{"id":5035,"date":"2020-04-13T12:46:34","date_gmt":"2020-04-13T10:46:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5035"},"modified":"2020-05-09T14:26:50","modified_gmt":"2020-05-09T12:26:50","slug":"burundi-gusoba-aho-uryamye-uri-umuntu-akuze-ni-indwara-ivurwa-igakira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-gusoba-aho-uryamye-uri-umuntu-akuze-ni-indwara-ivurwa-igakira\/","title":{"rendered":"Gusoba aho uryamye uri umuntu akuze ni indwara ivurwa igakira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi usanga badatahura igituma hari abantu bakuze mbere bubatse basoba mu gitanda iyo baryamye mw\u2019ijoro. Ariko burya ngo biratahuritse kuko biva ku ndwara yitwa \u00abEnur\u00e9sie nocturne\u00bb yo kubura ubushobozi bw\u2019agasaho k\u2019umukoyo, nk\u2019uko umuhinga mu bijanye n\u2019inyifato, Blaise Nzikobanyanka abivuga.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N.J ni umugabo w\u2019imyaka 28, avuga ko kuva mu bwana kugeza ubu atigeze ahagarika gusoba aho aryamye. Agira ati&nbsp;<em>:<\/em><em>\u00ab<\/em><em> Jewe nta ko muhira batangize ngo mpebe gusoba ku buriri. Mama yarankubita, akanrya ibinuma ku gahungu kanje, eka mbere maze gukura yaranakababako isusa canke urwaga kugira ndabihebe, vyaranse. Numva isoni n\u2019ibimaramare. Nari naratinye no kurondera umugore kubera ubwoba, ariko abantu bambwiye ngo ndamuronse vyohera. Narabikoze, ariko vyaranse, mbere kuva nubatse haheze imyaka 10 maze kuvana n\u2019abagore batatu <\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em> Uyo mugabo rero umubajije ko yoba azi ikibituma, akubwira ko agerageza kuvyirinda ariko bica mu ndoto akikangura yahejeje kujobeka ivyo arayemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ico kibazo co kwisobako, umuhinga mu bijanye n\u2019inyifato Blaise Nzikobanyanka avuga ko ku bana bafise imyaka iva ku 7 n\u2019iyirenga iyo babandanije basoba aho baryamye baba barwaye indwara ituma agasaho k\u2019umukoyo kadashobora kugumya umukoyo umwanya munini igihe basinziriye \u00ab Enur\u00e9sie nocturne \u00bb. Akavuga rero ko indoto ziri muri bimwe bituma haba gusoba aho umuntu aryamye biturutse ku kuntu uyo muntu aba abona umenga ari ahantu hiherereye ashobora kwihagarika neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ngo si ivyo gusa, Nzikobanyanka abandanya avuga ko ugusoba aho umuntu aryamye bitava ku ndoto gusa biva no ku bintu vyinshi. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Biranava ku ndwara zifatira mu bihimba vy\u2019umukoyo bigatuma habaho gushaka kwihagarika vyihuta umuntu atavyiteguriye&nbsp;. Ubwoba, agahinda, akaborerwe karenze na vyo nyene ngo biratuma umuntu adashobora kwitahura no kugumya umukoyo wiwe. Ivyo vyose bituma umuntu yumva isoni, ibimaramare canke ukugabanuka kw\u2019ukwiyemera bituma ugusoba aho umuntu aryamye bigenda vyiyongera <\/em><em>\u00bb.<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iyo ndwara iravugwa igakira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Blaise Nzikobanyanka avuga ko kubera ugusoba aho umuntu aryamye bituruka ku mvo nyinshi,harimwo n\u2019izifatiye ku bice vy\u2019umubiri (causes physiques) canke zo mu mutwe (causes psychiques) igica cihutirwa ni ukumenya imvo nyezina yatumye haba ikibazo c\u2019ukwisobako mu gihe umuntu aryamye. Igituma kimaze kumenyekana umuntu yoca yitura umuganga yize ibijanye n\u2019imvo ivyo vyaturutseko.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko n\u2019ubwo biri uko, uwo muhinga mu bijanye n\u2019inyifato avuga ko umuntu akuze canecane yotumbera umuhinga mu bijanye n\u2019inyifato kuko ngo bisanzwe atari vyiza kwumvisha uwufise ico kibazo ko azokizwa n\u2019imiti. Uyo rero ngo araheza agafashwa hakoreshejwe ikiyago hamwe no kwumvirizwa, maze akerekwa neza ko ariwe ategeka umubiri wiwe kandi ko ashoboye kubihagarika. Ivyo ngo ni vyo biheza bikamufasha gutahura ingene yifata mu gihe ashatse gusoba aho aryamye.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye no kurinda gusoba aho umuntu aryamye, Nzikobanyanka avuga ko abavyeyi bohera ku kumenyereza abana babo kuva bakiri bato kutagumya umukoyo wabo umwanya munini no kubamenyereza kuvyuka bakaja kwihagarika mu gihe bumvise umukoyo uje. Kandi abavyeyi bakamenya ko kizira guturubika umwana mu kumukubita canke kumubaba ibimusinzikaza nk\u2019isusa,urwaga,igisuru n\u2019ibindi kuko ataco bifasha ahubwo bituma yongereza gusoba aho aryamye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi usanga badatahura igituma hari abantu bakuze mbere bubatse basoba mu gitanda iyo baryamye mw\u2019ijoro. Ariko burya ngo biratahuritse kuko biva ku ndwara yitwa \u00abEnur\u00e9sie nocturne\u00bb yo kubura ubushobozi bw\u2019agasaho k\u2019umukoyo, nk\u2019uko umuhinga mu bijanye n\u2019inyifato, Blaise Nzikobanyanka abivuga. N.J ni umugabo w\u2019imyaka 28, avuga ko kuva mu bwana kugeza ubu atigeze ahagarika gusoba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5036,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[418],"coauthors":[189],"class_list":["post-5035","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ugusoba-mu-gitanda"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5035","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5035"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5035\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5040,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5035\/revisions\/5040"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5036"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5035"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5035"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5035"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5035"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}