{"id":4969,"date":"2020-03-13T09:30:39","date_gmt":"2020-03-13T08:30:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4969"},"modified":"2020-05-09T14:24:35","modified_gmt":"2020-05-09T12:24:35","slug":"burundi-ingingo-nshasha-zafashwe-mu-ntumbero-gukinga-ikiza-coronavirus","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ingingo-nshasha-zafashwe-mu-ntumbero-gukinga-ikiza-coronavirus\/","title":{"rendered":"Burundi : ingingo nshasha zafashwe mu ntumbero yo gukinga ikiza ca Coronavirus"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk\u2019amavuriro, ibitaro, amashure, ibibuga vy\u2019inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, amasoko, uburiro, n\u2019ubunywero, \u2026 bibwirizwa gutegekanya ibibanza vyo gukarabiramwo n\u2019amazi meza n\u2019isabuni canke amazi arimwo imiti yica imigera \u00ab chlore\u00bb nk\u2019uburyo bumwe buhambaye bwo gukinga Coronavirus.<\/strong> <\/p>\n\n\n\n<p>Vyashikirijwe\nn\u2019umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y\u2019abantu no kugwanya Sida\nThadd\u00e9e Ndikumana aho kuri uno wa 12 ntwarante 2020 yahaye ikiganiro\nabanyamakuru ku biriko birakorwa mu ntumbero yo gukinga ikiza ca coronavirus.<\/p>\n\n\n\n<p>Muribuka ko mu\nbikorwa vyo gukinga coronavirus mu Burundi, ubushikiranganji bw\u2019amagara\ny\u2019abantu bwari bwafashe ingingo yuko abantu bava mu bihugu bimaze kuvugwamwo\nuwo mugera bashitse ku kibuga c\u2019indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye baca\nburizwa imiduga bakajanwa mu kibanza cabigenewe kugira bakurikiranwe ko\natawushobora kugaragaza ibimenyetso vy\u2019uwo mugera mu kiringo c\u2019iminsi 14. <\/p>\n\n\n\n<p>Ubu rero ntibikiri\nivyo bihugu gusa, umushikiranganji Thadd\u00e9e Ndikumana avuga ko kubera hari\nabantu bava muri ivyo bihugu bivugwamwo uwo mugera barinda guca mu bihugu uwo\nmugera utaribonekezamwo, kugira bashike mu Burundi, hafashwe ingingo yuko\nabantu bose bavuye mu bihugu vyunze ubumwe vya Buraya canke binjiye mu Burundi,\nhari haheze iminsi 14 baragize ingendo muri ivyo bihugu, babanza gucishwa &nbsp;mw\u2019ihoteri Source du Nil kugira basuzumwe\nn\u2019abaganga aho bahamara iminsi 14 bakurikiranwa, mu kurindira ko hari uwogaragaza\nibimenyetso vyawo maze ace ajanwa ku bitaro vyabigenewe biri ku Mudubugu mu\nntara ya Bubanza. Hamwe n\u2019ivyo rero, kuva aho hafatiwe iyo ngingo abantu\nbashika 34 bavuye mu bihugu bivugwamwo uwo mugera baramaze gushikanwa mw\u2019ihoteri\nSource du Nil aho abaganga baguma babakurikirana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari\nn\u2019ibindi bisabwa \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo bushikiranganji\nburaba ibijanye n\u2019amagara y\u2019abantu mu Burundi busaba abakorera ku kibuga\nc\u2019indenge mpuzamakungu Melchior Ndadaye ko, kubera abantu bava muri ivyo bihugu\nbashobora kubesha ibihugu bavuyemwo mu gihe bariko baruzuza impapuro z\u2019umwidondoro,\nbohabera maso bakaza bararaba ko mu vy\u2019ukuri ivyo bandika bihuye n\u2019ibiri ku\nmpapuro z\u2019inzira zabo (passport). <\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo bushikiranganji\nbubandanya bwibutsa abanyagihu bose ko izo ngingo zo gukinga ico kiza ziraba\numukuru n\u2019umuto. Bushimika buvuga ko iyo ugeze aho mu kwinjira ubanza gukaraba,\nni ngombwa ko umuntu abikurikiza ataravye ico ari kanatsinda ngo gukaraba biri\nmu mabwirizwa y\u2019isuku. <\/p>\n\n\n\n<p>Nayo kubiyumvira yuko abantu bashobora kuza n\u2019indege bagera mu bihugu bibanyi bakururuka kugira binjire mu Burundi, uwo mushikiranganji avuga ko mu ntara zose zihana urubibe n\u2019Uburundi hari abaganga bigishijwe ibijanye n\u2019uwo mugera babikurikirana. Avuga kandi ko igishimishije kuruta hari ibibanza vyari vyateguriwe kwakira abokwikekwako umugera wa Ebola ko ari vyo bizokora no kuri Coronavirus. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk\u2019amavuriro, ibitaro, amashure, ibibuga vy\u2019inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, amasoko, uburiro, n\u2019ubunywero, \u2026 bibwirizwa gutegekanya ibibanza vyo gukarabiramwo n\u2019amazi meza n\u2019isabuni canke amazi arimwo imiti yica imigera \u00ab chlore\u00bb nk\u2019uburyo bumwe buhambaye bwo gukinga Coronavirus. Vyashikirijwe n\u2019umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y\u2019abantu no kugwanya Sida Thadd\u00e9e Ndikumana aho kuri uno wa 12 ntwarante [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4970,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[400,401],"coauthors":[189],"class_list":["post-4969","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-coronavirus","tag-gukinga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4969","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4969"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4969\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4971,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4969\/revisions\/4971"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4970"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4969"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4969"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4969"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4969"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}