{"id":5299,"date":"2020-07-02T12:37:27","date_gmt":"2020-07-02T10:37:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5299"},"modified":"2023-06-17T20:51:21","modified_gmt":"2023-06-17T18:51:21","slug":"burundi-ibice-3-vyabakenyezi-ntibibonsa-abana-babo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibice-3-vyabakenyezi-ntibibonsa-abana-babo\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, ibice 3% vy\u2019abakenyezi ntibonsa abana babo"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibice 97% vy\u2019abakenyezi ni bo bonsa abana babo kuva bakivuka gushika ku mezi 6. Muri bo, 83% baronsa abana ata kindi babavangiye. 14% barabonsa ariko bakavanga n\u2019ikindi kintu. 3% ni bo batigera bonsa abana babo, nkuko biri muri raporo ya nyuma yo mu 2017 yasohowe n\u2019ubushikirangaji bw\u2019amagara y\u2019abantu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza akaba arongoye ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke, avuga ko mu Burundi, imvo zituma abavyeyi batonsa abana babo ari nyinshi. Agira ati: <em>\u00abHari imvo zumvikana nk\u2019iyo uwuhejeje kwibaruka aba agwaye ibere, igihute kw\u2019ibere, imoko rifise ikibazo, ata monkwa (amaberebere afise) canke iyo aciye yitaba Imana ahejeje kwibaruka ariko ikibondo kikarokoka. Ariko kandi hariho n\u2019izindi mvo zitumvikana. Nk\u2019ab\u2019usanga batinya kwonsa ngo amabere yabo yohava agwa, abandi bikava ku kazi bakora, ukutamenya akamaro ko kwonsa, ukubabara atanguye kwonsa, ukudigadigwa (ubuyega bwo kwonsa) bituma umukenyezi atinya urwonko, n\u2019ibindi. Abo bose rero batonsa abana babo baca bahitamwo kubareresha amata yo ku nkongoro \u201cbiberon\u201d \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-wordpress wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"vmc0rkW9V2\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwonsa-neza-birakinga-imbanyi-zitavanako-amagara-burundi\/\">\u00ab Kwonsa neza birakinga imbanyi z\u2019urutavanako \u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0\u00ab Kwonsa neza birakinga imbanyi z\u2019urutavanako \u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kwonsa-neza-birakinga-imbanyi-zitavanako-amagara-burundi\/embed\/#?secret=PAEyBSqZGn#?secret=vmc0rkW9V2\" data-secret=\"vmc0rkW9V2\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Alice Nahishakiye ni umuvyeyi w\u2019abana 5 aba muri Twinyoni iri mu Kamenge. Uyu muvyeyi na we nyene aremeza ko hari abavyeyi batonsa kubera gutinya. Agira ati&nbsp;<em>:\u00ab Burya kwonsa bisaba gutimba. Birababaza. Iyo wahuye n\u2019umwana azi kurikwega neza uvyumvira mu bwonko. Rero umuvyeyi iyo atinya kwonsa akaba yifitiye uburyo bwo kwama yaguze amata, aca ahitamwo kureka kwonsa umwana maze akamuha umukozi akaba ariwe aja aramunywesha amata. Nanje mba butimbireko kubera impanuro nama nahawe n\u2019abaganga \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Rero, ivyigwa vyakozwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu mu 2017, vyerekana ko ibice 4% vy\u2019abana kuva bakivuka gushika ku mezi 5, babahera amata ku nkongoro (biberon). Ibice 11% bava ku mezi 6 gushika ku mezi 9 na bonyene banywera ku nkongoro. Bikaboneka rero ko, ukwo umwana akura, ariko bagomba kumuha amata yo ku nkongoro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ingaruka zo kureresha abana amata canke amaberebere yo ku nkongoro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-5301\" width=\"439\" height=\"292\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/07\/794A4037-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 439px) 100vw, 439px\" \/><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Augustin Harushimana asanzwe akorera kw\u2019ivuriro ry&rsquo;ikigo Umugenzi w&rsquo;Abakenyezi(FWA) ryitwa Ntaseka (Umukobwa Ntaseka Uwundi Araseruka) riri mu kamenge, amenyesha ko abana bonkera ku nkongoro bakunda kugwaragurika cane. Akamenyesha ko zimwe mu ndwara bakunda kugwara ari nko gucibwamwo, gutura imibe, amangati, ibirungurira, kuyorwa, kugumirwa \u2026 izo zose zikaba zituruka kw\u2019isuku rike bagirira inkongoro baheramwo amata abana hamwe n&rsquo;ibura ry&rsquo;ingaburo ikwiye dusanga mu maberebere y&rsquo;umuvyeyi, gutyo bigatuma umwana anamba, akabutira, eka mbere n\u2019imigenderanire hagati y\u2019umwana n\u2019umuvyeyi ikanagabanuka kuko batamarana umwanya ukwiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara meza avuga ko abo bose badaha ibere abana babo ukwo bikwiriye ko baba biyibagije ko kwonsa bituma umwana agira amagara meza, akagira ubwenge, akiga neza, bitandukanya imvyaro ku bavyeyi, bikagabanya ugushobora gufatwa n\u2019indwara ya kanseri n&rsquo;ibivyimba ku mabere. Eka mbere ngo binatuma hakorwa imisemburo (hormones) umubiri ukenera ifasha umwana n\u2019umuvyeyi kubaho neza, bitayeko umwana yonka ivyo umuvyeyi yafunguye n&rsquo;ivyo yanyoye!<\/p>\n\n\n\n<p>Rero, nk\u2019uko biri mu mabwirizwa y\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu, umuvyeyi wese ahamagariwe kwonsa umwana wiwe ubwo nyene acibaruka agaca amushira kw\u2019ibere akonka umuhondo kuko ufatwa nk\u2019urucanco rwa mbere rukinga indwara zifata inzoya bikanagabanya impfu zabo. Hama umwana agaca abandanya abeshejweho n\u2019ukwonka vyonyene gushika ku mezi 6. Ayo mezi 6 aheze, umuvyeyi aca abandanya amwosa amuha n\u2019ibindi bintu gushika arenze imyaka 2. Mbere bikunze akonka gushika aryikuyeko. Vyinshi bikenewe Ubushikiranganji bwaravyanditse neza mu kirundi mu gatabo abavyeyi basanzwe baronswa mugihe co gupimisha imbanyi, kwivuza, gucandagisha ibibondo hamwe n&rsquo;ivyo kuvyara ku rugero. Gatangwa ku buntu aho hose bikorwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibice 97% vy\u2019abakenyezi ni bo bonsa abana babo kuva bakivuka gushika ku mezi 6. Muri bo, 83% baronsa abana ata kindi babavangiye. 14% barabonsa ariko bakavanga n\u2019ikindi kintu. 3% ni bo batigera bonsa abana babo, nkuko biri muri raporo ya nyuma yo mu 2017 yasohowe n\u2019ubushikirangaji bw\u2019amagara y\u2019abantu. Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n\u2019amagara [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5300,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[390],"coauthors":[189],"class_list":["post-5299","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-kwonsa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5299","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5299"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5299\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5308,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5299\/revisions\/5308"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5300"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5299"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5299"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5299"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5299"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}