{"id":5104,"date":"2020-05-04T15:22:41","date_gmt":"2020-05-04T13:22:41","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5104"},"modified":"2020-05-09T14:27:50","modified_gmt":"2020-05-09T12:27:50","slug":"imvyino-burundi-umuco-uriko-uratituka","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imvyino-burundi-umuco-uriko-uratituka\/","title":{"rendered":"Imvyino mu Burundi: umuco ndangakaranga usa n\u2019uwuriko uratituka"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Aho hambere, abantu bakoresha imvyino mu guserura akari ku mutima, kakumvikanira mu gahogo, kakisesa no ku rurimi kakiyerekanira mu migere no mu mihamirizo abari aho na bo bakabagumiriza kuko kenshi imvyino zajana n\u2019intambo. Hari rero imvyino zitambwa n\u2019izindi zo kwumviriza abari aho bakinovora ibiriko birashikirizwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bavyina ryari?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Twagirayezu Rose umuremeshakiyago mu kigo Cebulac avuga ko kenshi na kenshi aho hambere bavyina mu bikorwa. Ivyo na vyo bikaba ari nko mu gihe baba bariko barahinda ikibiri, basekura, bavugira igisabo, urusyo, mu kwegeka inzuki, kujisha n\u2019ukwahira. Izo mvyino zaraheza zigafasha guserura ikiri ku mutima, haba mu gucura intimba, uguhaya umukunzi, uguhanura, ukurinjora, uguhemana canke bakihaya ubutwari bakagira ivyo banegura n\u2019ivyo basaba.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari n\u2019abavyina baranga umugeni, mu kuresha no mu kubenga. Umukobwa yarashobora kukuririmbira wewe nyene ugataha wumvise ko ijambo wabajije ryanswe. Ni nk\u2019uko yanashobora kuvyina yakubengutse akubwira ati aho nyene aho nyene \u2018\u2019ni ho narondera\u2019\u2019. Waca umenya yuko ijambo ryakunzwe. Baraheza bakanavyina mu kujana umugeni, mu kugaya umugeni bakamuhera ku mutwe gushika ku maguru bagaya canke bakamushima ngo ni juru rya kurwa, asa n\u2019irirenga, nzobe y\u2019ikimonge, &#8230;<\/p>\n\n\n\n<p>Twagirayezu Rose avuga kandi ko bashobora gukoresha imvyino mu kugaya canke gushima urwarwa hamwe no mu guhoza umwana. Baravyina mu migirwa y\u2019ikirundi, nko gukeza umuvyeyi, kuramukanya, akazehe, kuvyinira amahasa, ku muganuro no guterekera. No mu kubandirwa kiranga, haraba imvyino kuko kwari nko gusenga kw\u2019ubu kuko barasaba gukingirwa akabi canke bagasaba uruvyaro, canke bakaja kubandwa bashima canke bongeza ku vyo bari barasavye. Baravyina kandi bateramye, bakavuza inanga,imyironge n\u2019ikembe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uguserura iciyumviro biciye mu kuvyina bifasha iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muremeshakiyago akaba n\u2019umukinyi w\u2019ivyese azwi cane kw\u2019izina rya Mafoza mu gikino c\u2019abarengero n\u2019abaseruko, avuga ko mu mvyino batapfa kuvyina gusa. Agira ati: <em>\u00abMu ndero y\u2019ikirundi kirazira kuvuga ududurirako. N\u2019iyo umuntu ariko aravyina rero arakikiriza mbere agacisha no mu migani. Ubicishije mu gahogo rero, warashobora kuvuga ico ushaka kandi ico wavuze mu ruvyino nticaheza ngo kibabaze umuntu nk\u2019uko wokimubwira amaso mu yandi. Kuko nk\u2019ubu ubwiye umuntu ngo asa n\u2019inkono iteka, amaso mu yandi hari naho mwoca mushira mu migere. Ariko iyo ari uruvyino hari naho uwo uriko uratuka aca agufasha no kwitabiriza\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisanzwe, mu ruvyino uravuga, uwuriko arabwirwa akiyumva. Ni na ho hava ivyo kwishura. Impanuro zigashikira uwo ziraba zigashikira n\u2019abandi. Umukobwa na inasenge barashobora kuyaga mu ruvyino amabanga yose yo murugo akamubwira ingene vyagenze kuva umunsi agenda, ingene vyamubereye, bakavyina bakumvikana kandi akamwishura abari aho ntibatahure na kimwe kiretse abamaze gukura b\u2019inararibonye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ngo izo mvyino zarafasha no mu ndero<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Twagirayezu Rose avuga ko aho hambere abakuze bateramiye kuri izo mvyino, abakiri bato barumviriza mbere bakabagumiriza bakaboneraho gukurana uwo mugenzo mwiza. Ariko urwaruka rw\u2019ubu, ngo ntirukironka indero yo ku ziko canecane ivyerekeye imico n\u2019akaranga. Urw\u2019ubu ngo ni ba njana n\u2019abaja. Bajana n\u2019ibiharawe, bihutira kwigana imico yo hanze, ivy\u2019ino bakabona umengo ntibifise akamaro. Imico n\u2019imvyino z\u2019ikirundi biriko biribagiranwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero, ngo ni vyiza gucisha ibiyago mu mvyino kuko urakebura utababaje,urakanda udatonetse,urabwira uwawe mw\u2019ibanga, uraremurura uwuremerewe, urateramisha abandi, uramenya utw\u2019irya n\u2019ino mu biyago, uramenya kahise k\u2019igihugu cawe uranabona impano canke ingabirano z\u2019abo muri kumwe. Imvyino ziraryosha urubanza, zirakabura abafise imitima yacuramye, zitwibutsa iwacu n\u2019umutima wo kuhakunda, zigisha ubuntu, ubushingantahe, zigisha kugumya ibanga, zirakura intuntu ku mutima zikomeza urukundo mu bateramyi.<\/p>\n\n\n\n<p><a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=kkU4QsEcKjg\" target=\"_blank\">Twagirayezu Rose<\/a> rero, yaravyinye muri \u00abBallet National\u00bb, yaranaserukiye kenshi Uburundi mu makungu mu bijanye no kumenyekanisha akaranga k\u2019igihugu kandi n\u2019imvyino zose bakoresha barazegeranirije hamwe mu gitabu citwa \u00abAgahogo k\u2019abarundi\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Aho hambere, abantu bakoresha imvyino mu guserura akari ku mutima, kakumvikanira mu gahogo, kakisesa no ku rurimi kakiyerekanira mu migere no mu mihamirizo abari aho na bo bakabagumiriza kuko kenshi imvyino zajana n\u2019intambo. Hari rero imvyino zitambwa n\u2019izindi zo kwumviriza abari aho bakinovora ibiriko birashikirizwa. Bavyina ryari? Twagirayezu Rose umuremeshakiyago mu kigo Cebulac avuga ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5105,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[427],"coauthors":[189],"class_list":["post-5104","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-imvyino-ndangakaranga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5104","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5104"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5104\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5112,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5104\/revisions\/5112"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5105"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5104"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5104"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5104"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5104"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}