{"id":5398,"date":"2020-07-24T10:36:04","date_gmt":"2020-07-24T08:36:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5398"},"modified":"2020-07-24T10:36:16","modified_gmt":"2020-07-24T08:36:16","slug":"ivyamwa-vyoba-vyagenewe-abatunzi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyamwa-vyoba-vyagenewe-abatunzi-burundi\/","title":{"rendered":"Ivyamwa vyoba vyagenewe abatunzi?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n\u2019abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n\u2019abifise.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>Fungure n\u2019imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi!<\/em> Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, ikiguzi cavyo kirerekana neza ko bidahangarwa n\u2019uwo ari we wese.<\/p>\n\n\n\n<p>Amatunda, \u2018ipasiteke\u2019, inazi, imihwi, amabungo, amavoka, ni vyo vyiganje cane mw\u2019isoko kwa Siyoni. Abaza gusuma ivyo vyamwa usanga ari bake cane. Abadandaza b\u2019ivyo vyamwa basa n\u2019abamaze kubimenyera. Nkuko vyemezwa n\u2019umwe mu badandaza ipasiteke. Agira ati: <em>\u00ab Abaguzi, haza imparurwa\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mudadanza avuga ko badandaza ipasiteke zikomoka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo na zo zikaba zigurwa amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u2019ibihumbi 7000 n\u2019ibihumbi 10.000. Ico kiguzi mu vyukuri nta muguzi w\u2019amikoro make yogihangara. Uyo mudandaza agira ati:\u00ab<em>Abarimyi barima ipasiteke aha mu gihugu nta bwo bazironka buri gihe, ni yo mpamvu duhitamwo kuzironderera ahandi<\/em>\u00bb. Ipasiteke zirimwa ino, dushobora kuzigurisha amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u2019ibihumbi bitatu n\u2019ibihumbi bine.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bigurwa n\u2019abifise<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Izo mparurwa z\u2019abantu baza kutugurira ivyamwa, usanga abadandaza baramaze kumenyana. Abo na bo babigura akenshi ni abafise inzu z\u2019uburiro, amahoteri(inzu z\u2019ingenzi), abanyamahanga, abarondera ivyamwa vyo guha abarwayi canke abana babo. Hirya yaho, muri iyo soko nyene, hari umugore umwe yemeza ko ivyo bavuga ari vyo. Uyo mugore avuga ko ivyamwa abigura abijana mu buriro bwiwe buri hagati mu gisagara ca Bujumbura. Akaba abikoramwo umutobe, uruvange rw\u2019ivyamwa n\u2019 ivyamwa abaguzi barenza kw\u2019imfungurwa iyo babishatse kuko biba bihari. Ntakangwa n\u2019igiciro c\u2019ivyamwa, agira ati:\u00ab <em>ukwo bigenda kwose ivyamwa bitegerezwa kudahara mu nzu y\u2019uburiro bwanje kuko birunguka\u00bb. <\/em>Hariumugore akomoka mu gihugu ca Congo ari mu kiruhuko c\u2019akazi, yariko aragura ivyamwa ajana mu hira, we avuga ko i Burundi ivyamwa vyaho bizimbutse gusumba iwabo muri Congo.<\/p>\n\n\n\n<p>Kwerekana urutonde rw\u2019ivyamwa n\u2019ibiciro vyavyo mu bibanza bimwebimwe bisanzwe bidandarizwamwo aha mu gisagara ca Bujumbura biri mu bituma abahatumbera baba imparurwa. Agatobe kavanze kandi koroshe usanga karonderwa n\u2019abakeneye ibinyobwa bigereranye kandi bidakaze. Imvange y\u2019ivyamwa bita \u00absaugrenus\u00bb igurwa amafaranga y\u2019amarundi ari hagati y\u2019ibihumbi 6000 n\u2019ibihumbi 10.000, si uwo ari we wese ayihangara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ivyamwa bibayabaye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abadandaza batembereza ivyamwa mu mabarabara batuma n\u2019abatifise bashobora gufungura icamwa. Baguma bazunguruka mu makaratiye bakanashika no hagati mu gisagara ca Bujumbura bagenda bagurisha uduhiba tw\u2019inanasi bahimbaguye n\u2019imihwi bashobora gutanga umwumwe. Ikiguzi gishobora kuva kw\u2019100 gushika ku 200 y\u2019amafaranga y\u2019amarundi, mu gihe ababicururiza mu mazu usanga batavyorosha kuko ivyamwa babigurisha ku kiro, atari ukwo, nturonka namba. Aho rero usanga ikiro c\u2019imihwi mitomito utegerezwa kuriha amafaranga y\u2019amarundi angana n\u20191500, hama ikiro c\u2019imihwi myizamyiza ukariha 3000.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n\u2019abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n\u2019abifise. Fungure n\u2019imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi! Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":5399,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-5398","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5398","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5398"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5398\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5400,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5398\/revisions\/5400"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5399"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5398"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5398"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5398"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5398"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}