{"id":5001,"date":"2020-03-25T14:11:44","date_gmt":"2020-03-25T13:11:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=5001"},"modified":"2020-05-09T14:25:59","modified_gmt":"2020-05-09T12:25:59","slug":"bujumbura-ukuri-kuri-coronavirus-ntigukwiye-kumirwa-namajwi-yibihuha-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-ukuri-kuri-coronavirus-ntigukwiye-kumirwa-namajwi-yibihuha-burundi\/","title":{"rendered":"Burundi : ukuri kuri \u00ab Coronavirus \u00bb ntigukwiye kumirwa n\u2019amajwi y\u2019ibihuha n\u2019ibinyoma"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Igihe cose iyo ikiza\ncadutse, cama giherekezwa n\u2019ibihuha vyinshi, abigira abahinga ntibabura, nayo abigisha\nukabasanga hose. Uri abavuga ukuri, ababesha, abatwara inkuru ukutari kwo,\nabanyagihugu bagatekerwa n\u2019ubwoba mbere bamwe bagatekera bagahunga. Haba hageze\nko abafise ubumenyi n\u2019amajwi ashika kure bagira ico bakoze.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 24 ntwarante, umukuru w\u2019igisagara ca Bujumbura ari kumwe n\u2019abajejwe amagara y\u2019abantu, abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abaserukira amashirahamwe, abikorera utwabo &nbsp;n\u2019abandi bakoranye mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n\u2019inyifato yobera muri iki gihe&nbsp; ikiza &nbsp;\u00ab&nbsp;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1241387412003139584\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Coronavirus (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">Coronavirus<\/a>&nbsp;\u00bb kiriko kirasasika inganda mw\u2019isi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki iyo migwi &nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ifise amajwi agera kure. Nk\u2019uko umukuru w\u2019igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yabishikirije, abaririmvyi bakurikiranwa n\u2019abantu benshi bashoboka kandi indirimbo zabo zirarengana zigashika kure hashoboka. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ari nka hamwe boja hamwe bagakora ururirimbo ruvuga ingene uwo mugera ufata, ibimenyetso n\u2019ivyokorwa mu kuwikingira vyofasha cane<\/em>&nbsp;\u00bb. Ni co kimwe n\u2019insamirizi hamwe n\u2019ibimenyeshamakuru&nbsp; bihamagarirwa kuremesha ibiganiro kenshi gashoboka &nbsp;ku vy\u2019ico kiza ca \u00ab&nbsp;Coronavirus&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab&nbsp;Coronavirus&nbsp;\u00bb\nntiratorwa mu Burundi ariko nta gusya bwose<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Benjamin Ndagijimana ahamagarira abanyagihugu kwitwararika na ntaryo gukaraba neza n\u2019amazi meza n\u2019isabuni &nbsp;kuko ari bwo buryo bwa mbere bwo kuyirinda. <em>\u00ab&nbsp;Hari abakaraba bacunze umuntu ku kigohe, babona aravye hirya bagaca babiheba nk\u2019aho umenga ni umugozi bashizwe mw\u2019izosi.<\/em>\u00bb&nbsp; Abo bakwiye kumenya ko ata neza bishakira, kandi ko ata n\u2019iyo bashakira igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Benjamin yibutsa ko umuco&nbsp; w\u2019uguhoberana, indamukanyo y\u2019uguhana amabizu, gukorana mu minwe ari ukubiheba, nyabuna abantu bakimenyereza indamutso y\u2019amahoro, gukozanyako inkokora, gukozanya ko ibirato mu kwikingira n\u2019ugukingira abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ugomvye gukorora, canke wasamuye wegeranye n\u2019umuntu, bisabwa ko uca umuha umugongo maze umunwa ukawupfukisha ingingo y\u2019ukuboko kugira ntihagire uwo utarukirizako amate.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kubera iki atari vyiza\nkwikinga urushi iyo uriko urakorora&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Muganga Benjamin\naratanga umuco&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Iyo\nukoroye usanzwe ugwaye umugera wa Coronavirus ukikingiriza ikiganza, uwusiga\nmuri co kuko burya ahanini uca mu mate.&nbsp;\nHari aho uheza ugakora ku gikoresho, ukawusigako uwundi yagikorako ukaba\nuramwandukije. Uca uja kuramukanya n\u2019abantu, ukaba uwubahereje, gutyo gutyo<\/em>&nbsp;\u00bb.\nNi yo mpamvu umuntu ahamagarirwa gukaraba kenshi gashoboka n\u2019amazi meza\nn\u2019isabuni, akinyukura neza, akoza inzara, ibombo n\u2019inzugi&nbsp; aka vyuguruza inkokora n\u2019amaguru &nbsp;canke na ho agafatisha impapuro ariko\nntakoreko.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubamenyeshe ko Mairie ya Bujumbura igiye gukoresha umuduga\nwayo,&nbsp; abarongoye amakomine bakoreshe izo\nbahawe baje bazunguruka mu makaratiye imiduga yikoreye ivyuma bisamiriza amajwi\nbigenda vyigisha ivy\u2019ugukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabuni.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo abaririmvyi bari&nbsp; bitavye muri uwo mubonano bahavuye bemeye ko bagiye kuja hamwe batunganye ururirimbo rumenyesha inyifato abanyagihugu bogira muri ibi bihe vya Coronavirus.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igihe cose iyo ikiza cadutse, cama giherekezwa n\u2019ibihuha vyinshi, abigira abahinga ntibabura, nayo abigisha ukabasanga hose. Uri abavuga ukuri, ababesha, abatwara inkuru ukutari kwo, abanyagihugu bagatekerwa n\u2019ubwoba mbere bamwe bagatekera bagahunga. Haba hageze ko abafise ubumenyi n\u2019amajwi ashika kure bagira ico bakoze. Kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 24 ntwarante, umukuru w\u2019igisagara ca Bujumbura ari kumwe n\u2019abajejwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":5002,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[23,400],"coauthors":[231],"class_list":["post-5001","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-bujumbura","tag-coronavirus"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5001","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=5001"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5001\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5004,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/5001\/revisions\/5004"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/5002"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=5001"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=5001"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=5001"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=5001"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}