{"id":5333,"date":"2020-07-08T14:07:36","date_gmt":"2020-07-08T12:07:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5333"},"modified":"2023-06-17T20:51:35","modified_gmt":"2023-06-17T18:51:35","slug":"burundi-jonas-ngendakumana-ibikorwa-kwiteza-imbere","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-jonas-ngendakumana-ibikorwa-kwiteza-imbere\/","title":{"rendered":"Jonas Ngendakumana, umwe mu bagize inama mpanuzwajambo ya komine akora n\u2019ibikorwa vyo kwiteza imbere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Tumubwira abandi nayo abanyabugabira bo, baba abato canke abakuze basanzwe bamuzi cane kubw\u2019inzu yiwe irimwo imashini zifasha mu vyo kugurukana ubumenyi&nbsp;\u00ab&nbsp;cybercaf\u00e9&nbsp;\u00bb, iherereye kure, ahikinze. Ico ciyumviro camujemwo akiri kuri kaminuza y\u2019Uburundi, kimugumamwo gushika agishire mu ngiro, na co kiramukundira giteba gituma atorwa mu nama mpanuzwajambo ya komine Bugabira, aho ajejwe gukurikirana ivy\u2019ubutunzi. Ni ku birometero 18 uva ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo, aho ni ho akorera.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iciyumviro c\u2019uwo mugambi&nbsp; cakorokeye muri we, mu mwaka wa 2011. Ico gihe Jonas yiga mu wa mbere wa kaminuza y\u2019Uburundi. Ni ho yabona ukuntu abanyeshure bama bakeneye gufotoza impapuro, gutyo yumva na we yotangura guca amafaranga muri ubwo buryo. Ico gihe yiga ataha mu muryango, vyumvikana ko n\u2019amafaranga yamusohokamwo atari ikirenga, ivyatumye aca aza araziganya&nbsp; igice c\u2019udufaranga yaronswa kw\u2019ishure ku kwezi, akaja yongerezako n\u2019utwo yashobora gutsitara aha canke&nbsp; hariya.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Yisubirira mu Bugabira iwabo arangije Kaminuza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu myaka 3, Jonas yari amaze kuziganya amafaranga angana 500.000 araheza agura imashini nyabwonko yo mu biro hamwe n\u2019iyisohora impapuro. Ni ho yaca yimukira mu cumba c\u2019inyubakwa za kaminuza yari ahawe, atangura gucisha za mashini ziwe udufaranga mu mpisho. Bidatevye, yagize gutya yumva bamuhaye akazi ko kwigisha ivyigwa bijanye n\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi kw\u2019ishure ry\u2019i Nyamabuye. Buno nyene yaciye aterura vya bikoresho vyiwe vyose yaheruka kugura aja kwugurura inzu y\u2019iyandikiro rusangi&nbsp;\u00ab&nbsp;secretariat public&nbsp;\u00bb, aba agize &nbsp;uwa kabiri ayishinze aho hantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Jonas akironka umushahara wa mbere, ico yihutiye kwabaye ukugura ibindi bikoresho bigezweho. Izo mashini ziwe nyene ni na zo yaza aratiza abanyeshure biwe ngo bagirireko imyimenyerezo, ivyatuma urwaruka rumukunda cane bituma aba indatwa aho ku gasoko ko mu Bugabira. Yagize ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ishure ubwaryo nta mashini ryari rifise zofasha abanyeshure mu bikorwa vyo kwimenyereza. Naca nkora ico gikorwa co kubatiza izanje. Muri urwo rwaruka bamwe baraheza amashure nkaca ndabaha ibiraka tugakorana, bagateba baronka uburyo bubasahiriza mu kwirihira amashure ya za kaminuza&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5335\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/arti-demain-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Uwo muyabaga yikorera utwiwe ni n\u2019umuhinga mu bijanye n\u2019ubutunzi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku myaka yiwe 32 y\u2019amavuka, Jonas Ngendakumana aza ari mu bagize inama mpanuzwajambo ya komine Bugabira, akaba ajejwe igisata c\u2019ubutunzi, kandi nta nkeka ko umwete wiwe, ukwitanga mu kibano n\u2019ukwiyumvamwo ibikorwa vyo kwiteza imbere biri mu vyatumye yizerwa gutyo &nbsp;azezwa ayo mabanga.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019umunezero mwinshi, Jonas agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ndashimishwa cane&nbsp; n\u2019amabanga najejwe kuko nagumye muri ca gisata kijanye n\u2019ibikorwa vyo kwiteza imbere. Ubu kenshi usanga nkorana n\u2019amakoperative y\u2019abanyagihugu bo ku mitumba, nkagerageza kuberekera ingene bakwiye gutunganya imigambi mu buryo bwo&nbsp; kubakarihiriza ubwenge.&nbsp; Ni jewe kandi nemeza ko imigambi y\u2019aba na bariya ikwije ibisabwa hama nkayirungika muri FONIC bagaheza bakabarungikira amahera&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku kwezi inzu ya Jonas ikorerwamwo ivy\u2019ubuhinganga ngurukanabumenyi, kwandika, gusohora impapuro n\u2019ukuzifotora , imwinjiriza amafaranga ari hagati ya 100.000 na 300.000. Avuga ko aho mu Bugabira bitamworohera na mba kuko akunda guhura n\u2019ibibazo vyo kutagira hafi &nbsp;abashobora gusubiriza ivyuma no gukora imashini ziwe mu gihe zagize ikibazo. \u00ab&nbsp;<em>Birazimvye cane. Kugira ndonke umuhinga amfasha kuzikora ntegerezwa kwipakiza nkaja mu gisagara ca Kirundo&nbsp;\u00bb. Ariko ikibazo gikomeye ni ubukene bw\u2019umutahe ukwiye ahandi ho nari mfise indoto zo kurangura vyinshi muri iyi komine mvukamwo<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Twizigire ko indoto z\u2019uwo muyabaga&nbsp; zizoteba&nbsp; zikaba ukuri zije no mu bikorwa ubona ko aho twamugendera twasanze ariko atunganiriza ku rupapuro umugambi azorengukana muri ya banki y\u2019urwaruka&nbsp; <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-la-banque-dinvestissement-pour-les-jeunes-solution-pour-reduire-le-chomage\/\">BIJE<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong><strong>Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi \u00ab Tuyage \u00bb ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n\u2019ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n\u2019ivy\u2019ubutunzi mu gihugu<\/strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inkuru yanditswe mu gifaransa<strong>,<\/strong> ishirwa mu Kirundi na <strong>R\u00e9v\u00e9rien Niyorugira<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Tumubwira abandi nayo abanyabugabira bo, baba abato canke abakuze basanzwe bamuzi cane kubw\u2019inzu yiwe irimwo imashini zifasha mu vyo kugurukana ubumenyi&nbsp;\u00ab&nbsp;cybercaf\u00e9&nbsp;\u00bb, iherereye kure, ahikinze. Ico ciyumviro camujemwo akiri kuri kaminuza y\u2019Uburundi, kimugumamwo gushika agishire mu ngiro, na co kiramukundira giteba gituma atorwa mu nama mpanuzwajambo ya komine Bugabira, aho ajejwe gukurikirana ivy\u2019ubutunzi. Ni ku birometero [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":36,"featured_media":5334,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[428],"coauthors":[442],"class_list":["post-5333","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-tuyage"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5333","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/36"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5333"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5333\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5340,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5333\/revisions\/5340"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5334"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5333"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5333"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5333"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5333"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}