{"id":5310,"date":"2020-07-05T11:46:54","date_gmt":"2020-07-05T09:46:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5310"},"modified":"2023-06-17T20:51:26","modified_gmt":"2023-06-17T18:51:26","slug":"burundi-turinjore-utujambo-twakoresha-tukiri-ku-ntebe-yishure","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-turinjore-utujambo-twakoresha-tukiri-ku-ntebe-yishure\/","title":{"rendered":"Tube turarinjora: twibukanye twa tujambo twakoresha tukiri ku ntebe y\u2019ishure"},"content":{"rendered":"\n
Ime! Erega n\u2019ubu mutembereye harya mwize utwo tujambo turacakoreshwa!Eka mbere namwe iyo muteramiye hamwe, usanga aritwo muyaga. Burya rero ni kwo vyama. Iyo abantu bafise ico bahurirako usanga bakunze gukoresha imvugo zifobetse biyumvikaniyeko kugira abandi ntibabasume urusaku. Iki gisomwa ni ico kubibutsa zimwe muri izo mvugo. Tube turarinjora!<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Emwe ngo no mu gisirikare ni ukwo, Abanyeshure bo baranyomoje, ni ukuri iyo bishakiye barayaga mu kirundi kuburyo utokwigera umenya ivyo baba bariko baravuga utababayemwo. Hari imvugo (jargon) usanga nka bose bahurizako kugeza naho bashobora no kukuvuga canke bakaja inama y\u2019ivyo baja gukora muri kumwe ntubice n\u2019ikanda. Erega bakoresha amajambo bo ubwabo bishiriyeho bakayumvikanako mbere ugasanga insiguro yayo ni bo bayizi gusa! Burya aho uzoja hose uzosanga umunyeshure ari umwe. Izo mvugo bakoresha, ziragwiriye cane mu mashure yisumbuye nkuko ziri no mu mashure ya kaminuza.<\/p>\n\n\n\n
Zimwe mu mvugo zikoreshwa muri <\/strong>\u00ab<\/strong>secondaire<\/strong>\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Bagenzi, burya imvugo ziragwira ndabarahiye! Iyo umunyeshure ahejeje ibibazo vyose vya nyuma, ndavuga birya biheza umwaka w\u2019ishure, arashobora kwinamura akabwira abo barikumwe ko azojana n\u2019abagenziwe guhamba ibibazo<\/em>. Aho usanzwe utabarimwo uca wibura. Ugatangura kwibaza nimba ibibazo na vyo bipfa kugeza naho babihamba. Ariko ku munyeshure abizi guhamba ibibazo<\/em> canke naho gukosora ibibazo<\/em> ni igihe abanyeshure bahora bigana canke biga hamwe bahurira ahantu (gusohoka) bakinezereza, bakagira ikintu cose kibajemwo batahora bakora bari kw\u2019ishure. Aho rero haba harimwo kunywa (inzoga, itabi, \u2026), gutamba, gukesha, kwinjiranamwo (ku bahungu n\u2019abakobwa), … . Mw\u2019ijambo rimwe ngo ni umunsi wo kwirekura, nk\u2019uko bivugwa na Rukundo umwe mu babibayemwo cane aciga.<\/p>\n\n\n\n
Iyo biriwe barakora ibibazo naho, hari igihe wumva nk\u2019umunyeshure yitoye ngo: \u00abBahimpundu bamufatanye umuzungu yari yabagiyeko\u00bb<\/em>. Uwundi nawe agaca amusamira hejuru ati: \u00abIvyo biva ku kuntu akunda gucimba yigiriye guhiga inkoko yanavayo ntarondere ibijede, agaca yigira kubiwanda, aho akahava aja ku rwembe akiraramira mu gutwenga abashora akivayo nawe yizeye kubaga akibagira ko afashwe bimuviramwo gutemuka<\/em>\u00a0\u00bb. Abanyeshure ni hatari! Ni abavyeyi bake bokwumva ivyo abo banyeshure bavuga. Mu bisanzwe \u2018\u2019imbago canke umuzungu\u2019\u2019<\/em> ni ibipapuro abanyeshure bategura bakandikako ivyo bazokoresha mu kunobera mu gihe biba vyabananiye kwiga. \u2018\u2019Kubaga\u2019\u2019<\/em> ni ukunobera. Ariko iyo bavuze ko \u2018\u2019yacimvye yigiriye guhiga inkoko\u2019\u2019<\/em>, baba bavuze ko yatorotse aja ku gura amavoka akaza \u2018\u2019ashikira kubiwanda\u2019\u2019 <\/em>ni ukuvugako aca ashika yiganirira n\u2019inkumi akahava aja \u2018\u2019kuryama ku rwembe\u2019\u2019<\/em> bashatse kuvuga akamatera kaheze abandi bakazinduka kwiga \u2018\u2019gushora\u2019\u2019<\/em> yiryamiye.<\/p>\n\n\n\n
