{"id":5133,"date":"2020-05-09T13:47:19","date_gmt":"2020-05-09T11:47:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5133"},"modified":"2023-06-17T20:47:46","modified_gmt":"2023-06-17T18:47:46","slug":"ubukene-amazi-ikibazo-amashure-burundi-unicef-bubanza-gihanga","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubukene-amazi-ikibazo-amashure-burundi-unicef-bubanza-gihanga\/","title":{"rendered":"Ubukene bw\u2019amazi, ikibazo gihanze amashure atari make yo hagati mu gihugu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku mashure menshi yo hagati mu gihugu haribonekeza cane ubukene bw\u2019amazi butuma isuku ku magara y\u2019abanyeshure ahungabana. Ni amakuru yatohojwe mu ntara ya Bubanza na Cibitoke<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntara ya Bubanza kw\u2019ishure shingiro rya Gihanga I hari abanyeshure bashika 1274 bagizwe n\u2019abahungu 622 hamwe n\u2019abakobwa 652. Ariko kuri iryo shure hakaba hari ibombo ry\u2019amazi ririko utu robine dutatu hamwe n\u2019umuringoti uriko udutoboro dushika 10 bubakiwe n\u2019ishirahamwe ECOSSAN. <br><br>Umuyobozi w\u2019iryoshure Joseph Nitunga avuga ko ayo mazi adakwiye kuko abanyeshure ari benshi kandi bataronka uko bakaraba. Agira ati:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Amazi ni make cane kuko abana ari benshi. Iyo bavuye gukina baragwanira kuri utwo turobine ugasanga baratwishe\u00bb.<\/em> <br>Ku bijanye no gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabuni ku banyeshure, umuyobozi avuga ati:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Abanyeshure barahawe inyigisho zikwiye ku bijanye n\u2019isuku nk\u2019iyo bavuye mu kazu ka surwumwe, iyo bagira bafungure, iyo bahejeje gufungura ndetse n\u2019ibindi vyinshi. Ariko abana ntibavyubahiriza iyo bari hano kw\u2019ishure kubera ata mazi akwiye n\u2019isabuni bihari\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">???? Au lyc\u00e9e Butara (<a href=\"https:\/\/twitter.com\/CibitokeProv?ref_src=twsrc%5Etfw\">@CibitokeProv<\/a>), les \u00e9l\u00e8ves savent d\u00e9j\u00e0 qu&#39;il y a un danger nomm\u00e9 &quot;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/coronavirus?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#coronavirus<\/a>&quot;. C&#39;est pourquoi ils suivent les mesures d\u2019<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/hygi%C3%A8ne?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#hygi\u00e8ne<\/a> dans l\u2019\u00e9tablissement, corollaires des droits <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/pourchaqueenfant?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#pourchaqueenfant<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/school2020?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#school2020<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/QCxqWSpSAq\">pic.twitter.com\/QCxqWSpSAq<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1248580737235853312?ref_src=twsrc%5Etfw\">April 10, 2020<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Mu ntara ya Cibitoke hoho ni agahomera bunwa!<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mashure amw\u2019amwe ari mu ntara ya Cibitoke haribonekeza ubukene buteye ubwoba bw\u2019amazi aho ahinanase ngo barafise amazi usanga ari irobine imwe nahonyene hakaza amazi make cane. Aho ni nko kuri ecofo Rugombo I aho hari ibomba rimwe na ryo nyene barisangira na ecofo Rugombo III. <\/p>\n\n\n\n<p>Aho rero vyibonekeza ko abanyeshure ari benshi cane. Asa n\u2019uwugereranya umwarimu umwe yavuze ko kuri ayo mashure uko ari abiri hoba higa abanyeshure barenga 2800. Ecofo Ndava I,\u00a0na Ndava II hoho hari ibimenyetso vy\u2019amabomba yigeze kuhubakwa ariko ntagikora. <\/p>\n\n\n\n<p>Umunyeshure Niyonkuru Grace yiga mu mwaka wa gatandatu kuri imwe muri ayo mashure avuga ati:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Twebwe gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabuni nta vyo dukora kuko amazi aha kw\u2019ishure atayo dufise. Ariko twarigeze kuba dukoresha amazi ya honyorukarabe, mugabo utu bidons yaba arimwo abanyagihugu bahegereye baca batwiba\u00bb.<\/em> Eka mbere n\u2019umurezi waho Rapha\u00ebl agira ati:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Biragoye cane kuko nk\u2019iyo umwana avuye mu kazu ka surwumwe atera aza mw\u2019ishure adakaravye kandi aba afise akamoto katameze neza. Ivyo rero biraheza bikanatera umudugararo mw\u2019ishure\u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku mashure menshi yo hagati mu gihugu haribonekeza cane ubukene bw\u2019amazi butuma isuku ku magara y\u2019abanyeshure ahungabana. Ni amakuru yatohojwe mu ntara ya Bubanza na Cibitoke Mu ntara ya Bubanza kw\u2019ishure shingiro rya Gihanga I hari abanyeshure bashika 1274 bagizwe n\u2019abahungu 622 hamwe n\u2019abakobwa 652. Ariko kuri iryo shure hakaba hari ibombo ry\u2019amazi ririko utu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5134,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[21,171],"coauthors":[34],"class_list":["post-5133","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-bubanza","tag-cibitoke"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5133","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5133"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5133\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5137,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5133\/revisions\/5137"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5134"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5133"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5133"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5133"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5133"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}