{"id":4986,"date":"2020-03-21T13:04:17","date_gmt":"2020-03-21T12:04:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4986"},"modified":"2020-05-09T14:25:08","modified_gmt":"2020-05-09T12:25:08","slug":"burundi-ibice-98-vyabantu-baba-banduye-ikiza-coronavirus-barashobora-gukira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibice-98-vyabantu-baba-banduye-ikiza-coronavirus-barashobora-gukira\/","title":{"rendered":"Ibice 98% vy&rsquo;abantu baba banduye ikiza Coronavirus barashobora gukira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku\nbantu 100 baba banduye ikiza c\u2019umugera wa Coronavirus, abashika 2 ni bo\nbashobora gupfa, na yo 98 bagakira bivanye n\u2019ingene abasoda bo mu mubiri bafise\nubushobozi bwo kwigwanira neza. Vyashikirijwe n&rsquo;umushikiranganji w&rsquo;amagara\ny&rsquo;abantu mu Burundi Thadd\u00e9e Ndikumana mu nyigisho nkarishabwenge zerekeye ico\nkiza zariko zirahabwa abanyamakuru kuri uwu wa 20 ntwarante kuri Hoteri Royal\nPalace.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019ababangamirwa na coronavirus, umushikiranganji Thadd\u00e9e Ndikumana agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Ico kiza ahanini gikarira abantu bitereye mu myaka, abantu usanga bariziziwe n&rsquo;ibitabi bikabasinzikariza amahaha hamwe n&rsquo;abantu bagendana indwara zidakira nk&rsquo;igisukari cananiranye kuvura, abafise indwara y&rsquo;umurindi w&rsquo;amaraso, za cancer, aho usanga abo bantu ata basoda bo mu mubiri bagifise babafasha kwigwanira\u00a0\u00bb.<\/em> Uyo mushikiranganji akaba yavuze ko iyo umuntu afise abasoda bakwiye mu mubiri kandi bakora neza bavugwa vyoroshe nka kurya bavura \u00ab\u00a0Grippe\u00a0\u00bb kandi bagakira. Ariko ngo iyo umuntu abasoda biwe badakwiye, baca bamushiramwo akuma kamufasha guhema gutyo abasoda bo mu mubiri bamurwanirira bakaba bariyongera maze akavurwa ugasanga arashoboye gukira.<\/p>\n\n\n\n<p>Thadd\u00e9e Ndikumana avuga kandi ko ico\nkiza kidatandukanye cane na \u00ab&nbsp;Grippe&nbsp;\u00bb kuko vyose bihurira ku\nkwasamura, kurekereza ibiseru, kumeneka umutwe, ubushuhe usanga bungana canke burenza\n38,5c\u00b0, ugukorora cane ariko ikintu gica ciyongerako iyo ari Coronavirus n&rsquo;uko\nuwuyirwaye ahema vyanka, akabura impwemu nziza gutyo amahaha akononekara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hokorwa iki ngo Uburundi ntibwinjiranwe&nbsp;? <\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"576\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-1024x576.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4989\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-1024x576.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-300x169.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-768x432.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-1536x864.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2020\/03\/IMG_20200320_114516_2-1-1-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Ko mu Burundi ata muntu n\u2019umwe arandura ico kiza c\u2019umugera wa Coronavirus, muganga Liliane Nkengurutse avuga ko abantu bakwiye kubanza gutekana mu mitima, bakirinda inkuru zose zibaca ivutu maze bakijukira gushira mu ngiro amabwirizwa ajanye no gukinga hamwe no kwikingira Coronavirus bahabwa n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Nkengurutse avuga ko mu gihe hagiyemwo ugushaka, kwikingira no gukingira abandi ico kiza bitagoye. Agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Abantu bakwiriye gushira mu bwenge bwabo umuco wo kwama bariko bakaraba bakoresheje amazi meza n&rsquo;isabuni, kwirinda kwasamurira mu bantu, kutimyirira no kutikokomorera aho ari ho hose, gukoresha amazi arimwo chlore, gukoresha amavuta yica imigera, kwirinda gukoranako, kutaja mu migwi irimwo abantu benshi, \u2026 Ivyo bikozwe neza bizokinga Coronavirus hamwe n\u2019izindi ndwara zituruka kw\u2019isuku rike\u00a0\u00bb.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Na yo ku biyumvira ko ico kiza bocirinda bakoresheje twa dutambara dufuka umunwa n\u2019amazuru (masques), uwo muganga avuga ko abibaza ivyo bihenda cane. Agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Utwo dutambara duhabwa abanduye kugira bakoroye canke basamuye imigera igumemwo ntibayikwiragize mu bo barikumwe. Hari n\u2019uduhabwa abaganga bakoresha iyo bariko baravura abo bagwayi\u00a0\u00bb. <\/em>Yaciye aboneraho n\u2019akaryo ko kumenyesha ko usivye ko ababugura baba bariko baronona amahera yabo ata co gafasha kinini kuko iyo umuntu akambaye ari kumwe n\u2019uwanduye atakambaye arinze amwasamurirako ntakibuza ko na we nyene aca yandura. Kiranoneho uyo muganga avuga ko n\u2019iyo ako ka \u00ab\u00a0masque\u00a0\u00bb gahawe umurwayi agakoresha amasaha atarenga atatu gusa kuko ari co kiringo katarenza gakora neza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku bantu 100 baba banduye ikiza c\u2019umugera wa Coronavirus, abashika 2 ni bo bashobora gupfa, na yo 98 bagakira bivanye n\u2019ingene abasoda bo mu mubiri bafise ubushobozi bwo kwigwanira neza. Vyashikirijwe n&rsquo;umushikiranganji w&rsquo;amagara y&rsquo;abantu mu Burundi Thadd\u00e9e Ndikumana mu nyigisho nkarishabwenge zerekeye ico kiza zariko zirahabwa abanyamakuru kuri uwu wa 20 ntwarante kuri Hoteri Royal [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4988,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[400],"coauthors":[189],"class_list":["post-4986","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-coronavirus"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4986","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4986"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4986\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4994,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4986\/revisions\/4994"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4988"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4986"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4986"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4986"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4986"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}