Kuri kaminuza y\u2019Uburundi naho\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Erega nyene no mu banyeshure bakuze izo mvugo zirabaho. Muri kaminuza ushobora kwumva ngo: \u00ab ya ngurume ikonana mu cuma, abanyeshure bari basuze isheni bayibonye baca barasanzara bayitera akabati batangura kuyinoba \u00bb<\/em>. Utaciye muri kaminuza y\u2019Uburundi aho ntupima. \u2018\u2019Ingurume\u2019\u2019<\/em> ni umuntu ateka akanagaburira abanyeshure, bavuze rero ko \u2018\u2019basanzaye bakamutera akabati bamunoba\u2019\u2019<\/em> baba begeranye bakamushira hagati yabo ku buryo adashobora kuronka ingene abavamwo mbere bamwe bakaja baramuhonda intoke ku gasakanwa.<\/p>\n\n\n\n
Uzumva kandi bita umukobwa avyibushe ngo ni \u2018\u2019itenenge \u2018\u2019. Iyo rero yakoze ibibazo bikamunanira vyose uzumva bagira bati: \u2018\u2019ya tenenge twigana, yuriye igiti\u2019\u2019<\/em>. Iyo yazitoye zose naho bagira ngo: \u00ab<\/em>Yasimvye inkoko<\/em>\u00bb<\/em>.<\/em> Hari n\u2019izindi nyishi.<\/p>\n\n\n\n
Ikiduga \/Ikombesi<\/strong>: udusorori umunyeshure yaja kunobereramwo utwo kurya
Mukizu<\/strong> : aho abanyeshure bafatira imfungurwa
Gusiga <\/strong>(imfungurwa): gushiramwo icamwa c’ivoka (batazira intama) mu mfungurwa
Mu gasima<\/strong> : ubwiherero
Kw’ipilier<\/strong>: ku ma keri y’ishure aho wasanga abanyeshure( abasore ninkumi) bahurira kugira babe barayaga. Kenshi baba bari mu buhumbu
Amwe mu majambo akoreshwa muri kaminuza canecane iy’Uburundi<\/strong>
Intatemwa<\/strong> : isanzwe ari uruhafu (ahantu umuntu yibana wenyene) muri kaminuza ni muri vya vyumba bita tropicana (Trop).
Mu Cuma <\/strong>: aho bafungurira
Ikaraca<\/strong> :zaba ari ifiriti zasigaye mu vyombo batekeramwo ugasanga zarumaguye. Kenshi abanyeshure badafise ikarata yo gufungura nibo bazihereza.
Muri des id\u00e9es<\/strong> : akabare banyweramwo
Siguvyaye<\/strong>: mu bubiko bw’ibitabo<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Ime! Erega n\u2019ubu mutembereye harya mwize utwo tujambo turacakoreshwa!Eka mbere namwe iyo muteramiye hamwe, usanga aritwo muyaga. Burya rero ni kwo vyama. Iyo abantu bafise ico bahurirako usanga bakunze gukoresha imvugo zifobetse biyumvikaniyeko kugira abandi ntibabasume urusaku. Iki gisomwa ni ico kubibutsa zimwe muri izo mvugo. Tube turarinjora! Emwe ngo no mu gisirikare ni ukwo, […]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5311,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[299,252],"coauthors":[189],"class_list":["post-5310","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-ishure","tag-ub"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5310","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5310"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5310\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5320,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5310\/revisions\/5320"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5311"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5310"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5310"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5310"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5310"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}