{"id":5392,"date":"2020-07-24T10:14:40","date_gmt":"2020-07-24T08:14:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5392"},"modified":"2020-07-24T10:15:22","modified_gmt":"2020-07-24T08:15:22","slug":"ibiterwa-kahise-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibiterwa-kahise-burundi\/","title":{"rendered":"Ibiterwa muri kahise k\u2019Uburundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amayagwa avuga ibijanye n\u2019 Uburundi bwa ba sokuru aha ikibanza kinini ubworozi bw\u2019inka ivyo bigatuma tutitwararika kumenya akamaro k\u2019uburimyi n\u2019ikibanza bufise mu kibano, ico uburimyi bwagereranya ku ntwaro ya cami n\u2019ico abakurambere babwiyumvirako.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imbere yo kuvuga ku bijanye n\u2019ibiterwa vyakomotse muri Amerika, nk\u2019ibigori; ibijumbu n\u2019ibiharage, ivyo na vyo bikaba vyashitse mu Burundi nko hagati y\u2019impera y\u2019ikinjana ca 18 no mu ntango y\u2019ikinjana ca 19, reka tubanze tuvuge ibijanye n\u2019ibiterwa kama vyo muri Afirika. Ivyo na vyo ni: amasaka; uburo n\u2019ibihwanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Amasaka ari mu bwoko butandukanye. Hari amasaka usanga atukura n\u2019ayandi y\u2019umweru. Amasaka n\u2019igiterwa kirinda amahindagurika y\u2019ibihe, canecane iyo ari igihe c\u2019uruzuba. Akarorero gato kerekana ko amasaka arinda uruzuba nuko ubushakashatsi bwerekana yuko igihe hatera ikiza c\u2019inzara mu mwaka w\u20191928, ibice 60% vy\u2019amasaka vy\u2019arokotse uruzuba rwari rugisibije ico gihe. Amasaka yarimwa mu kwezi kwa kigarama, agashwaburwa mu kwezi kwa mukakaro. Mu Burundi bw\u2019aho hambere, mu mpera z\u2019umwaka, mu kwezi kwa kigarama kw\u2019iki gihe, umwami n\u2019iwe yugurura ibirori vyo kubiba amasaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Uburo na bwo nyene buri mu binyantete, bwaterwa mu kwezi kwa nyakanga bukageswa mu kwezi kwa ndamukiza. Ibihwanya vyo mu bwoko bw\u2019imyungu barabifungura, imihiti na yo yakorwamwo ibirende n\u2019ibisabo kandi vyaterwa impande y\u2019urugo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imigirwa y\u2019abarundi ifatiye ku mfungurwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biterwa vy\u2019uburo, amasaka, ibihwanya, isogi hamwe n\u2019igitoke vyarakoreshwa cane mu migirwa y\u2019ukwambaza kiranga, mu migirwa yo kubandwa ( aho cazira kikaziririzwa kurya ibiharage), canke mu bijanye n\u2019imigirwa yari yemewe i bwami( nk\u2019aho bavuga ko umwami yavukana imbuto).<\/p>\n\n\n\n<p>Uburo n\u2019amasaka na vyo nyene vyarakoreshwa mu migirwa imwimwe yakorwa ijanye n\u2019uburimyi. Uburo babujana kububiba mu murima babuvanze n\u2019umunyota wo mu ziko wavuye ku bisobanywa vy\u2019urugo vyacanywe muhira, amasaka na yo bayajana kuyabiba bayavanze n\u2019umunyota wo mu gicaniro c\u2019inka. Ababa bariko barabiba co kimwe n\u2019abariko barubaka barasaba imana ngo ibarungikire inyamanza(inyoni y\u2019imana) nk\u2019ikimenyetso cerekana ko ivyo bariko barakora bihezagiye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imigani ishingiye ku biterwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu migani myinshi baca, berekana ko ubutsima ari yo ngaburo ibereye. Mu gihe c\u2019amapfa, imigani y\u2019abarundi ivuga ko abantu baca baja kurondera aho bokura uburo canke amasaka. nk\u2019akarorero, hari umugani baca w\u2019umugabo yahuye n\u2019urukwavu batazira \u00abrwamaheke\u00bb, ico gihe inzara yari yateye ruca rumubwira ruti: <em>\u00abzana ico giseke\u00bb.