibazo co gufungura ku bana ni kimwe mu bindi birenga cumi biri mu vyatohojwe na EDS-III(ivyigwa vyerekeye igwirirana n\u2019amagara y\u2019abantu mu Burundi 2016-2017). Ayo matohoza akaba yerekanye ko ibice 56% vy\u2019abana bava ku myaka 0 [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":32,"featured_media":5409,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[323],"coauthors":[196],"class_list":["post-5405","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-gufungura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5405","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/32"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5405"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5405\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5410,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5405\/revisions\/5410"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5409"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5405"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5405"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5405"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5405"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}