{"id":5395,"date":"2020-07-24T10:23:46","date_gmt":"2020-07-24T08:23:46","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5395"},"modified":"2020-07-24T10:24:28","modified_gmt":"2020-07-24T08:24:28","slug":"kahise-kurya-umwaka-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kahise-kurya-umwaka-burundi\/","title":{"rendered":"Ico vyasigura kurya umwaka ku barundi"},"content":{"rendered":"\n<p>Ibiringo bibiri nyamukuru vyari bigize umwaka vyatandukanywa n\u2019ibiterwa bibiri bifise akame ka Afirika, ivyo biringo bikaba vyari igenywa ry\u2019uburo mu kwezi kwa ndamukiza na rusama n\u2019ibiba ry\u2019amasaka mu kwezi kwa kigarama. Ubwambere, \u00ab umwaka \u00bb bwari ubutsima bw\u2019ingano bwafungurirwa mu muryango, baca bavuga ko \u00abbariye umwaka\u00bb. Urugo rwose rwakoresha uburo bweze ubwambere mu mirima, canke iyo ata bwo bafise bakaja gukaba n\u2019ababanyi babwejeje muri ico gihe n\u2019abo bakabaha ibindi bifungurwa. Ariko ubutsima bwategerezwa gufungurirwa mu muryango.<\/p>\n\n\n\n<p>Umugore n\u2019iwe yabucumba hama akabuzanira umugabo wiwe ari bunini buri ku mudahara. Umugabo akabega intore, hama agaha umugore, hama agaha abana ahereye k\u2019ukuntu basumbasumbana mu myaka yongera abipfuriza \u00abumwaka mwiza\u00bb avuga amajambo mabi ku bansi biwe : uwu mwaka muwurye ntubarye. Uyo munsi mukuru wakurikirwa no gufungura imfungurwa ziryoshe. Bafungura ubutsima, amata y\u2019ifyufyu, ibihwanya(imyungu), isogo zirunze mu mavuta y\u2019inka( ifunguro bita ibirunge).<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo munsi mukuru warubahwa cane. Ivyo vyabonekera ku dusate tw\u2019ibiti bakoresha mu gukata ubutsima aho bakoresha umurinzi n\u2019umugombe, ivyo biti bikaba bigize ikigabiro ca kiranga, yambanzwa mu mugirwa wo kubandwa. Hanyuma harabaho kugera imbavu ku bubakanye. Ukurondoka kw\u2019abantu kwategerezwa kubangikana n\u2019ukwimbuka kw\u2019ibiterwa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Insiguro y\u2019 \u00ab umwaka\u00bb:<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00abUmwaka\u00bb, ahanini kwari ukuri kw\u2019ibivugwa bishingiye ku giterwa c\u2019uburo n\u2019amasaka. Izi ni zimwe mu nsiguro zatororokanijwe mu bakurambere b\u2019ikiganda igenekerezo rya 17 mukakaro 1971: <em>\u00ab tuvuga ko ari umwaka mushasha kuko uburo buba bweze. Turarya rero umwaka w\u2019ubutsima bw\u2019uburo. Mu ntango z\u2019umwaka, ni ho babiba amasaka, ku munsi w\u2019\u00abumuganuro\u00bb . Umwaka waribwa mu kwezi kwandamukiza gushira ukwezi kwa rusama(mu mpeshi) kubera uburo, wari umwaka w\u2019abatutsi n\u2019abahutu hama uwo muri kigarama aho bakoresha amasaka wari umwaka w\u2019Umwami.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Imbere yo kuvuga ibijanye n\u2019iyo mice ibiri, imiryango n\u2019intwaro ya Cami, tumenye neza ko ijambo \u00abigihe\u00bb rishingiye ku rukurikirane rw\u2019uburimyi bw\u2019ibiterwa bimwebimwe. Birahimbaye kumenya ko \u00abumwaka\u00bb utagize n\u2019ibiringo vy\u2019amezi ahubwo ko ari urukurikirane rw\u2019ibihe rutangurana n\u2019ihera ry\u2019ici.<\/p>\n\n\n\n<p>Ijambo ryakoreshejwe n\u2019ababajijwe Igishubi n\u2019Ikiganda mu 1971 ni rimwe mu yahishura ibintu neza: bavuga ko \u00ab<em>kwari ukwosa umwaka<\/em>\u00bb, hanyuma abaganuza bari i Gikonge baba \u00ab<em>bawaramiye<\/em>\u00bb. Ivyo vyatuma umuganuro ubaho canke wongera kubaho. Mu kwezi kwa gitugutu bavuga ngo \u00ab <em>umwaka uraje<\/em>\u00bb, mu kwezi kwa kigarama bavuga ngo \u00ab<em>umwaka washitse<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><em>Umwaka <\/em>rero waba uko umwaka utashe mu kwezi kwa kigarama ugatangurana n\u2019ibihe vy\u2019imvura, ukaba watangazwa n\u2019Umwami mu gihe co gutanguza kubiba amasaka azoribwa haheze amezi ava kuri atanu gushika kuri atandatu, kandi mu muryango akaba ari ho bayafungura nk\u2019umutsima w\u2019uburo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibiringo bibiri nyamukuru vyari bigize umwaka vyatandukanywa n\u2019ibiterwa bibiri bifise akame ka Afirika, ivyo biringo bikaba vyari igenywa ry\u2019uburo mu kwezi kwa ndamukiza na rusama n\u2019ibiba ry\u2019amasaka mu kwezi kwa kigarama. Ubwambere, \u00ab umwaka \u00bb bwari ubutsima bw\u2019ingano bwafungurirwa mu muryango, baca bavuga ko \u00abbariye umwaka\u00bb. Urugo rwose rwakoresha uburo bweze ubwambere mu mirima, canke [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":6,"featured_media":5396,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[328],"coauthors":[45],"class_list":["post-5395","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5395","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/6"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5395"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5395\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5397,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5395\/revisions\/5397"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5396"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5395"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5395"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5395"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5395"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}