{"id":5214,"date":"2020-06-01T18:17:47","date_gmt":"2020-06-01T16:17:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5214"},"modified":"2023-06-17T20:49:42","modified_gmt":"2023-06-17T18:49:42","slug":"bishasha-urudandaza-burundi-ibiharuro","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bishasha-urudandaza-burundi-ibiharuro\/","title":{"rendered":"Bishasha tuzi ku rudandaza Uburundi bugirana n\u2019ibindi bihugu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inzahabu ziza kw\u2019isonga mu bidandazwa Uburundi bushorera hanze, ku rugero rw\u2019ibice birenga 50% mu gihe ivyinjizwa mu gihugu vyo vyiganziwe n\u2019ibitoro ku bice 19,7%. Umugabane wa Aziya ni wo uri imbere y\u2019iyindi muri ico gisata c\u2019uguhanahana ibidandazwa (ibice birenga 60% vy\u2019ibicuruzwa Uburundi bushorera hanze bija muri uwo mugabane, 52,5% vy\u2019ivyo bwinjiza bikava muri Aziya nyene).<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva mu mwaka wa 2016, ikigo kijejwe gutoza amakori n\u2019amatagisi OBR kigenda gishira ahabona icegeranyo c\u2019ibiharuro mfatakibanza, cerekana ingene Uburundi bwagiye burahana ibidandazwa n\u2019ibindi bihugu vyo kw\u2019isi. Hano twihweza ibiharuro vyatanzwe mu cegeranyo c\u2019igice ca kabiri c\u2019umwaka wa 2019.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ihanahanwa ry\u2019ibidandazwa hagati y\u2019Uburundi n\u2019ibindi bihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gice ca kabiri c\u2019umwaka wa 2019, ibidandazwa vyashorewe hanze y\u2019igihugu vyari biciye imiriyaridi 99,1 z\u2019amarundi. &nbsp;Vyose hamwe birenga ibice 80% : inzahabu ziza imbere y\u2019ibindi bidandazwa ku bice 51,9%, hagakurikira ikawa (16,0%), hanyuma icayi (12,4%), hisunzwe agaciro k\u2019ivyajabukanwe muri rusangi.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico gice c\u2019uwo mwaka nyene, ibidandazwa vyinjijwe vyari bifise agaciro k\u2019imiriyaridi 368,5 z\u2019amarundi. Ibitoro bikaba ari vyo vyinjijwe cane ku bice 19,7%, hakurikira imiti (4,5%), imiduga yo gutemberamwo 4,3 % hamwe rero n\u2019ibinyantete 4,1%, hisunzwe agaciro k\u2019ivyinjijwe mu Burundi muri ico kiringo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibihugu biza imbere y\u2019ibindi mw\u2019ihanahanwa ry\u2019ibidandazwa n\u2019Uburundi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bihugu vyunze ubumwe vy\u2019abarabu ni ho Uburundi bushorera cane ibidandazwa vyabwo ku bice 52,2%, hagakurikira Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo ku bice 9,1%, Pakistan (6,2%), Suisse (5,7%), Singapour (3,9%). Kuvyerekeye iyinjizwa ry\u2019ibidandazwa naho dusanga ibihugu 4 vyo ku mugabane wa Aziya biza kw\u2019isonga : Arabiya Sawudite (14,5%), Ubushinwa (13,45%), Ubuhindi (8,8%), umugwi w\u2019ibihugu vyunze ubumwe vy\u2019abarabu (8,5%), urudandaza rurenga ibice 45%. Ku mugabane wa Afirika&nbsp; igihugu ca Kenya (5,9%) hamwe na&nbsp; Tanzaniya (5,5%) bikaba ari vyo bikurikira ivyo bihugu vyo ku mugabane wa Aziya, ku bice 11,5% hisunzwe agaciro k\u2019ibidandazwa vyinjijwe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inzahabu ziza kw\u2019isonga mu bidandazwa Uburundi bushorera hanze, ku rugero rw\u2019ibice birenga 50% mu gihe ivyinjizwa mu gihugu vyo vyiganziwe n\u2019ibitoro ku bice 19,7%. Umugabane wa Aziya ni wo uri imbere y\u2019iyindi muri ico gisata c\u2019uguhanahana ibidandazwa (ibice birenga 60% vy\u2019ibicuruzwa Uburundi bushorera hanze bija muri uwo mugabane, 52,5% vy\u2019ivyo bwinjiza bikava muri Aziya nyene). [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":25,"featured_media":5216,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[567],"coauthors":[181],"class_list":["post-5214","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5214","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/25"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5214"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5214\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5217,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5214\/revisions\/5217"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5216"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5214"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5214"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5214"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5214"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}