{"id":5006,"date":"2020-03-30T16:45:13","date_gmt":"2020-03-30T14:45:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5006"},"modified":"2020-05-09T14:26:28","modified_gmt":"2020-05-09T12:26:28","slug":"burundi-kuki-ukwezi-kwa-ruhuhuma-uyu-mwaka-kwagize-imisi-29","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kuki-ukwezi-kwa-ruhuhuma-uyu-mwaka-kwagize-imisi-29\/","title":{"rendered":"Kuki ukwezi kwa Ruhuhuma kw\u2019uyu mwaka kwagize iminsi 29 ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu bisanzwe ukwezi kwa kabiri kwahora kugira iminsi 28, ariko uwu mwaka kwagize 29. Ivyo vyaheruka gushika muri 2016 bikaba ndetse bizosubira mu 2024. Umwaka ukwezi kwa kabiri kugira iminsi 29 bawita ann\u00e9e bissextile mu kinyamazuru. Muti biva kuki\u00a0? Vyatanguye ryari\u00a0? Sobanukirwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisanzwe umwaka ugira iminsi 365 ku kirangaminsi bita \u00ab Gr\u00e9gorien \u00bb. Ariko birashika rimwe mu myaka ine umwaka ukagira iminsi 366. Twibukanye ko isi izunguruka izuba mu minsi 365 ari co twita umwaka. Ariko rero abahinga b\u2019ibirere basanze ko mu bisanzwe isi izunguruka izuba mu minsi 365,2422. Kubwo kugira umunsi wuzuye ari na vyo vyoroshe, bahisemwo ko ivyo bice birenga bobikoraniriza hamwe kugira bikwize umunsi. Babigwijije kane bica bikwiza umunsi ari na co gituma inyuma y\u2019imyaka ine umwaka uca ugira iminsi 366. Babikoze kugira izuba rihejeje kuzunguruka isi birumane neza n\u2019impera y\u2019umwaka. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hama\nkuki ukwezi kwa kabiri ari kugufi gusumba ayandi&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uko bisanzwe bimeze, amezi agaburika na kabiri agira iminsi 30 (ukwa 4, 6, 10, 12). Ayatagaburika na kabiri na yo akagira iminsi 31 (ukwa 1,3, 7, 11). Jules Caesar, Umwami wo muri Roma ya kera, ni we yazanye ikirangaminsi bise Julien (bifatiye kw\u2019izina ryiwe) mu kinjana ca 46 imbere yuko Yezu Kirisu avuka. Mbere ukwezi kw\u2019indwi yaciye akwiyitirira kuko ari kwo yari yavutsemwo. Mu gifaransa izina \u00ab Juillet \u00bb ryoba rikomoka kuri \u00ab Jules \u00bb. Ku kirangaminsi Julien, umwaka wahera mu kwa kabiri kandi ukama ufise iminsi 366 kuko ukwezi kwa kabiri kwamana 29. <\/p>\n\n\n\n<p>Amaze gupfa, haje uwundi mwami yitwa Auguste, na we yaciye yiyitirira ukwezi kw\u2019umunani mu congereza kwitwa August (biturutse kw\u2019izina ry\u2019uwo mwami). Asanze ukwezi kw\u2019indwi kwitiriwa Jules Caesar gufise iminsi 31 ati naje ukwezi kwanje gutegerezwa kuba kurekure kugire iminsi 31. Yaciye afata ukwezi kwa kabiri agukurako umunsi umwe aca awushira ku kwezi kw\u2019umunani kwari gusanganywe iminsi 30. Ni co gituma ukwezi kwa kabiri gufise iminsi 28 gusa, na yo ukwezi kw\u2019umunani kukagira iminsi 31.&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ikiranga minsi bita \u00ab Gr\u00e9gorien \u00bb caje gute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Duhejeje kubona ko\nikirangaminsi ca kera citwa Julien cakoreshwa kera. Bimaze kuboneka ko ibihe\nbitajana neza n\u2019umwaka w\u2019ico kirangaminsi, Papa G\u00e9groire XIII ni we yahinduye\nico kirangaminsi muri 1582 aca ashinga ko ukwezi kwa kabiri kugira iminsi 28,\nhanyuma kukazoza kuragira iminsi 29 rimwe mu myaka ine. Ni yo mpamvu rero ico\nkirangaminsi dukoresha ubu kimwitirirwa kuko \u00ab Gr\u00e9gorien \u00bb kivuye muri \u00ab Gr\u00e9goire\n\u00bb. Ico kirangaminsi gikoreshwa hose kw\u2019isi, kiretse mw\u2019isengero y\u2019aba\northodoxes ryo mu Burusiya bagikoresha ikirangaminsi \u00ab Julien \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Inkomoko y\u2019inkuru: <a rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Le Point (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\" href=\"https:\/\/www.lepoint.fr\/\" target=\"_blank\">Le Point<\/a>         <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu bisanzwe ukwezi kwa kabiri kwahora kugira iminsi 28, ariko uwu mwaka kwagize 29. Ivyo vyaheruka gushika muri 2016 bikaba ndetse bizosubira mu 2024. Umwaka ukwezi kwa kabiri kugira iminsi 29 bawita ann\u00e9e bissextile mu kinyamazuru. Muti biva kuki\u00a0? Vyatanguye ryari\u00a0? Sobanukirwa. Mu bisanzwe umwaka ugira iminsi 365 ku kirangaminsi bita \u00ab Gr\u00e9gorien \u00bb. Ariko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":5007,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[407],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-5006","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubuhinga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5006","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5006"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5006\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5013,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5006\/revisions\/5013"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5007"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5006"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5006"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5006"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5006"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}