{"id":5089,"date":"2020-04-28T16:33:23","date_gmt":"2020-04-28T14:33:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5089"},"modified":"2020-05-09T14:27:22","modified_gmt":"2020-05-09T12:27:22","slug":"ibitabu-vyinkuru-mvabwenge-romans-mu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibitabu-vyinkuru-mvabwenge-romans-mu-burundi\/","title":{"rendered":"Kwandika ibitabu vy\u2019inkuru mvabwenge (romans) mu kirundi, umwuga usa n\u2019uwutabaho"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibitabu birimwo inkuru zanditswe mu rurimi rw\u2019ikirundi ntibishemeye cane mu Burundi bivanye n\u2019uko abanditsi canke abipfuza kwandika muri urwo rurimi babiheba ku gutinya ko bohava bahura n\u2019ikibazo co kubura ababisoma gutyo bagasesera uburyo bwabo ubusa kandi batari bubugaruze.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ferdinand Mberamihigo umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi n\u2019amayagwa nyafirika ati: <em>\u00abKuba ibitabu vy\u2019inkuru z\u2019ikirundi bitagwiriye ntibisigura ko abarundi badashoboye kuvyandika. Oya, ahubwo ahanini biva ku kuntu urugero rw\u2019abasoma ibitabu mu Burundi ari ruto cane kandi na bake basoma ugasanga bihatira ku vyanditswe mu ndimi mva mahanga gusa\u00bb.&nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwigisha avuga kandi ko ukubura abantu bashobora gushigikira ivyo bikorwa mvabwenge vy\u2019abanditsi bituma n\u2019ababa bafise inyota yo gusiga izina mu bitabu igenda irazimangana. Agira ati: <em>\u00abHari abanditse ibitabu mu Kirundi mbere biryoshe gose ariko bitamenyekanye vyari gushobora gufasha abatari bake. Akarorero ni ak\u2019igitabu c\u2019inkuru mvabwenge ndende (Roman) citwa <strong>\u201cBugabo burihabwa mwene Nyarucari\u201d<\/strong> canditswe n\u2019uwitwa Juv\u00e9nal Baransamaje coba casohotse nko mu 1991 canke mu 1992. Hari n\u2019ibindi bitabu vyanditswe n\u2019uwitwa Cyriaque Sumu na vyo bikaba ari nka: <strong>\u201cNtakibabaza nko kuburira hejuru\u2019\u2019<\/strong>, mu 1988, <strong>\u201cNtahomfatwa\u2019\u2019<\/strong> mu 1993, <strong>\u201cBanga ry\u2019abagabo mwene kirageramiwe\u2019\u2019<\/strong> mu 2003, hamwe n\u2019inshembamvugo (po\u00e9sie) yasohotse mu myaka ya za 80 yitwa <strong>\u201cNtega abiri ntere ryarenga\u201d <\/strong>ya Augustin Ndirabika. Abo bose ni aberekanye ko kwandika mu Kirundi bishoboka ariko batamenyekanye cane\u00bb.&nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abanditsi n\u2019abo bati: \u00abUburyo ni ikibazo gikomeye\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Joseph Butoyi arongoye ishirahamwe ry\u2019abanditsi ryo mu Burundi na we avuga ko ibituma abantu batandika mu Kirundi biva ku kuntu ibijanye no kwandika bidateye imbere mu Burundi kandi bitanashigikiwe ku buryo umwanditsi yoshobora gutungwa no kwandika gusa. Anamenyesha kandi ko abantu benshi bafata ikirundi nk\u2019uko umenga kiza inyuma y\u2019igifaransa mbere bakibaza ko atari ururimi rw\u2019ubuhinga. Joseph Butoyi akavuga ko hamwe igisata co kwandika coshirwamwo uburyo, abanditsi bagakarihirizwa ubwenge, inkuru zandikwa mu kirundi zikamenyekanishwa, ibitabu vyanditswe mu Kirundi na vyo vyogwira.<\/p>\n\n\n\n<p>Na we Alain Patrick Muheto arongoye ikigo CEBULAC, avuga ko igikorwa c\u2019abanditsi muri rusangi gikwiye gushigikirwa kuko kikiri hasi cane. Avuga ko Reta n\u2019amashirahamwe avyipfuza vyotanga uburyo bukwiye, hakabaho kurondera no gutanga ubushimwe ku banditsi, hakanagwiza ibigo nka CLAC (Centre de Lecture et d\u2019Animation Culturelle) vyo gusomeramwo ibitabu. Akanabona ko n\u2019ibisomwa vy\u2019abanditsi b\u2019inkuru mu kirundi vyonashirwa mu mashure, abana bakaronka abo bafatirako akarorero gutyo bagakura bakunda kwandika utuntu n\u2019utundi eka mbere banakunda gusoma ibitabu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko kugeza ubu, mu Burundi hari ibigo vyo gusomeramwo ibitabu (CLAC) 49 ariko ibitabu vy\u2019inkuru mvabwenge vyanditswe mu Kirundi biri mu ma CLAC ari bike cane gose, nk\u2019uko bishikirizwa n\u2019uyo arongoye CEBULAC.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibitabu birimwo inkuru zanditswe mu rurimi rw\u2019ikirundi ntibishemeye cane mu Burundi bivanye n\u2019uko abanditsi canke abipfuza kwandika muri urwo rurimi babiheba ku gutinya ko bohava bahura n\u2019ikibazo co kubura ababisoma gutyo bagasesera uburyo bwabo ubusa kandi batari bubugaruze. Ferdinand Mberamihigo umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi n\u2019amayagwa nyafirika ati: \u00abKuba ibitabu vy\u2019inkuru z\u2019ikirundi bitagwiriye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5090,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[425,424],"coauthors":[189],"class_list":["post-5089","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-abanditsi","tag-ibitabu-mu-kirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5089","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5089"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5089\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5093,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5089\/revisions\/5093"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5090"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5089"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5089"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5089"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5089"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}