{"id":5381,"date":"2020-07-21T20:16:37","date_gmt":"2020-07-21T18:16:37","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5381"},"modified":"2023-06-19T11:46:26","modified_gmt":"2023-06-19T09:46:26","slug":"akagohe-ku-barundi-iterambere-ntirishoboka-umurindi-wo-kuvyara-ukiri-mwinshi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akagohe-ku-barundi-iterambere-ntirishoboka-umurindi-wo-kuvyara-ukiri-mwinshi-burundi\/","title":{"rendered":"Akagohe ku barundi : \u00ab Iterambere ntirishoboka umurindi wo kuvyara ukiri mwinshi \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kugira umugambi wo kurondoka ku rugero utere intambwe n\u2019iterambere ku gihugu ntirinigirwe mu menshi, abarongoye abandi bakwiye kuwuja imbere haba mu ntwaro , mu madini, mu mashirahamwe, inda z\u2019indaro zigatuzwa eka umurundi wese akawugira uwiwe.<\/strong> <strong>Vyashikirijwe na Angelique Ndayubaha, umutambukanyi w\u2019Umukuru w\u2019igihugu, ku wa 17 Mukakaro, i Kiganda.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Buri wa &nbsp;11 Mukakaro uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry\u2019abantu. Ni muri iyo ntumbero Uburundi bwahisemwo kuwuhimbaza ku civugo: \u00ab <em>Amahoro mu miryango <\/em><em>: Dukingire abakenyezi n\u2019abigeme bagire amagara meza kandi n\u2019uburenganzira bwabo&nbsp; bwubahirizwe muri ibi bihe vy\u2019ikiza ca Coronavirus no mu gihe kizoba caranduranywe&nbsp; n\u2019imizi<\/em> \u00bb. <strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Angelique Ndayubaha, mw\u2019ijambo yashikirije, yagize ati : \u00ab <em>Iyo tuvuze kuvyara ku rugero, abitiranya ibintu n\u2019ibindi bavuga ngo ni ugushaka kubuza abantu kurondoka. Haba namba,&nbsp; ahubwo n\u2019ukwitaho nyabuna amagara meza k\u2019umuvyeyi , kuko iyo umuvyeyi atama kurwahi, agira amagara meza n\u2019ibibondo yibarutse bikagira amagara meza ndetse n\u2019ubutunzi mu muryango bukisununura kuko bose baronka akanya keza ko kwitaho ibikorwa vyoteza imbere urugo rwabo. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi, abantu batera bongerekana bidasanzwe uko umwaka utashe. Mu mwaka w\u20192008 abarundi barenga gato imiriyoni umunani. Abahinga bakurikirana irwirirana ry\u2019abantu,&nbsp; barerekana ko abarundi tudafashe ingingo ziboneka zo kuvyara ku rugero, dushobora kuzoba tugeze ku miriyoni 16 mu mwaka wa 2030. Ndayubaha, ati: \u00ab <em>Turavye abakenyezi bamaze kwitabira uwo mugambi, mu mwaka uheze wa 2019, bangana ibice 35,5%. Biboneka&nbsp; ko urugendo rukiri&nbsp; rurerure kugira dushikire <\/em><em>ihangiro&nbsp; Reta y\u2019Uburundi yiyemeje ko&nbsp; gushika mu mwaka wa 2025 ata mukenyezi azovyara abana barenze batatu.<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019abavyeyi bahora baja kwikingiza bariko baraburabuzwa na Covid-19<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva aho ikiza ca covid-19 cinjiriye mu Burundi, ibiharuro vy\u2019abakenyezi baja gupimisha imbanyi, canke abaja kurondera uburyo bwo kurondoka ku rugero bariko baragabanuka kubera gutinya kuja ku mavuriro ngo bokwandurirayo uwo mugera. Yamara ngo batinyira ubusa kuko &nbsp;ingingo zose zarafashwe zo gukinga ikiza ca covid-19, ku buryo ata muntu yocandurira kwa muganga, nk\u2019uko bibandanya bishikirizwa n\u2019umutambukanyi w\u2019Umukuru w\u2019igihugu: \u00ab<em>Ubwoba dufise ni uko bizodusubiza inyuma ku ntambwe &nbsp;igihugu c\u2019Uburundi cariko kiratera mu kugabanya umuvuduko wo kurondoka, hamwe n\u2019 impfu zishikira abakenyezi mu gihe co kwibaruka. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Richmond Tiemoko aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho igwirirana ry\u2019abantu kw\u2019isi FNUAP, yashikirije ko muri iki gihe ca Covid-19 iryo shirahamwe rigiye kurushirizaho kwitaho imiryango ya ntahonikora rishigikire abakenyezi n\u2019abigeme muri vyankenerwa&nbsp; ridasize inyuma ibijanye n\u2019irondoka rijanye n\u2019amagara meza.<\/p>\n\n\n\n<p>Angelique akaba ashimira abafashanya na Reta mu gikorwa co guhangana n\u2019igwirirana ry\u2019abantu cane cane&nbsp; ishirahamwe FNUAP ariko kandi agakeburira imiyabaga y\u2019abigeme, kwirinda inda z\u2019indaro, zisinzikaza ubuzima bwabo, eka mbere abana bavutse bakaba umutwaro ku gihugu, ku marerero y\u2019abana b\u2019impfuvyi, &#8230;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kugira umugambi wo kurondoka ku rugero utere intambwe n\u2019iterambere ku gihugu ntirinigirwe mu menshi, abarongoye abandi bakwiye kuwuja imbere haba mu ntwaro , mu madini, mu mashirahamwe, inda z\u2019indaro zigatuzwa eka umurundi wese akawugira uwiwe. Vyashikirijwe na Angelique Ndayubaha, umutambukanyi w\u2019Umukuru w\u2019igihugu, ku wa 17 Mukakaro, i Kiganda. Buri wa &nbsp;11 Mukakaro uko umwaka utashe, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5383,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[603],"coauthors":[231],"class_list":["post-5381","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-amagara-ndoragitsina"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5381","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5381"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5381\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5412,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5381\/revisions\/5412"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5383"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5381"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5381"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5381"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5381"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}