{"id":4995,"date":"2020-03-23T08:55:01","date_gmt":"2020-03-23T07:55:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4995"},"modified":"2020-05-09T14:25:52","modified_gmt":"2020-05-09T12:25:52","slug":"burundi-ishirahamwe-alliance-for-a-better-generation-ryaronkeje-amasabuni-arenga-2000-abahuye-numwuzurira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ishirahamwe-alliance-for-a-better-generation-ryaronkeje-amasabuni-arenga-2000-abahuye-numwuzurira\/","title":{"rendered":"Ishirahamwe \u00ab Alliance for a Better Generation \u00bb ryaronkeje amasabuni arenga 2000 abatewe n\u2019umwuzurira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri iki gihe igihugu c\u2019Uburundi gifise umwitwarariko udasanzwe wo guhamagarira abanyagihugu kwikingira ikiza ca Coronavirus, ishirahamwe ABG (Alliance for a Better Generation\u00a0\u00bb ryaronkeje, kuri uwu wa 21 Ntwarante 2020 amasabuni arenga 2000 imiryango 162 yaburiye ababo n\u2019ivyabo ku Winterekwa, zone Gihosha biturutse ku mwuzurira w\u2019amazi wahateye <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico gikorwa\nco gushigikira iyo miryango mu kuyironsa amasabuni cakiranwe umunezero\nudasanzwe n\u2019iyo miryango kuko ngo bari bayakeneye gose ubona ko bataranongera\nkuronka uburyo ngo bashobore gusubira nk&rsquo;uko bari bameze ubwa mbere.<\/p>\n\n\n\n<p>Inyigisho\nz\u2019ingene umugera wa Coronavirus wikingirwa zagarutsweko cane na bamwe mu bakozi\nba Croix Rouge bari bakoraniye aho eka baranaberekera ingene bazohora bakaraba\nn\u2019amazi meza n\u2019isabuni. Eka mbere baranibukijwe ko umugenzo wo kugwana mu nda\nwoba urabangirwa, ugusomagurana hamwe n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Rosette\nBigirimana, umwe mu bakenyezi&nbsp; bari bari aho,\nntiyashimye kwigumizamwo akabazo kari kamubakiye aho yabajije&nbsp; ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab<em>None nimba kugwana mu nda bibujijwe, ntitucemerewe kurarana n\u2019abagabo\nbacu\u00bb?<\/em> Abamukikuje bicwa n\u2019agatwengo bati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Tekana ibikundana birajana<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari n\u2019ubufasha bwo kuvura ibikomere\nvyo ku mutima bugiye gukurikira\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko\nbishikirizwa na Gervais Ntirampeba yatanguje akaba ari na we aserukira iryo <\/p>\n\n\n\n<p>shirahamwe\nABG, ngo hari ibikorwa vyo kwumviriza no gufasha abagize ihahamuka inyuma y\u2019aho\nbaburiye ababo n\u2019ivyabo eka n\u2019abagisinzikaye mu mitima.<\/p>\n\n\n\n<p>Elvis\nRwamigabo, uwakurikiranye ivyigwa vy\u2019inyifato agira\nati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;Burya <em>Kugarukira\nku babuze ababo ukabaronsa&nbsp; ibifungurwa\ncanke ivyambarwa n\u2019ibindi ni vyiza. Ariko rero hari igikorwa gikomeye co\nkubumviriza n\u2019ukubafasha kuko hari nk\u2019abo usanga bama bariko bararota babona\nababo bagarutse gutyo bakamana agahinda mu mitima yabo. Abo rero ni bo tugiye\ngukurikirana tubayagishe, tubaremeshe, tunabereke ko naho vyashitse ubuzima butahagaze\n\u00bb<\/em>. <\/p>\n\n\n\n<p>Elvis\nRwamigabo akamenyesha kandi ko iyo abantu bagize ibikomere mu mitima igihe\nkirekire bakabura uwubafasha hari aho bamwe bahitamwo kwiyaka ubuzima abandi na\nbo ugasanga bahavuye bata ubwenge. Kukaba nkako, umwe mu begeranirijwe muri iyo\nkambi ngo aramaze guta umutwe nk\u2019uko vyemezwa n\u2019abahaba.<\/p>\n\n\n\n<p>C.D, umukenyezi wo muri abo bagize ivyago agashimira ishirahamwe ABGkuba ryabiyumviriyeko kuko ngo ha mpande y\u2019uko ico kiza ca Coronavirus cakaze, abakenyezi co kimwe n\u2019abigeme ngo basanzwe bama bakenera kugira isuku kenshi haba ku mubiri eka no ku vyambarwa. Agasaba n\u2019ayandi mashirahamwe afise ico yobafashisha ko yobagarukirako. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri iki gihe igihugu c\u2019Uburundi gifise umwitwarariko udasanzwe wo guhamagarira abanyagihugu kwikingira ikiza ca Coronavirus, ishirahamwe ABG (Alliance for a Better Generation\u00a0\u00bb ryaronkeje, kuri uwu wa 21 Ntwarante 2020 amasabuni arenga 2000 imiryango 162 yaburiye ababo n\u2019ivyabo ku Winterekwa, zone Gihosha biturutse ku mwuzurira w\u2019amazi wahateye Ico gikorwa co gushigikira iyo miryango mu kuyironsa amasabuni [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4996,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[403,400,406,404],"coauthors":[231],"class_list":["post-4995","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abg","tag-coronavirus","tag-gushigikirana","tag-ku-winterekwa"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4995","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4995"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4995\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5000,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4995\/revisions\/5000"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4996"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4995"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4995"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4995"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4995"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}