{"id":5366,"date":"2020-07-19T10:59:08","date_gmt":"2020-07-19T08:59:08","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5366"},"modified":"2023-06-19T11:46:05","modified_gmt":"2023-06-19T09:46:05","slug":"burundi-coronavirus-idili-abadandaza-umubiri-wapi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-coronavirus-idili-abadandaza-umubiri-wapi\/","title":{"rendered":"Kubera coronavirus, idili y\u2019abadandaza umubiri wapiii \u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muribuka ingene Njebarikanuye yari azananye amaswaga mu kwandika yivuye inyuma ahanura ku bijanye n\u2019ibintu yakunda kubona aho abaye? Acumva ikiza c\u2019umugera coronavirus gitanguye gusasika inganda kw\u2019isi hose, yaciye abanza arahesha atangura kwirinda guhura n\u2019abantu benshi bidakenewe. Ariko ubu yagarutse. Aje guhanura abadandaza umubiri bamaze iminsi bidoga ngo idili yabo abagabo ntibakiyegera. Ni muri aka gakete.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ncuti yanje nkunda Gakwerere,<\/p>\n\n\n\n<p>Burya koko ngo kuramba ni kwo kubona! Maze iminsi numva widoga ngo umubiri wawe wabuze abasumyi kubera coronavirus. Ubwo nta soni iyo uba uvuga ibintu nk\u2019ivyo? Erega uribuka ko urwo rudandazwa rwanyu rutemewe n\u2019amategeko y\u2019Uburundi. Ncuti, teshwa ute! Iyo si idili.<\/p>\n\n\n\n<p>Ejo numvise bambwira ngo wirirwa uridodomba uvuga ko ikiza korona kitaraza wahora widandaza ukunguka. Amafaranga y\u2019amanyaburaya, amanyamerika, eka n\u2019ayandi yose n\u2019amarundi arimwo ngo yataha iwawe. Ngo kw\u2019ijoro rimwe, umutaga, canke ikiringo kanaka, waba uciye icupa n\u2019irasiyo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ye mama ngo warashorerwa n\u2019abavuye hanze, ariko kuva aho bugaraniwe mu mazu mu bihugu bavamwo, ngo usigaye wama wicaye kuri wambonye, wiyerekana mu tubare n\u2019amahoteri ukabura n\u2019uwukwakura, kubera ko ubu uwo ari wese akingira ayiwe magara.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Gakwerere mugenzi, ndubahutse kukubwira ko umaramaje. Wewe wubahuka kumera nka ya nyoni yarika ku nzira ngo izobeshwaho n\u2019abahita, ntimenye ko n\u2019aboyisamburira batabuze. Erega narumiwe bambwiye ngo ishagoshi yawe irangwa n\u2019amavuta yo kwipodora, icirori co kwiraba, n\u2019udufuko twaba utwakoreshejwe canke ututarakoreshwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubu rero abantu nti bakiguhangara, inzu yo mu gisagara ntugishoboye kuyiriha, ayo waciye ikiza korona kitaraza warayarigise kubera umenyereye kubaho ku munsi ku munsi. Ariko uratwenza koko, none wokurahe ayo kuriha inzu, ata migambi ugira? Umve nturima, ntiworora, ntudandaza, canke ngo ugire n\u2019akandi kantu kagusahiriza. Umeze nka wa muntu adandaza intumo atazi ko umuyaga w\u2019igihuhusi woyitumura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntega abiri nkuhanure mwana w\u2019Uburundi. Birateye agahinda kubona ushaka kubaho wigurisha. Raba ukure amaboko mu mpuzu wige kwisuganya no kurya ikiremve ucirasheko. Rekana no kwama utegereye abo utazi iyo bava. Iga kwitunganiriza akazi. Abo bose ubona birigwa bariruka bayerereza utuntu, barima borora, mu minsi ukabatangarira kubera intambwe bigejejeko, ni kubera bagize umutima wo kwiyumvira kuri kazoza kabo n\u2019abazobakomokako. None wewe urindiriye iki? Hoho ushaka abana bawe bazobe iki? Ko wiba uhetse ukigisha uwuri i mugongo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibuka ingaruka mbi ziri mu gushurashura no kwigurisha. Ndazi urazi ko no gupfa wohapfira. Aho rero simvuze indwara muhandurira nk\u2019umugera wa Sida, za Mburugu, Agaswende, Sifirisi, inda zitagira abazemera n\u2019ibindi ntazi. Wari ukwiye kwigira inama, mbere ukaja muri bagenzawe musangiye idili, mukiga kwiyungunganya. Mukaja hamwe n\u2019abandi mu mashirahamwe yo kwiteza imbere mugatangura imigambi yanyu gutyo mukiyambika agashambara mu kibano.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurangiza, ni ukuri kwose mugenzi ndagusavye nshimitse wige kuvavanura no kwama uhese intoke wizigiye gukomba aho kwigaburira. Mwana wa mama, rekana no kubaho ugenza umutwe nk\u2019uruyuzi. Iga gukora ivyawe kandi wibuke ko \u00ab Uwushaka umubira abira akuya \u00bb. Bibwirwa benshi, bikumva benevyo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muribuka ingene Njebarikanuye yari azananye amaswaga mu kwandika yivuye inyuma ahanura ku bijanye n\u2019ibintu yakunda kubona aho abaye? Acumva ikiza c\u2019umugera coronavirus gitanguye gusasika inganda kw\u2019isi hose, yaciye abanza arahesha atangura kwirinda guhura n\u2019abantu benshi bidakenewe. Ariko ubu yagarutse. Aje guhanura abadandaza umubiri bamaze iminsi bidoga ngo idili yabo abagabo ntibakiyegera. Ni muri aka gakete. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5367,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[519,384],"coauthors":[189],"class_list":["post-5366","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-covid19","tag-njebarikanuye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5366","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5366"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5366\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5368,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5366\/revisions\/5368"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5367"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5366"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5366"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5366"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5366"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}