{"id":5159,"date":"2020-05-14T12:03:15","date_gmt":"2020-05-14T10:03:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5159"},"modified":"2023-06-17T20:48:20","modified_gmt":"2023-06-17T18:48:20","slug":"kugona-ingwara-ishobora-kwica-umuntu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kugona-ingwara-ishobora-kwica-umuntu-burundi\/","title":{"rendered":"Wari uzi ko kugona ari ingwara ishobora kwica umuntu ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe abatari bake bazi ko hahirira umuntu vyashitse agatiro kakamutwara yasamye, muganga L\u00e9onard Bivahagumye umuhinga yanonosoye ivy\u2019ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi amenyesha ko burya kugona ari ingwara mu zindi. Irakingirwa, iravurwa kandi irakira iyo atari mvukanwa. Ni muri iyi nkuru.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Guhirira canke kugona ni uguhema impwemu zigasohoka zivuga kuko ziba zagomerewe mu nzira n\u2019uduhimba twitambitse mu karingoti impwemu zicamwo. Ibi bishika mu gihe umuntu asinziriye gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bisigurwa na muganga Bivahagumye, amajwi asohoka kubw\u2019iyo ngwara aterwa n\u2019uko aho impwemu zica umuntu asinziriye hamera nk\u2019ahajugumira kurya umuyaga uhuhuta ugahungabanya ibendera. Ibice vyose bikikuje inzira z\u2019ihemero kuva mu zuru, mu kanwa, gushika aho impwemu zinjira mu muringoti winjiza impwemu mu mahaha, birashobora guhungabana kubera biba vyaroroshe canke na ho inzira ikaba ari ntoyi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaruka zo kugona<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo umuntu ataronka neza impwemu asinziriye haraba ingaruka zitari nke. <strong>\u00ab&nbsp;<\/strong><em>Harya ivyo umubiri wunguka ubironka iyo uruhutse. Umuntu asinziriye, impwemu zirinjira, n\u2019ubwonko bugashikirwa. Nk\u2019umwana ntashobora gukura neza mu gihe abuze ivyo vyose. Ni hamwe ku murango usanga aguma arushe, ntakurikirane neza mw\u2019ishure, n\u2019izindi ngaruka tutadondaguye zose<\/em>\u00bb.N\u2019umuntu akuze ni uko nyene, aguma ahunyiza akazi kiwe ntakarangure uko yavyipfuza kuko aguma arushe. Iyo rero vyarengeranye, umuntu arashobora gusinzira impwemu zikinjira zinigana n\u2019ugupfa agashobora gupfa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gute umuntu yokwikingira iyo ngwara&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugona bishobora kuva ku kuntu umuntu yaremwe canke na ho bikava ku bintu umuntu ashobora kwirinda we nyene. Muganga Bivahagumye atanga akarorero ku muntu usanga afise agasakanwa kameze nk\u2019akiteye muri we. Ni ukuvuga ko igufa ry\u2019umubangabanga riba na ryo nyene ryariteye gutyo inzira y\u2019impwemu ikaba nto. Impwemu ntiziba zigisohotse neza ari yo mpamvu ahema ahirira. Ibi ntibivurwa, ntibinakingirwa kuko biba ari mvukanwa. Ni cokimwe n\u2019ibiva ku ndesho y\u2019izosi (iyo ari rigufi).&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga amenyesha kandi ko hari ibiterwa n\u2019uko uduhimba two ku gisenge c\u2019akanwa canke ku kamirabugari tuba tworoshe, tukaba tureture, canke na ho tukaba twarapfuye. Ivyo na vyo bigaterwa n\u2019inzoga, itabi n\u2019ibindi. Mu kwikingira iyo ngwara rero, aba bantu boheba iryo tabi n\u2019inzoga, uwo vyankiye gose ko aheba icupa, akagabanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari abandi rero bagona biturutse ku buvyibuhe burenze bw\u2019umuhogo. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Iyo umuntu avyibushe, n\u2019ururimi ruravyibuha, amatama akaba manini, bino bihimba bigaheza bikazibira umuhora impwemu zicamwo. Kubw\u2019ivyo, umuntu yokwirinda kugira ibiro vy\u2019umurengera mu gufungura neza, akagira ikarashishi&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Guhirira biravurwa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo bitaturutse ku mpamvu mvukanwa, biravurwa umuntu agakira. Ariko rero, muganga Bivahagumye amenyesha ko uwo muntu biba ngombwa ko bamubaga kugira ngo ivyo bintu biba vyatambamye mu nzira impwemu zicamwo&nbsp; bihere.<\/p>\n\n\n\n<p>Ngo hari n\u2019ubundi buhinga bw\u2019imashini aho umuntu aryama afise ikintu cagura ibice vy\u2019ihemero bagishize mu kanwa canke mu mazuru, hakaba n\u2019igisunika impwemu zikagenda n\u2019inguvu kugira ngo umuntu ariko arahema impwemu ntizinigane.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Bivahagumye akaba ahanurira abantu kubaho ubuzima bwiza, bakigengesera, bakirinda inzoga, itabi, bafungure ivyamwa, imboga, bagire ikarashishi kuko benshi usanga&nbsp; barya bicaye, bakaja ku buzi bicaye, bakarya ingaburo zibagwiriza ibinure gutyo umubiri ukaremerwa bigaheza bikabakwegera ingwara zitari nke.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abatari bake bazi ko hahirira umuntu vyashitse agatiro kakamutwara yasamye, muganga L\u00e9onard Bivahagumye umuhinga yanonosoye ivy\u2019ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi amenyesha ko burya kugona ari ingwara mu zindi. Irakingirwa, iravurwa kandi irakira iyo atari mvukanwa. Ni muri iyi nkuru. Guhirira canke kugona ni uguhema impwemu zigasohoka zivuga kuko ziba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5160,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391],"coauthors":[231],"class_list":["post-5159","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5159","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5159"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5159\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5162,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5159\/revisions\/5162"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5160"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5159"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5159"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5159"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5159"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}