{"id":5138,"date":"2020-05-09T19:01:46","date_gmt":"2020-05-09T17:01:46","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5138"},"modified":"2023-06-17T20:47:59","modified_gmt":"2023-06-17T18:47:59","slug":"burundi-amagara-umubiri-urashobora-kwama-uhumura-nabi-kandi-wozwa-kenshi-biravurwa","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-amagara-umubiri-urashobora-kwama-uhumura-nabi-kandi-wozwa-kenshi-biravurwa\/","title":{"rendered":"Umubiri w\u2019umuntu urashobora kwama uhumura nabi kandi yiyoza kenshi : biravurwa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Birashoboka cane ko umuntu abaho akora isuku kenshi ariko akamana agahumuro kabi ku mubiri wiwe, akenshi ngo biva ku ngwara bita\u00a0 \u00ab\u00a0bromhidrose\u00a0\u00bb nk\u2019uko vyemezwa na muganga yanonosoye ivy\u2019ingwara zo ku rukoba, Dr Belyse Kaneza. Uwufise ico kibazo akitura abaganga babinonosoye \u00a0ngo baramuha umuti agasubira akicara mu bandi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Benshi &nbsp;mu bagendana iyo ngwara bakunda guhura n\u2019ikibazo co kutaronka akaryo ko kwicara aho abandi bari naho nyene baba bafise ijambo bakabura aho bariserurira. Ukwinubwa n\u2019ugutungwa urutoke &nbsp;ngo bituma na bo nyene biyumva nk\u2019ibicibwa, gutyo umutekano wo mu mutima ukabura eka mbere bamwe ugasanga bigungiye ahabonyene, ibishobora no kwadukana izindi ngwara zo mu mutwe kuko babona ko umenga kubaho batari mu bandi bisa n\u2019ukutabaho, abandi mbere bakarondera no kwiyaka ubuzima.<\/p>\n\n\n\n<p>A.G, umusore w\u2019imyaka 20 asengera mw\u2019idini ry\u2019aba-islam avuga ko kuba agendana iyo ngwara&nbsp; bimutera ikibazo cane kuko avuga ko hari n\u2019aho bihora bishika agatinya kuja gusengera mu bandi kuko biba ngombwa ko bakura ibirato mu gihe wewe yifitiye ikibazo c\u2019uko akuye ibirato abadashimye kwiruka bafata amazuru. Agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Ntakwo ntagira mu kwoga mu birenge iminsi yose kandi n\u2019ibirato n\u2019amasogisi nkayambara amesuye neza ariko nkaguma mpumura nabi<\/em>. <em>Nabajije abagenzi bambwira ko bivana n\u2019ubwoko bw\u2019impuzu amasogisi mba naguze aba akozwemwo yamara narahinduye ntanyishu naronse<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa muganga Kaneza, ingwara yo guhumura nabi mu birenge iva ku kubira icuya cinshi hama udukoko dusanzwe tuba mu mubiri tugahindura ico cuya kigaheza kigatanga ako gahumuro katari keza. Nk\u2019uko abandanya abishikiriza, ikindi gituma ibirenge bihumura nabi ni ingwara y\u2019ibimeme. Iyo ngwara ivurwa n\u2019umuti bita \u00ab&nbsp;antimycosique&nbsp;\u00bb canke \u00ab&nbsp;antibacterien&nbsp;\u00bb igwanya twa dukoko tuba ku mubiri. Uwo muganga agahanura kandi gukora ibi bikurikira&nbsp;: Kwoga neza iminsi yose ugakurako ikibiribiri gikomeye co munsi y\u2019ibirenge(cellules mortes), guhindura ibirato umuntu ntiyambare umwambaro umwe kabiri kikurikiranya, kwoza ibirato bikanikirwa ku zuba n\u2019ibiburiburi rimwe mu ndwi, kwiyumutsa neza amaguru imbere yo kwambara ibirato, amashesheti akambarwa rimwe ku munsi, kunyuzamwo &nbsp;umuntu akambara ibirato vyuguruye\u2026.<\/p>\n\n\n\n<p>M.N. &nbsp;umwigeme yiga mu mwaka w\u2019icenda ngo ntiyorohewe na mba kuko iyo ageze mw\u2019ishure ngo akunda guharirwa ivomo. Avuga ko abandi banyeshure bigana&nbsp; bamwagiriza ngo anuka igikakwe kandi ngo ari umwanda mu gihe ata kwo atagira mu kwoga kenshi gashoboka,&nbsp;ariko ngo naho yoheza kwoga akisiga utuvuta nk\u2019abandi, akitera agaparufe, yakama afise agahumuro yisangije. Agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Kwishure&nbsp; ndonka uwo twicarana iyo mwigisha yinjiye honyene. Bishitse agasohoka, abo twari twicaranye bose banyororomba bigira ku yandi ma-rang\u00e9es. Hari n\u2019aho mbere nama niyumvira ko noheba ishure kuko sinorohewe na gato<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Kaneza, abandanya ahumuriza uwo wese afise ingwara bene iyo, aho amusaba kuja ku baganga babinonosoye akabiganira neza ikibazo afise bakagerageza kurondera ico bivako, ingwara ikavurirwa ku muzi.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Ariko rero, Dr. Kaneza asaba ko icobanza kwihutirwa imbere yo kuja kwivuza kwoba ukwitwararika isuku, umuntu akamwa ubwakwaha kandi akahanyukura neza n\u2019ikinyuko, cokimwe no mu ngingo zikunda kubiramwo indugumba kenshi kuko navyo bishobora kuba imvo y\u2019ako kamoto kabi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Birashoboka cane ko umuntu abaho akora isuku kenshi ariko akamana agahumuro kabi ku mubiri wiwe, akenshi ngo biva ku ngwara bita\u00a0 \u00ab\u00a0bromhidrose\u00a0\u00bb nk\u2019uko vyemezwa na muganga yanonosoye ivy\u2019ingwara zo ku rukoba, Dr Belyse Kaneza. Uwufise ico kibazo akitura abaganga babinonosoye \u00a0ngo baramuha umuti agasubira akicara mu bandi\u2026 Benshi &nbsp;mu bagendana iyo ngwara bakunda guhura n\u2019ikibazo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5140,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391],"coauthors":[231],"class_list":["post-5138","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5138","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5138"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5138\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5147,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5138\/revisions\/5147"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5140"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5138"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5138"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5138"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5138"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}