{"id":4961,"date":"2020-03-11T10:47:07","date_gmt":"2020-03-11T09:47:07","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4961"},"modified":"2020-05-09T14:24:21","modified_gmt":"2020-05-09T12:24:21","slug":"gushaza-burundi-kera-bisatuza-amenyo-hagezweho-piercing-tatouage","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gushaza-burundi-kera-bisatuza-amenyo-hagezweho-piercing-tatouage\/","title":{"rendered":"Gushaza : kera bisatuza amenyo, ubu hagezweho za \u00ab\u00a0piercing\u00a0\u00bbna \u00ab\u00a0tatouage\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kuva aho hambere hahise, umurundikazi\nyamye akunda kwishariza, akambara utudede mw\u2019izosi, mu kayunguyungu n\u2019ahandi\neka mbere yagendana n\u2019ikazanga (amavuta yo kwisiga), yashika ahikinze akiramba\ntuno tuvuta ku munwa kugira ngo yame aboneka neza n\u2019iminwa ntigaduke. Uno munsi\nmu gushaza barisaragura ku mubiri \u00ab&nbsp;tatouage&nbsp;\u00bb, bakimonora\n\u00ab&nbsp;maquillage&nbsp;\u00bb bakanitobora uruhu \u00ab&nbsp;piercing&nbsp;\u00bb. Ariko rero\nngo bishobora kubakwegera akaga \u2026.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kurondera\nkwama bajejeta itoto ni yo nyamuko y\u2019ukwibabaza. Aho ubona na kera narindi ngo\nabarundikazi bamye bashaza mu buryo butandukanye. Eka ngo kwisatuza iryinyo uriko urondera inyinyi ngo\nkwari ukurondera ubwiza ariko vyasaba gutimbisha nk\u2019uko vyemezwa na M.N,\numutamakazi w\u2019imyaka 80 yabonye ako ga kuku akiri muto. Ngo umwigeme bamaze\nkumucira ako kenge hagati y\u2019amenyo ngo vyaba bibereye cane kuko ngo yararenga\nimisore ikarenguka.<\/p>\n\n\n\n<p>Reka\numwigeme w\u2019aho hambere yikore kuko na we yarashaka kubwirwa utujambo twabwirwa\nabeza muri ico gihe ngo :&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Uri mwiza nk\u2019ayo kw\u2019iteke, nyene\namenyo y\u2019intaragande yabuze ikiyaharura agaharurwa n\u2019Imana, ufise ubwirabure\nnka nanda, uri maso y\u2019inyana, nyene imirundi izira imibango, imisaya yawe isa\nn\u2019isenga, \u2026<\/em>&nbsp;\u00bb. Asanzwe afise akayobe ho bagira bati : \u00ab <em>Genda\nmwigeme uri Nzobe y\u2019ikimonge pe.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uno munsi ho birakomeye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwutitoboye ku mubiri ngo ace umwenge aho azocisha ihereni aharurwa nk\u2019uwasizwe n\u2019amajambere. Ubwa mbere hari hijukiwe amatwi, ubu amazuru n\u2019imikondo ni vyo bigeramiwe. Icibagiwe ni ibigohegohe zirirwa ku rwembe. Burya ngo gushaza ni ugushinyiriza. Umwigeme K.C n\u2019uno munsi yambaye ihereni ku zuru. Uwo, amenyesha ko ububabare yagize atazopfa abwibagiye. Ngo yagwaye ikiguma ukwezi kwose.\u00a0 Ariko aragaruka akagira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Jeho ndivugisha.\u00a0 Hari mugenzanje we yitoboje ku mukondo, ivyamushikiye ni akamuna. Burya yamaze umwaka wose atarakira neza<\/em>\u00a0\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari\nn\u2019izindi ngaruka zikomeye \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Belyse Kaneza yanonosoye ivy\u2019ingwara zifatira\nku rukoba amenyesha ko n\u2019ubwo vyirukirwa cane, hari ingaruka nyinshi usanga\nzivyihetse inyuma&nbsp;: \u00ab <em>Iyo umuntu yisiga ama-\u00ab&nbsp;produits&nbsp;\u00bb\nadahuye n\u2019urukoba rwiwe, biratuma ibiherehere vyamuza ku mubiri, umubiri\nugasaza hataragera, uruhu rukajako amabarabara yaturutse kuri vya bihere\nvyavyimba bikimena hagasigara inkovu.<\/em> \u00bb <\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Belyse arongera akamenyesha kandi ko ku bakoresha ama \u00ab\u00a0tatouages \u00bb, ingaruka zishobora kuba nyinshi mbere na \u00ab cancer \u00bb yo ku rukoba igateba ikinjira biturutse kw\u2019irangi ryakoreshejwe.\u00a0 Haraza uduherehere, tugasha, tukimena n\u2019ibikomere bikaza. Uwo muganga akagira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Ababigira barahore babigira bazi ingaruka zavyo<\/em>\u00a0\u00bb.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva aho hambere hahise, umurundikazi yamye akunda kwishariza, akambara utudede mw\u2019izosi, mu kayunguyungu n\u2019ahandi eka mbere yagendana n\u2019ikazanga (amavuta yo kwisiga), yashika ahikinze akiramba tuno tuvuta ku munwa kugira ngo yame aboneka neza n\u2019iminwa ntigaduke. Uno munsi mu gushaza barisaragura ku mubiri \u00ab&nbsp;tatouage&nbsp;\u00bb, bakimonora \u00ab&nbsp;maquillage&nbsp;\u00bb bakanitobora uruhu \u00ab&nbsp;piercing&nbsp;\u00bb. Ariko rero ngo bishobora kubakwegera akaga \u2026. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4963,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[398,397],"coauthors":[231],"class_list":["post-4961","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-gushaza","tag-umurundikazi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4961","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4961"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4961\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5099,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4961\/revisions\/5099"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4963"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4961"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4961"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4961"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4961"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}