{"id":5014,"date":"2020-04-04T16:43:21","date_gmt":"2020-04-04T14:43:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5014"},"modified":"2020-05-09T14:26:33","modified_gmt":"2020-05-09T12:26:33","slug":"burundi-abanyeshure-barahagaritse-umutima-kubera-ikiza-umugera-korona","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abanyeshure-barahagaritse-umutima-kubera-ikiza-umugera-korona\/","title":{"rendered":"Abanyeshure barahagaritse umutima kubera ikiza c\u2019umugera korona"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva aho\nhamenyekaniye ko mu Burundi hari abantu bagwaye umugera korona, ubwoba ni\nbwinshi mu banyeshure babandanya bahurira hamwe mu mashure. Uwo ari we wese\natonda umutima utari mu nda yibaza ko hamwe hoba hari umwe muri bagenziwe yoba\nyaranduye uwo umugera yohava yanduza abo bigana bose.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>M.G ni umunyeshure yiga muri imwe mu\nmakaminuza yigenga iri mu gisagara ca Bujumbura. Kuva acumva ko mu Burundi ico\nkiza cahageze, yifatiye ingingo yo kudasubira gutonda mw\u2019ishure kiretse agiye\ngukora ikibazo gusa. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em>Urabona\nmw\u2019ishure tuhahurira tuvuye mu makaritiye atandukanye. Hari igihe wosanga hari\numunyeshure yaba mu gace uwatowe uwo mugera yabamwo ugasanga nawe aranduye.\nKubera abanyeshure tuguma duhura wosanga ibigo vyose vyafashwe. Rero jewe nzoba\nndabangira,nzosubirayo mu gihe mbona bikenewe, dufise nk\u2019ikibazo<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nawe M.J yiga muri kaminuza\nnderabigisha ENS, avuga ko n\u2019ubwo atonda kw\u2019ishure, agenda afise ubwoba\nbwinshi. Agira ati<em>: <\/em><em>\u00ab<\/em><em>Ntubona ko ubu bamaze kuvuga ko hagwaye koronavirisi abantu\n3, nibakwira nka cumi bataratanga itegeko ryokwugara amashure, nzoca ntekera\nutwanje nidugire iwacu ruguru kuko hoho vyopfuma nta ruza n\u2019uruja ruriyo. Maze\nhariho n&rsquo;abatagitonda kw&rsquo;ishure iwacu kubera ubwoba<\/em><em>\u00bb!<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Naho ku mashure hafashwe ingingo yuko\numunyeshure wese abanza gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune imbere yo kuja\nmw\u2019ishure, bamwe mu banyeshure bavuga ko ivyo bidahagije. Kuko ngo baheza\ngukaraba bagaca bahurira ku ntebe imwe barenga babiri, eka mbere ugasanga\nbaguma batizanya utuntu n\u2019utundi banasamuriranirako. Mw\u2019ishure ngo no gusiga\numwanya mu gihe bavugana hagati yabo ntibidakunda. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Reta y&rsquo;Uburundi iti: <\/strong><strong>\u00ab<\/strong><strong>Nimugume ku bikorwa vyanyu<\/strong><strong>\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mw&rsquo;itangazo Reta y&rsquo;Uburundi yasohoye ku 02 ndamukiza 2020, irahumuriza\nabantu bose ko boguma ku mirimo yabo. Imenyesha ko kugeza ubu ata zindi ngingo\nzirafatwa kiretse izihasanzwe zo gukurikiza amabwirizwa y&rsquo;isuku. Ahubwo nyabuna\nihamagarira abantu kutumviriza inkuru zica ivutu no gushengeza abakwiragiza\nibihuha ko nihagira igihinduka mu bijanye n&rsquo;ingingo bizomenyeshwa na Reta\nibicishije mu nzego zibijejwe.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019umushikiranganji wo kubungabunga amagara y\u2019abantu avuga ko abantu badakwiye kugira ubwoba,ahubwo borema bakijukira kwikingira. Bishitse umuntu akagwara uwo mugera naho ngo ni ukumenya ko uwo mugera uvurwa ugakira. Kubw\u2019ivyo rero, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y\u2019abantu buhamagarira abantu bose gutekana maze bakaguma ku bikorwa vyabo nk\u2019uko bisanzwe ariko bakitwararika gusumba gukurikiza ingingo ngenderwako zitangwa n\u2019abajejwe amagara y\u2019abantu. <\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya rero ko mu vyo kwitwararikwa\ncane kugira abantu birinde ico kiza ari ugukaraba kenshi hakoreshejwe amazi\nmeza n\u2019isabune, kwirinda kuramukanya indamutso zo guhoberana canke gukorana mu\nntoke, kutikora mu maso ku mazuru no ku munwa kutaja mu migwi ikoraniyemwo\nabantu benshi, gusiga umwanya ungana n\u2019imetero hagati y\u2019umuntu n\u2019uwundi,\nkudakororera canke ngo wikokomorere aho ariho hose, kwasamurira mu ntege\ny\u2019inkokora, n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00a0 <\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva aho hamenyekaniye ko mu Burundi hari abantu bagwaye umugera korona, ubwoba ni bwinshi mu banyeshure babandanya bahurira hamwe mu mashure. Uwo ari we wese atonda umutima utari mu nda yibaza ko hamwe hoba hari umwe muri bagenziwe yoba yaranduye uwo umugera yohava yanduza abo bigana bose. M.G ni umunyeshure yiga muri imwe mu makaminuza [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":5016,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,205],"tags":[408,400],"coauthors":[189],"class_list":["post-5014","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-indero","tag-abanyeshure","tag-coronavirus"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5014","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5014"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5014\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5017,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5014\/revisions\/5017"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5016"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5014"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5014"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5014"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5014"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}