{"id":5294,"date":"2020-06-30T12:23:19","date_gmt":"2020-06-30T10:23:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5294"},"modified":"2023-06-17T20:51:15","modified_gmt":"2023-06-17T18:51:15","slug":"burundi-umwigeme-ashobora-gusama-inda-hagati-yiminsi-4-5-mu-kwezi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwigeme-ashobora-gusama-inda-hagati-yiminsi-4-5-mu-kwezi\/","title":{"rendered":"Umwigeme ashobora gusama inda hagati y\u2019iminsi 4 canke 5  gusa mu kwezi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Nkuko tubisanga mu gitabo c\u2019ubushobozi bwo kw\u2019ibweshaho, muri rusangi ikirangaminsi co kuja mu kwezi ku mwana w\u2019umwigeme kimara iminsi 28. Ariko rero kugira umenye neza ibihe wosamiramwo ubwirizwa kumenya ubwa mbere na mbere iminsi ikirangaminsi c\u2019ukwezi cawe kimara, ni ukuvuga kuva ku munsi wa mbere w\u2019ubutinyanka gushika ku wundi munsi bugarukiye.\u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikimenyetso cerekana ko umwana w\u2019umukobwa&nbsp; yinjiye mu bihe vyo kuza araja mu butinyanka, ni amaraso atemba ava mu gitsina, atari uko yakomerekejwe n\u2019igiti canke ibindi. Hari ababanza kuribwa ariko hari n\u2019abandi bataribwa bakabona ayo maraso yamaze kumata ku gahuzu ko musi ata menye na kimwe.&nbsp; Kuva ubwo, igihe cose uko ukwezi gutashe, uno mwigeme aguma abona ayo maraso gushika ku myaka nka 50. Umaze gutangura kwibonako ico kimenyetso uba ushobora gusama.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibice bigize ico kiringo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikirangaminsi c\u2019umukobwa kigizwe n\u2019ibiringo bitatu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikirongo ca mbere &nbsp;ni igihe akabuto gategurwa n\u2019umubiri kakongera kagahishira. Ico kiringo gitangura &nbsp;ku munsi wa mbere&nbsp; w\u2019ubutinyanka gushika ku munsi ugira&nbsp; 14 dufatiye ku mwigeme canke umukenyezi afise ikiringo c\u2019iminsi 28.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikiringo ca kabiri ni ic\u2019irekurwa ry\u2019akabuto, agasaho k\u2019imbuto kararekura urubuto rwahishiye ku munsi uri hagati na hagati y\u2019ikirangaminsi c\u2019uwo mwigeme. Nk\u2019uwusanzwe afise ikirangaminsi c\u2019iminsi 28 igihe c\u2019irekurwa ry\u2019akabuto gica kigwa ku munsi ugira 14. Ni na co gihe bishitse urubuto rw\u2019umugore rugahura n\u2019intanga z\u2019umugabo haheza hakavamwo irigi na ryo rigaheza rikamanukana mu karingoti kariganisha mu gitereko.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikiringo ca nyuma ni ic\u2019itegurwa ry\u2019igitereko. Inkabuzo \u00ab&nbsp;progest\u00e9rone&nbsp;\u00bb zica zitangura gutegura ibizobeshaho umwana mu gihe umuntu yasamye. Muri ico gihe, iryo rigi ribandanya rikurira mu gitereko. Iyo atasamwa ryabaye naho &nbsp;akabuto karapfa kagasohokana n\u2019ubutinyanka. Ivyo bikaba inyuma y\u2019iminsi 14 iheze akabuto karekuwe. Iyo minsi ntihinduka kuri bose.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igihe co gusama<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibiringo vy\u2019ubutinyanka ntivyama bigizwe n\u2019iminsi 28 gusa ariko birashobora guhinduka kuva ku minsi 21 gushika kuri 40 bivanye n\u2019ingene umubiri wa buri mwigeme umeze.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikiringo co gusama kiri hagati y\u2019iminsi 4 na 5.Na co gihuye n\u2019umunsi w\u2019irekurwa ry\u2019urubuto rw\u2019umwigeme ugaca wongerako iminsi 2 imbere n\u2019iyindi 2 inyuma kuko intanga z\u2019umugabo zishobora kumara umwanya muremure mu gisabo c\u2019umugore zitarapfa. Ni muri ico gihe umuntu wese akwiye kugaba kuko mu gihe habaye imibonano mpuzabitsina idakingiye, umuntu ashobora gusama imbanyi atipfuje.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomwenya ko umunsi urubuto rusha ushobora guhindagurika biturutse ku bigumbagumba, ubwoba bwinshi, imyitwarariko myinshi, guhindura ikirere c\u2019aho uba n\u2019 ibindi .<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Nkuko tubisanga mu gitabo c\u2019ubushobozi bwo kw\u2019ibweshaho, muri rusangi ikirangaminsi co kuja mu kwezi ku mwana w\u2019umwigeme kimara iminsi 28. Ariko rero kugira umenye neza ibihe wosamiramwo ubwirizwa kumenya ubwa mbere na mbere iminsi ikirangaminsi c\u2019ukwezi cawe kimara, ni ukuvuga kuva ku munsi wa mbere w\u2019ubutinyanka gushika ku wundi munsi bugarukiye.\u00a0 Ikimenyetso cerekana ko umwana [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":36,"featured_media":5295,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[267,445],"coauthors":[442],"class_list":["post-5294","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abigeme","tag-gusama"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5294","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/36"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5294"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5294\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5298,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5294\/revisions\/5298"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5295"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5294"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5294"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5294"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5294"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}