{"id":5267,"date":"2020-06-19T11:42:20","date_gmt":"2020-06-19T09:42:20","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5267"},"modified":"2023-06-17T20:50:53","modified_gmt":"2023-06-17T18:50:53","slug":"imigambi-mikurumikuru-umukuru-wigihugu-evariste-ndayishimiye-yemereye-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imigambi-mikurumikuru-umukuru-wigihugu-evariste-ndayishimiye-yemereye-burundi\/","title":{"rendered":"Imigambi mikurumikuru 12 umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yemereye abarundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ngiyi imwe mu migambi mikurumikuru yiyemeje kurangurira abarundi mu kiringo ciwe ca mbere c\u2019imyaka 7, mu ntumbero yo guteza imbere ibisata bitandukanye vy\u2019igihugu c\u2019Uburundi igihe umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi yimikwa kuri uwu wa 18 Ruheshi 2020<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu gisata c\u2019ubutunzi n\u2019iterambere&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hagiye gutunganywa umugambi wo kwikoreshereza ubutare n\u2019agataka Uburundi bufise mu gushinga amahinguriro yabwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Harategekanijwe kubandanya ibikorwa vyo kwubaka ingomero z\u2019umuyagankuba 7 zizotuma atawushaka kugira ihinguriro ngo abure n\u2019umuyagankuba. &nbsp;Mu gihugu hagiye kugwizwa kandi, umuyagankuba uva ku mishwarara y\u2019izuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Kwitaho kwubaka amabarabara kugira ngo abagwizamwimbu boroherwe mu gihe bashora imyimbu yabo haba hagati mu gihugu canke mu mahanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta igiye gushigikira bimwe biboneka abahinga b\u2019abashakashatsi baba abikorera utwabo canke abigisha bo muri za kaminuza kugira ngo haboneke iterambere.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta igiye gushigikira n\u2019ukworohereza abagwizatunga baba abarundi canke abanyamahanga bipfuza kuzana imitahe yabo mu Burundi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu gisata c\u2019indero n\u2019ic\u2019amagara y\u2019abantu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma yo kubona ko umugambi wo kugabanya impfu mu bana no gukomeza inyigisho mu mashure kugira ngo abana b\u2019Uburundi bose bashobore kuja ku ntebe y\u2019ishure waramiye imiryango myinshi, umukuru w\u2019igihugu mu sasha na we ngo azowukomeza. Yagize ati: \u00ab&nbsp; <em>Abakenyezi bibungenze n\u2019abana bari musi y\u2019imyaka itanu&nbsp; bazoguma bavurwa ku buntu, abana<\/em> <em>bari mu mashure shingiro&nbsp; na bo nyene bigishwe ku buntu<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikomine yose igize igihugu c\u2019Uburundi&nbsp; igiye kuzoronswa ibitaro, ironswe n\u2019abaganga bakurikirana amagara y\u2019abanyagihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp; Mu gisata c\u2019imico n\u2019akaranga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi yamenyesheje ko azobandanya guha ikibanza\u00a0 imico myiza n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi kugira ngo bibere \u00a0inkingi y\u2019iterambere abarundi bose. Ni muri iyo ntumbero nyene, yashikirije ko azogarukira yongere ateze imbere ururimi rw\u2019ikirundi, imico n\u2019akaranga ka basokuru abicishije mu kigo gishasha c\u2019ubushakashatsi, kwitaho n\u2019ukugarukira ururimi n\u2019imico y\u2019ikirundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Azobandanya gushigikira inkino, imico n\u2019imigenzo,\u00a0 azokomeza kandi inyigisho n\u2019inkino n\u2019ubunonotsi hamwe n\u2019iz\u2019ubuhinga ndangakaranga cane cane gukomeza ingoma kugira ngo ziteze imbere zongere zimenyekanishe Uburundi mu makungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Guhinyanyura gushasha poritike ijanye n\u2019inyigisho kugira ngo urwaruka rwige rubona iyo ruja, rwitegurire umwuga ruzorangura ruhejeje amashure, hubakwe amashure menshi cane cane ay\u2019ubuhinga kugira ngo Uburundi buramure urwaruka rushoboye kandi rweze ku mutima.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp; Iyindi migambi\u2026&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yamenyesheje ko azonagura amashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi kugira ngo abakukuruka babone ko bafise kazoza keza: <em>\u00ab&nbsp;Bagiye kuvurwa ku buntu bateko baronke n\u2019agashahara kangana n\u2019imiburiburi n\u2019ako bahora baronka bakiri ku buzi<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibisata vy\u2019uburimyi n\u2019ubworozi bigiye kurushiriza kwitabwaho biboneka ubona ko ari vyo bisata bibeshejeho cane abarundi benshi muri rusangi eka mbere haboneke n\u2019umwimbu wo gushora hanze mu bindi bihugu&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Kugwiza amahinguriro y\u2019itunga kama nk\u2019uburimyi n\u2019ubworozi bizotuma ubutunzi&nbsp; bwiyongera hagwizwe &nbsp;n\u2019akazi<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta yarashizeho ikigo OBUHA kugira ngo gitunganirize uburaro abakozi badafise amikoro manini bazohora bariha bukebuke ku giciro kitavuna gushika zibegukire.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ngiyi imwe mu migambi mikurumikuru yiyemeje kurangurira abarundi mu kiringo ciwe ca mbere c\u2019imyaka 7, mu ntumbero yo guteza imbere ibisata bitandukanye vy\u2019igihugu c\u2019Uburundi igihe umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi yimikwa kuri uwu wa 18 Ruheshi 2020 Mu gisata c\u2019ubutunzi n\u2019iterambere&nbsp; Hagiye gutunganywa umugambi wo kwikoreshereza ubutare n\u2019agataka Uburundi bufise mu gushinga amahinguriro yabwo. Harategekanijwe kubandanya ibikorwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5271,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[15,426,444],"coauthors":[231],"class_list":["post-5267","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-burundi","tag-indero","tag-ndayishimiye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5267","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5267"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5267\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5272,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5267\/revisions\/5272"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5271"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5267"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5267"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5267"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5267"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}