{"id":5401,"date":"2020-07-24T10:42:15","date_gmt":"2020-07-24T08:42:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5401"},"modified":"2020-07-24T10:44:53","modified_gmt":"2020-07-24T08:44:53","slug":"umwihwezo-ku-mfungurwa-zigaburirwa-abantu-bari-hamwe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwihwezo-ku-mfungurwa-zigaburirwa-abantu-bari-hamwe-burundi\/","title":{"rendered":"Umwihwezo ku mfungurwa zigaburirwa abantu bari hamwe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu bona gute hamwe twotereza akajisho ku bifungurwa bitekwa ku mashure y\u2019uburaro, ku mashure y\u2019akarorero, mu bigo vya Kaminuza canke vy\u2019igiporisi n\u2019igisoda?<\/strong><br><br><strong>Biroroha cane kuganira n\u2019umurundi ibijanye n\u2019ibinyobwa anywa, ariko kwubahuka kumubaza ivyo afungura bisa n\u2019ugushira isoni. Ku bijanye n\u2019ivyo abaporisi n\u2019abasoda bafungura, ho ni ibindi. Ntibivugwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imfungurwa z\u2019abajejwe umutekano<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em><strong>\u00ab<\/strong><\/em><em> Umuceri n\u2019ibiharaga ku murango, ibiharage n\u2019umuceri mw\u2019ijoro. Iyo ni yo mfunguro ntabanduka ku basoda kuva ku munsi wa mbere bijiriye gushika ku munsi wo gusohoka ikambi. Mu vy\u2019ukuri, ntibishemeye kwama ku mfungurwa imwe, ariko ukwo iminsi ihera ni ko tubimenyera\u00bb,<\/em> vyemezwa n\u2019umusirikare amaze igihe kuri iyo mfunguro.<\/p>\n\n\n\n<p>Abasoda bamwebamwe akenshi izo mfungurwa ntizikunda kubagwa neza. Baca bishira mu migwi y\u2019abantu batanu canke batandatu bakariha umukozi kugira iyo imfungurwa zibonetse ace azibarungira amavuta n\u2019igitunguru. Ariko ku baba bari mu mabanga y\u2019akazi, amasaha yo gufungura ashobora gushika atariho bari, ibifungurwa vyabo birabikwa bagashobora kuvyitegurira bo ubwabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Amagarama 300 y\u2019umuceri, amagarama 400 y\u2019ibiharage, amagarama 200 y\u2019imboga, amagarama 250 y\u2019inyama zirimwo amagufa, igarama 100 z\u2019umunyu, igarama 150 z\u2019isukari, igarama 150 z\u2019ibiyoba, igarama 300 z\u2019ubushaza, igarama 100 z\u2019umukate,\u2026 ivyo ni vyo vyanditse kurutonde rudonda imfungurwa umusoda yandikiwe nkuko bimenyeshwa n\u2019umwe mu basoda batanze inkuru. Ariko wihweje ivyanditswe ku rutonde rw\u2019imfungurwa n\u2019izo bafungura ubu, bisa nk\u2019ibitandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Imboga z\u2019imashu zasubirijwe n\u2019irengarenga biterera mw\u2019ikambi, na yo inyama z\u2019irimwo amagufa zasubirijwe n\u2019izo mudukopo bahabwa nk\u2019imfashanyo n\u2019igihugu c\u2019Ubushinwa( udukopo tune mu kwezi). Na yo ku bijanye n\u2019icayi n\u2019umukate, haheze imyaka 18 ata n\u2019umwe azi ingene bimeze.<\/p>\n\n\n\n<p>Hoba hari ico uzi ku vyo abaporisi bafungura? Uwo twabajije yemeza ko ifungurwa z\u2019abaporisi zihakwa gusa n\u2019iz\u2019abasoda kiretse hamwehamwe. Agira ati: \u00ab<em> ubwiza n\u2019ubwinshi bw\u2019imfungurwa bivana n\u2019ubutore bw\u2019umukuru wabo\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ku mashure y\u2019uburaro hamwe n\u2019ay\u2019akarorero ho bimeze gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aha imfungurwa zirahindagurika bivanye n\u2019amashure canke bivanye n\u2019uko usanga ari amashure y\u2019abigenga canke aya Reta. Tubanze turabe ibikorwa kw\u2019ishure rimwe muri make y\u2019abigenga afise indaro kandi agaburira abanyeshure bashika 200 riri mu gisagara ca Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwujejwe ivy\u2019imfungurwa zo kugaburira abana kw\u2019iryo shuri bitakunze ko rivugwa izina, aratwiganira ivyo bagaburira abanyeshure: kiretse tubahinduriye gusa, nay\u2019ubundi ivyo tubaha n\u2019umukate n\u2019icayi mu gatondo; ibiharage, umuceri, igitoke, ifiriti y\u2019ibijumbu kabiri mu ndwi hamwe n\u2019isosi y\u2019indagara ku murango. Ku mugoroba ni umuceri, ibijumbu n\u2019ibiharage. Ku munsi wa kabiri no ku wa gatanu ku mugoroba, abanyeshure bararonka akaboga gatetse neza ariko hari igihe tubumvisha n\u2019ingene akanyama kameze tukabaha n\u2019icamwa(umuhwi canecane) rimwe mu ndwi. Amafaranga y\u2019amarundi ahuye n\u2019izomfungurwa umunyeshuri yandikiwe ku munsi, ni 5500.