<\/em> Hanyuma rushiramwo umurizo ruramukungutira urubere mu kanya isase igiseke kiba kiruzuye. Mu mitima y\u2019abarundi b\u2019aho hambere, ahantu himbuka cane amasaka bavugako hatunze kandi ari heza kuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko mu tugani n\u2019ibisokozo, imico y\u2019abarundi ntivuga cane imigirwa n\u2019imigenzo y\u2019ibiterwa vya kera, ahubwo ishimangira ivyerekeye ibiterwa bishasha mbumbarugo vyazananye ahandi. Aho usanga hari ibintu bitari bike vyanditswe ku giterwa kimwekimwe bica irya n\u2019ino uruhara rwaco mu gusahiriza mu vy\u2019ubutunzi mu miryango. Ivyanditswe ku buro bivugako ari igiterwa c\u2019ikinyantete gitangaje cane, gifise intete nyinshi, kandi ico giterwa nticigera gikura ngo gishikire ikireho c\u2019umurimyi yagiteye, n\u2019umurimyi akaba atoshobora guharura intumba (intete) zikigize.<\/p>\n\n\n\n<p>Na yo amasaka, akwiragiye mu kibano, atsimbataza igikorwa, akarwanya ubunebwe kandi akunga ubucuti mu bantu: <em>\u00abImvura uko igwa ku masaka, yerekana ubucuti buri hagati mu bantu\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ibihwanya ngo ni vyo mu muryango, ni nk\u2019umuvyeyi akurikiwe n\u2019abana biwe. Igiterwa c\u2019igiharage, n\u2019igiterwa c\u2019ikwije mu nsanganyangaburo uwo ari we wese adakwiye kwirengagiza. Ikigori cerekana ukurwira, canke ubutunzi. Kigereranywa n\u2019abavyeyi bahetse abana babo. Igitoke na co kigereranya ugutsimbatara, ugushikama kwa nyene itongo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubucuti buri hagati y\u2019imfungurwa n\u2019ibinyobwa mu Burundi bwa kera<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibitandukanya ibiterwa vya kera n\u2019ivy\u2019ubu nta bwo bifatiye gusa ku vyiyumviro bijanye n\u2019ubutunzi, biravana kandi n\u2019imigirwa ifatiye ku gufungura n\u2019ingene bikoreshwa mu miryango. Ibiterwa bikomoka muri Amerika: ibiharage, ibigori, ibijumbu vyarinjijwe mu bifungurwa vy\u2019abarundi, ariko impeke zikaba zagiye zirakoreshwa mu kwenga inzoga, ni ukuvuga ko impeke zivamwo inzoga ihuza abantu bo mu kibano bose gusumba uko zifungurwa mu muryango. Inzoga ikaba rero ihuza canecane abagabo gusumba abagore, yunga ubucuti mu babanyi, ubwumvikane canke imigenderanire, inzoga irakora no mu bijanye n\u2019intwaro.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kinjana ca 19 ingo nyinshi zari zibeshejweho n\u2019ibiharage vyarimwa kandi bigatekwa n\u2019abagore, ariko ikirimba c\u2019abatware canke c\u2019Umwami caguma gikikijwe n\u2019umurima w\u2019amasaka. Cari igiterwa cerekana ukurwira n\u2019ubushobozi. Ikoreshwa ry\u2019amasaka ryagiye kugabanuka kuva mu gihe c\u2019ubukoroni, aho hahindurwa ibijanye n\u2019uburimyi bashaka ko ibiharage n\u2019ibitoke ari vyo vyoshirwa imbere, ivyo bikaba bifatiye ku mahinduka yabaye mu vy\u2019intwaro, imibano n\u2019akarangamutima.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amayagwa avuga ibijanye n\u2019 Uburundi bwa ba sokuru aha ikibanza kinini ubworozi bw\u2019inka ivyo bigatuma tutitwararika kumenya akamaro k\u2019uburimyi n\u2019ikibanza bufise mu kibano, ico uburimyi bwagereranya ku ntwaro ya cami n\u2019ico abakurambere babwiyumvirako. Imbere yo kuvuga ku bijanye n\u2019ibiterwa vyakomotse muri Amerika, nk\u2019ibigori; ibijumbu n\u2019ibiharage, ivyo na vyo bikaba vyashitse mu Burundi nko hagati y\u2019impera [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":6,"featured_media":5393,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[],"coauthors":[45],"class_list":["post-5392","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5392","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/6"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5392"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5392\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5394,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5392\/revisions\/5394"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5393"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5392"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5392"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5392"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5392"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}