{"id":5387,"date":"2020-07-23T10:23:53","date_gmt":"2020-07-23T08:23:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5387"},"modified":"2023-06-19T11:46:37","modified_gmt":"2023-06-19T09:46:37","slug":"burundi-butakaza-bugufi-mu-matora-uko-vyagenze","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-butakaza-bugufi-mu-matora-uko-vyagenze\/","title":{"rendered":"Uburundi butakaza Bugufi biciye mu \u00ab matora \u00bb: ng\u2019uku uko vyagenze"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Burya, intara ya Bugufi yahoze iri mu Burundi kuva mu mpera y\u2019igihe umwami Ntare Rugamba yaza aragaba ibitero mu bundi bwami, yabutsinda akabwigarurira gutyo akagura imbibe z\u2019Uburundi. Hari mu mwaka wa 1850 aho Ntare Rugamba yomeka igice c\u2019Ubugufi ku Burundi, naho munyuma bwahavuye bwegukira igihugu ca Tanzaniya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko umuhinga mu bijanye n\u2019ivyigwa vy\u2019akahise, Emile Mworoha, abitwiganira, Bugufi yari intara y\u2019Uburundi kuva ku mwami Ntare Rugamba. Uravye mbere aho Bugufi iri, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw\u2019Uburundi hagati y\u2019Akagera na Ruvubu. Ni ukuvuga ko Bugufi ari igice kiri mu Burundi dufatiye ku Kagera gasanzwe ari n\u2019urubibe. Rero, mu gihe Ntare Rugamba yariko aragura imbimbe z\u2019Uburundi, igihe afatiye Ubugesera ni naho yaca afata n\u2019Ubugufi gutyo bikukira Uburundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Abami b\u2019i Bugesera n\u2019Ubugufi bamaze kuba begukira Uburundi, uwo muhinga mu vy\u2019akahise avuga ko baciye baja baraza ku muganuro wabera i Muramvya. Ariko ngo hari igihe batanguye kuri Mwezi Gisabo kutaza ku muganuro hamwe n\u2019abo mu Bweru, ba Mbazabugabo na ba Kanugunu. Uwatwara Bugufi yari yitwa Rusengo hama rero ku gihe c\u2019abadagi bamaze kugiriranira amasezerano na Mwezi Gisabo ni ho baciye bagarukana Rusengo kuko yari yasubiye kugoma aca asubira kugaruka mu muganuro waza urabera i Muramvya.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingene Bugufi bwagiye muri Tanzaniya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Emile Mworoha avuga ko Bugufi yagiye muri Tanzaniya kubera ingwano y\u2019isi yose yabaye mu 1914 kugera mu 1918. Ico gihe abadagi ni bo batwara Afirika y\u2019Ubuseruko (East Africa). Kuko hari ho East Africa y\u2019abadagi (Empire Colonial Allemand de l\u2019East Africa), Uburundi n\u2019Urwanda rero vyarimwo. Muri ico gihe abongereza n\u2019ababirigi baragwanije abadagi i Buraya, bongera babagwanya no muri Afirika. Ababirigi baraza barashika i Burundi. Hanyuma abadagi baratsindwa bakwa uturere twabo twose bari barihagiye muri Afirika (colonies). Barabatse East Africa Allemand ni ukuvuga, Tanzaniya, Rwanda n\u2019Uburundi, babaka Namibiya, Kameruni na Togo, aho hose hari mu badagi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga abandanya avuga ko \u00ab Trait\u00e9 de Versailles \u00bb yabaye mu 1919 ari yo yagaburiye ivyo bihugu vy\u2019abadagi, ibigaburira ababatsinze. Abo na bo bakaba bari abafaransa, abongereza n\u2019ababirigi. Ubugufi rero ni ho bwahavuye buja muri Tanzaniya.<\/p>\n\n\n\n<p>Mworoha abandanya avuga ko kubera abongereza bari batsinze bavuze bati: <em>\u00abTugomba kugira ibarabara ry\u2019indarayi rizova muri Caire mu gihugu ca Egiputa rishike muri Cap (Afrika y\u2019Epfo), kandi iryo barabara ribwirizwa guca muri \u00abColonies\u00bb zacu \u00bb<\/em>. Baciye uwo murongo w\u2019ibarabara rero babonye ko Bugufi yaca ijamwo bakayitwara na Gisaka yo mu Rwanda. Ariko Gisaka yo abanyarwanda bahavuye bayikurikirana barayisubirana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ta<strong>n<\/strong>zaniya yegukana Bugufi biciye mu \u00ab matora \u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu 1924, aho bashinga imbibe z\u2019Urwanda na \u00abTanganyika Territory\u00bb yabaye iy\u2019abongereza, Bugufi yaciye ija muri Tanzaniya. Abarundi barageraje kuraba ko bogarukana Bugufi biranka. Emile Mworoha avuga ko abongereza bavuze ko boba baragize \u00ab R\u00e9f\u00e9rendum \u00bb babaza abashingantahe b\u2019i Bugufi ngo baca bavuga ko bemeye kuguma mu bongereza. Gutyo, Ubugufi buba buracitse Uburundi, mbere ni ho baciye babwita Ubuhangaza kugira barabe ingene bozimanaganya iryo zina rya Bugufi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko umwami w\u2019Urwanda yakurikiranye cane Gisaka abifashijwemwo n\u2019abapadiri. Ariko mu Burundi nta biganiro vyinshi vyahabaye vyo kubohoza Bugufi kuko, nk\u2019uko uyo muhinga mu vy\u2019akahise abivuga ngo aho bashiriyeho ishirahamwe ry\u2019ubumwe bwa Afirika OUA (Organisation de l\u2019Union Africaine) bavuze bati: \u00ab<em> Imbibe zose zashinzwe mu gihe c\u2019ubukoroni ntizishobora guhinduka kandi ni ntakorwako\u00bb. <\/em>Biba birarangiye. Ariko kandi na ca ciyumviro c\u2019abongereza co kwubaka ibarabara ry\u2019indarayi cahavuye kitaja mu ngiro, Bugufi ari yo Buhangaza y\u2019ubu iba ibaye iya Tanzaniya ukwo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Burya, intara ya Bugufi yahoze iri mu Burundi kuva mu mpera y\u2019igihe umwami Ntare Rugamba yaza aragaba ibitero mu bundi bwami, yabutsinda akabwigarurira gutyo akagura imbibe z\u2019Uburundi. Hari mu mwaka wa 1850 aho Ntare Rugamba yomeka igice c\u2019Ubugufi ku Burundi, naho munyuma bwahavuye bwegukira igihugu ca Tanzaniya. Nk\u2019uko umuhinga mu bijanye n\u2019ivyigwa vy\u2019akahise, Emile Mworoha, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5388,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[446],"coauthors":[189],"class_list":["post-5387","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-bugufi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5387","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5387"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5387\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5391,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5387\/revisions\/5391"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5388"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5387"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5387"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5387"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5387"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}