{"id":5258,"date":"2020-06-15T13:51:16","date_gmt":"2020-06-15T11:51:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5258"},"modified":"2023-06-17T20:50:33","modified_gmt":"2023-06-17T18:50:33","slug":"burundi-abagendana-ubunyamwema-nta-mavuriro-ahari-bokwitura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abagendana-ubunyamwema-nta-mavuriro-ahari-bokwitura\/","title":{"rendered":"\u00ab Abagendana ubunyamwema turababazwa n\u2019uko mu Burundi ata mavuriro ahari twokwitura \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Buri wa 13 Ruheshi uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe banyamwema. Mbega none uwo munsi uje usanga bugarijwe n\u2019ibihe bibazo nyamukuru? Ibitigiri vyerekana ko bangana gute mu Burundi?&nbsp; Soma iyi nkuru utomokerwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko icirwa cakozwe na Albinos sans fronti\u00e8re mu mwaka wa 2011 kibimenyesha, banyamwema bababa 1.200 mu gihugu. Ni mu gihe kuva kera bitorohera abarundi gutahura ivuka ry\u2019umwana w\u2019urukoba rwera ku bantu babiri bafise umubiri wirabura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikaba vyatuma bibaza ko vyoba biva ku karoge canke ko ari igisizimwe, mbere n\u2019umukenyezi yarashobora kwirukanwa ku bw\u2019uwo mwana, ariko ivyo vyose bikaba vyava ku kutamenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari abandi bibaza ko ibihimba vy\u2019umwema bizana itunga ari na vyo vyatumye benshi bicwa kuva 2008 gushika n\u2019ubu. Mbere i Kinyinya, mu ntara ya Ruyigi, hariho abacegeranirijwe hamwe ku gutinya abicanyi bahitiye bagisibije cane mu ntara zihana imbibe n\u2019ibihugu bibanyi vy\u2019Uburundi.&nbsp; &nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubuvuzi ku banyamwema buracumbagira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubunyamwema buva ku kanyabuzima (\u00ab gene \u00bb) kagengwa n\u2019ukudakora neza icunyunyu bita \u00ab pigment \u00bb giha ibara urukoba, imishatsi, ubwoya n\u2019amaso nk\u2019uko bikwiye. Rero iyo umugore n\u2019umugabo bahuye bompi bafise ako kanyabuzima, umwana abavutseko ashobora kuba nyamwema. Ivyo vyose bigatuma nyamwema agira ingorane z\u2019amagara nk\u2019urukoba hamwe n\u2019amaso, kuko umubiri wiwe utaba wikwije. Ivyo rero bikanamusaba kwikingira n\u2019impuzu zifuka umubiri hamwe n\u2019amarori ngo yamishwarara y\u2019izuba ntimubabaze inamutere ingwara z\u2019ikomeye nka cancer.<\/p>\n\n\n\n<p>Constance Katihabwa, asanzwe ari mu barongoye ishirahamwe ASB (Albinos sans fronti\u00e8res) akaba agendana ubunyamwema ngo arababazwa n\u2019ingene mu Burundi, ata mavuta akingira urukoba ahari. Amenyesha kandi ko kuba ata mavuriro boshobora kwirukiramwo mu ntu mbero yo kwivuza na cane cane ingwara z\u2019amaso na cancer y\u2019uruhu bituma babangamirwa cane bakarinda kuja mu bihugu bibanyi nk\u2019i Tanzaniya hoho hari ibitaro vyagenewe kwakira ba nyamwema kandi bakabavura kuri gusa. Igiheza kikabavuna muri ico gihe, ni uburyo bwo kwiyunguruza, uburaro mu gihe uwumvise ko asinzikaye ajabutse kwivuriza muri ivyo bihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Constance, ngo no mu Burundi harakwiye gushingwa bene ayo mavuriro abanyamwema bitura kugira ngo, naho batobavura gushika aho bababasha kubona neza, ariko bikunde babapfupfaharize. Agasaba kandi ko boronswa ku buntu amavuta yo ku rukoba kuko n\u2019aho bayasanze ngo usanga azimvye cane mu gihe uburyo bw\u2019abanyamwema b\u2019abarundi muri rusangi bugeze ku rushi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomwenya ko ubunyamwema atari abirabure gusa babugira ariko n\u2019abazungu bashobora kwibaruka abana babufise.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Buri wa 13 Ruheshi uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe banyamwema. Mbega none uwo munsi uje usanga bugarijwe n\u2019ibihe bibazo nyamukuru? Ibitigiri vyerekana ko bangana gute mu Burundi?&nbsp; Soma iyi nkuru utomokerwe. Nk\u2019uko icirwa cakozwe na Albinos sans fronti\u00e8re mu mwaka wa 2011 kibimenyesha, banyamwema bababa 1.200 mu gihugu. Ni mu gihe kuva [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":36,"featured_media":5259,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[598],"coauthors":[442],"class_list":["post-5258","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amavuriro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5258","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/36"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5258"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5258\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5260,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5258\/revisions\/5260"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5259"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5258"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5258"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5258"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5258"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}