<\/p>\n\n\n\n<p>Turigereranije n\u2019ayandi mashure y\u2019uburaro, dusanga kuri iryo shure ry\u2019abigenga ariho bafungura neza cane. Mu mashure y\u2019uburaro ya Reta aho usanga uburyo buharuye, bakurakuranya ubutsima bw\u2019umwumbati, intete z\u2019ibigori, umuceri, ibiharage canke rimwe na rimwe bagafungura ibijumbu iyo ari mu gihe c\u2019iyera ryavyo. Amahirwe yo kuronka agafi, akagetu k\u2019inyama canke umukate mu buriro bw\u2019ayo mashure ya Reta, bisa nk\u2019ibitabaho.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kw\u2019ishuri ry\u2019akarorero ry\u2019i Musinzira, nk\u2019uko bivugwa n\u2019umwe mu banyeshure biga kuri iryo shuri, Abanyeshure bararonswa \u2018ubuyi\u2019 n\u2019ibiharage mu gatondo. kw\u2019ishure ry\u2019uburaro rya Ngagara, abanyeshure uko ari 256 bararonswa umwumwe wese igikombe c\u2019icayi n\u2019isahani y\u2019umuceri mu gatondo. Imfungurwa zo ku mutaga zigizwe: ibijumbu, umuceri, ibiharage, ifiriti y\u2019ibijumbu, ifiriti y\u2019imyumbati. Iryo shuri rirafise imirima yagutse irimwamwo imboga, ibiterwa mbumbarugo be n\u2019ivyamwa abanyeshuri bafungura iyo bihiye. Abarezi b\u2019iryo shuri baguma bacungana n\u2019abanyeshuri bashaka kuja barafungura mukinyegero ibifungurwa bitari ivyo kw\u2019ishuri.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu bigo vya Kaminuza y\u2019Uburundi ho vyifashe gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Na bo nyene ntibari kure y\u2019imfungurwa z\u2019abasodo, kiretse ko mu bigo vya Kaminuza, za nyama zo mu bikopo zitangwa n\u2019abashinwa zitabashikira. Umunyeshuri afise ikarata yo gufungura, araronka imfungurwa zigizwe n\u2019ibiharage n\u2019umuceri, hari n\u2019igihe ugasanga babashiriyeko igitoke canke ifiriti y\u2019ibiraya bikaranze mu mamesa. Rimwe na rimwe hari igihe basangamwo akababi k\u2019uruboga rw\u2019ishu mu biharage. Nta kanovera ziba zifise. Abafise uko bigenza bahitamwo kuja kwifungurira mu nzu z\u2019uburiro ziri hafi y\u2019ivyo bigo vya Kaminuza y\u2019Uburundi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu bona gute hamwe twotereza akajisho ku bifungurwa bitekwa ku mashure y\u2019uburaro, ku mashure y\u2019akarorero, mu bigo vya Kaminuza canke vy\u2019igiporisi n\u2019igisoda? Biroroha cane kuganira n\u2019umurundi ibijanye n\u2019ibinyobwa anywa, ariko kwubahuka kumubaza ivyo afungura bisa n\u2019ugushira isoni. Ku bijanye n\u2019ivyo abaporisi n\u2019abasoda bafungura, ho ni ibindi. Ntibivugwa. Imfungurwa z\u2019abajejwe umutekano \u00ab Umuceri n\u2019ibiharaga ku murango, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5402,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-5401","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5401","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5401"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5401\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5403,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5401\/revisions\/5403"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5402"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5401"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5401"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5401"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5401"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}