{"id":5148,"date":"2020-05-12T11:51:31","date_gmt":"2020-05-12T09:51:31","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5148"},"modified":"2023-06-17T20:48:07","modified_gmt":"2023-06-17T18:48:07","slug":"burundi-intara-kama-imbo-intambo-ikidagagizo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-intara-kama-imbo-intambo-ikidagagizo\/","title":{"rendered":"Mu ntara kama y\u2019Imbo, intambo y\u2019ikidagagizo irabica bigacika"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe abantu benshi bamenyerereye kuraba intambo zitandukanye nk\u2019amayaya, intore, urwendengwe, agasimbo \u2026 ugasanga baryohewe cane umunezero n\u2019agatwengo bikabegura maze amaso akaguma ku bariko barabaryohereza ibirori, intambo y\u2019ikidagagizo kuva igitangura gushika ihere abantu baba bajumarariwe umutima uri mu kubavamwo. Uti none iyo na yo itambwa gute? Isomere<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo uriko urarorera <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imvyino-burundi-umuco-uriko-uratituka\/\" target=\"_blank\">intambo <\/a>y\u2019ikidagagizo, iheze, ukabona nta muntu akorotse, uraheza ukiruhutsa. Uburyohe bwayo ubwinovora ubonye iheze. Ast\u00e8re Ndihokubwayo arongoye umugwi w\u2019intambo ndanga karanga \u00abIntatana \u00bb, aratwiganira ibijanye n\u2019iyo ntambo: <em>\u00abIntambo y\u2019ikidagagizo imenyerewe cane mu ntara kama y\u2019Imbo (intara ya Bujumbura). Itambwa n\u2019abagabo canecane abakiri bato bakayitamba bahagaze ku biti bibiri hejuru. Ivyo biti bibiri baba bahagazeko ni vyo bita ibidagagizo. Mu kuyitamba, bigana umwana akimenya gutambuka kurya agenda aradagadaga canke adagagiza. Baraheza bakaja bashingura bongera bashinga ibiti bahagazeko bamera nk\u2019abatambuka impande zose badagadaga. Iyo ntambo abantu bayibonye barayitangarira cane kubera ubuhinga bwo kuyitamba butumvikana cane. Uguma ubona umengo uwuriko arayitamba agira akoroke\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ast\u00e8re avuga ko iyo ntambo akenshi ata vyinshi isigura mu bijanye n\u2019imico n\u2019akaranga kiretse ko bayitamba kugira binezereze bongere banezereze ababa bariko barabarorera. Ariko kubera ko iyo ntambo iherekezwa n\u2019amashi, akagoma n\u2019indirimbo, uyo arongoye \u00ab Intatana \u00bb avuga ko ubutumwa baba bashaka gushikiriza baca babucisha mu ndirimbo abantu bahakoraniye bariko bararorera iyo ntambo bakumviraho. Rero iyo ntambo ngo nta mukobwa canke umugore ayitamba kubera ko isaba inguvu nyinshi no kurinda kandi ikaba igoye kuburyo ushobora gutemba ukavunika.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iyo ntambo yoba yavumbuwe gute kandi itambwa ryari?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ndihokubwayo afatiye ku matohoza yakoze, avuga ko iyo ntambo atari iya kera cane. Yibaza ko abayitanguje biganye abakinyi b\u2019udukino two gusamaza abantu (cirques) twazanywe n\u2019abanyamahanga (atari ababirigi ni abadagi). Agira ati: <em>\u00ab Mu bisanzwe abarundi biganye vya bintu vyo mu ma\u2019\u2019cirques\u2019\u2019 y\u2019abazungu baca batora kugendera ku biti\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo ntambo rero, co kimwe n\u2019izindi ntambo, Ast\u00e8re avuga ko itambwa cane cane mu mahiganwa ndanga muco. Ivyo bikunda kuba mu gihe basavye ko intara yose yo mu Burundi izana ivyayo. Ikidagagizo gica giseruka mu ntara kama y\u2019Imbo (canecane mu ntara ya Bujumbura). Ariko ngo n\u2019ubwo yibonekeza muri iyo ntara, mu rwaruka ntimenyerewe cane kiretse mu migwi y\u2019intambo ndanga karanga nka Club \u00abIntatana\u00bb yiyemeje gucukumbura intambo iyo ziva zikagera kugira izigarukane zitambwe mu birori mu ntumbero yuko zitokwibagiranwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abantu benshi bamenyerereye kuraba intambo zitandukanye nk\u2019amayaya, intore, urwendengwe, agasimbo \u2026 ugasanga baryohewe cane umunezero n\u2019agatwengo bikabegura maze amaso akaguma ku bariko barabaryohereza ibirori, intambo y\u2019ikidagagizo kuva igitangura gushika ihere abantu baba bajumarariwe umutima uri mu kubavamwo. Uti none iyo na yo itambwa gute? Isomere Iyo uriko urarorera intambo y\u2019ikidagagizo, iheze, ukabona nta [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5149,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[435,433],"coauthors":[189],"class_list":["post-5148","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-imbo","tag-intambo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5148","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5148"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5148\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5157,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5148\/revisions\/5157"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5149"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5148"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5148"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5148"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5148"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}