{"id":5344,"date":"2020-07-11T15:35:22","date_gmt":"2020-07-11T13:35:22","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5344"},"modified":"2023-06-17T20:51:51","modified_gmt":"2023-06-17T18:51:51","slug":"burundi-uburyo-gutandukanya-imvyaro-numugabo-buramuraba","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-uburyo-gutandukanya-imvyaro-numugabo-buramuraba\/","title":{"rendered":"Uburyo bwo gutandukanya imvyaro mu muryango : n\u2019umugabo buramuraba"},"content":{"rendered":"\n<p><strong><em>Umugabo nawe nyene arakwiye kugira uruhara ruboneka <\/em><\/strong><strong><em>mu mugambi wo gutandukanya imvyaro mu muryango<\/em><\/strong><strong><em> kugira afashe igihugu kugabanya igwirirana ry\u2019abantu riri ku muvuduko munini mu Burundi. Si igikorwa c\u2019umugore gusa, oya, n\u2019umugabo biramuraba.<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza akaba arongoye ishirahamwe M.A.A Vyaruheke, afatiye ku biharuro vyasohowe na ISTEEBU avuga ko Uburundi bushobora kuzoba bufise abantu bari hagati y&rsquo;imiriyoni 18 na 22 mu mwaka wa 2050. Akamenyesha ko iryo gwirirana ry&rsquo;abantu rishobora kugira ingaruka mbi mu bisata bitandukanye vy&rsquo;ubuzima bw&rsquo;igihugu nko mu gisata c&rsquo;indero. Akabona ko hakenewe ko hajaho poritike y&rsquo;igihugu ijanye n&rsquo;irwirirana ry&rsquo;abantu, kandi n\u2019abagabo bakabigiramwo uruhara.<\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana avuga ko kugira uwo murindi w\u2019iyongerekana ry\u2019abantu ugabanuke, hakenewe uruhara ruboneka rw\u2019umugabo mu mugambi wo gutandukanya imvyaro. Agira ati: <em>\u00abUgutandukanya imvyaro si igikogwa c\u2019umukenyezi gusa,n\u2019umugabo biramuraba. Ariko ndatangazwa n\u2019ukuntu umugabo agira uruhara mu kuresha no gushinga urugo hagera mu mugambi wo gutandukanya ivyaro mu muryango akigira sindabibazwa. Umugore akaba ariwe yijana kwa muganga, mbere ugasanga hari n\u2019abaza binyegeje kubera abagabo bababujije. Birababaje \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibituma abagabo batitabira umugambi wo gutandukanya imvyaro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igice kinini c\u2019abagabo bazi ibitari vyo ku bijanye no kuvyara ku rugero kuko basanzwe batanitura amavuriro. Niyonkuru ni umugabo w\u2019abana batanu. Uyu, gutandukanya imvyaro avuga ko ari igikorwa c\u2019umugore gusa naho nyene mu gihe avyishakiye. Azi ko umugabo afise ibanga ryo kuvyara hama akagwana no kurondera ibitunga umuryango. Agira ati: <em>\u00ab Abana ni umugisha, kandi hari igihe bakugoboka ugeze mu zabukuru. Noneho naranumvise ko iyo umukenyezi agiye ku buryo, hari igihe bimugirira ingaruka mbi, ugasanga bimuviriyemwo kwama ariko arasesagura itunga ry\u2019umuryango aja kwivuza, mbere hari n\u2019abavuga ko uburyo bumwebumwe bwoba bunatera ubugumba. Kira noneho&nbsp; no mu mashengero hari ayahimiriza kuvyara gushika abana baheze mu nda \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nawe Bararunyeretse umugabo w\u2019abana batatu, avuga ko, gutandukanya imvyaro bitaraba abagabo kuko n\u2019uburyo bukoreshwa ata bw\u2019abagabo buhari. Agira ati: <em>\u00abAbagabo bavuga ko hari uburyo bubiri gusa bwabo. Ubwo na bwo ni agafuko k\u2019abagabo hamwe no kwipfungisha burundu. None ubwo buryo hari umugabo yobuhitamwo ku mugore yakoye akazana mu rugo ngo babane? Canke burya woreka kuguma uvyara nko mu gihe woba uguma uvyara abakobwa gusa? Agatwengo\u2026\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu vy\u2019ukuri abagabo basabwa iki ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana avuga ko, kubera umugabo ari inkingi y\u2019urugo ategerezwa gufasha no mu mugambi wo gutandukanya imvyaro ari kumwe n\u2019umugore, bose bakijukira kuja kwa muganga kugira ngo baronkere impanuro hamwe. Izo mpanuro baronkeye hamwe bakazifata nka nkama, mbere bakaja baribukanya umwanya wo gufata uburyo bihitiyemwo canke isango yo gusubirirako kwa muganga. Abagabo ni kirumara mu gutandukanya imvyaro kuko iyo umugore ariwe yijana ku buryo yanduruka adebukirwa akabiheba kuko aba atagira kiremesha.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Harushimana anavuga ko iyo urugo ruja inama, umugabo ashobora no guhitamwo gukoresha agafuko k\u2019abagabo mu gutandukanya imvyaro, eka mbere no mu gihe bamaze kuvyara benshi ngo arashobora no kwipfungisha burundu. Agahanura abagabo bafise amakuru atariyo ku bijanye no gutandukanya imvyaro, ko bokwitura amavuriro bagatunganizwa. Na yo abarongoye amashengero babuza gutandukanya imvyaro, abahamagarira kwikubita agashi kuko ata terambere ryoshoboka mu gihe mungo hari intahekana.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko uburyo bwo gutandukanya imvyaro mu Burundi butangwa kwa muganga ari agafuko k\u2019abagabo n\u2019akabagore, ibinini,urushinge, akagegene, akanyuzi, uburyo bwihuta bw\u2019ibinini bakunda guha nk\u2019abafashwe ku nguvu, hamwe n\u2019uburyo bwo kwipfungisha burundu haba ku mugore canke ku mugabo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umugabo nawe nyene arakwiye kugira uruhara ruboneka mu mugambi wo gutandukanya imvyaro mu muryango kugira afashe igihugu kugabanya igwirirana ry\u2019abantu riri ku muvuduko munini mu Burundi. Si igikorwa c\u2019umugore gusa, oya, n\u2019umugabo biramuraba. Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza akaba arongoye ishirahamwe M.A.A Vyaruheke, afatiye ku biharuro vyasohowe na ISTEEBU avuga ko Uburundi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5345,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[599],"coauthors":[189],"class_list":["post-5344","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-imiryango"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5344","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5344"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5344\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5348,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5344\/revisions\/5348"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5345"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5344"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5344"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5344"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5344"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}