{"id":4937,"date":"2020-03-05T14:49:47","date_gmt":"2020-03-05T13:49:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4937"},"modified":"2020-05-09T14:24:03","modified_gmt":"2020-05-09T12:24:03","slug":"umwigeme-atunzwe-akazi-taxi-velo-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umwigeme-atunzwe-akazi-taxi-velo-bujumbura\/","title":{"rendered":"Sugi, umwigeme atunzwe n\u2019akazi k\u2019ubu \u00ab taxi-v\u00e9lo \u00bb i Bujumbura"},"content":{"rendered":"\n<p><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amazina\nyiwe akaba ari Nkorerimana Claudine batazira Sugi ni umwigeme akora akazi\nk\u2019ubu\u00ab taxi-v\u00e9lo\u00bb gasanzwe katamenyerewe cane ku bakobwa kuko gasaba inguvu\nnyinshi. Ariko n\u2019ubwo biri uko avuga ko ata kazi na kamwe abakobwa batokora\nbavyishakiye kuko na bo inguvu bazifise.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwigeme\nakorera ubu \u00abtaxi-v\u00e9lo\u00bb ku Buterere, ku mbuga (aho bahagarika amakinga) yo mu\nKiyange, neza na neza ahitwa ku Vyamwa. Kuri iyo mbuga, n\u2019umwana waho aramuzi\nkuko ashaka kuguma ahamagara izina rya Sugi, nkeka iryo zina ryiwe bararikunze.\nUmubajije na we igituma yitwa iryo zina akubwira ko ari kubera ata muhungu aha\nakanya ngo amwinjirire. Abagabo ngo nta berekwa kuko \u00ab <em>agwana no kurondera\nifaranga <\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Sugi rero twamusanze\nkw\u2019\u00abirigala\u00bb ashwashwanutse. Yiyambariye ikabutura n\u2019\u00abakajire\u00bb hejuru y\u2019umupira\nn\u2019akaradiyo mw\u2019izosi kaguma kadunda imiziki mu kurindira ko aronka abo\nyunguruza. Ukihashika ntiwopfa kumutandukanya n\u2019abagabo kuko aba aryohewe\nutoraba.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None\nvyaje gute ngo Sugi abe umu \u00abtaxi-v\u00e9lo\u00bb?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sugi ni umwigeme\nw&rsquo;imyaka 27 y\u2019amavuka. N\u2019ubwo akorera ubunyonzi mu gisagara ca Bujumbura burya\nngo asanzwe avuka mu ntara ya Cibitoke, muri komine Mabayi. Uyu murondo agira\ngatanu mu muryango w\u2019abana indwi ngo yaje mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka\nw\u20192013 aje gukorera amahera kuko ubuzima iyo avuka bwari bwamucanze. <\/p>\n\n\n\n<p>Nta\nkabura imvo. Ku kugene Sugi yatanguye kunyonga ikinga agira ati: \u00ab<em>\nUbunyonzi n\u2019abwigishijwe n\u2019inzigo y\u2019aba bosi nakorera nti bampembe. Kubera ko\nnari nsanzwe nzi kugendesha ikinga, nagize Imana nkorera umurovyi aca ansaba\nngo nze ndamujana kuri Tanganyika. Ndamuvanyeyo naca mba ndicira ayo kurya.\nNiho natangura kumenyana n\u2019abantu nca ntangura kuja kw\u2019 irigala ryo ku\nMutakura. Erega nahavuye nryoherwa mbonye ko nshobora kuronka amahera yiwanje\nntarinze kuzera inze. Niho naca nigira inama yo kwimuka maze nihigira ikinga\nry\u2019iwanje nza gukorera aha mu Kiyange <\/em>\u00bb<em>.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>Sugi\narishimira cane ako kazi kiwe kuko yemeza ko kamutunze. Mbere ngo yari amaze\nkugakuramwo ayandi makinga 2 naho baciye bayamwiba. Anavuga ko kamurihira inzu\nn&rsquo;imfungurwa kandi n\u2019abavyeyi abarungikira amavuta, umunyu n\u2019umuceri\nbakamererwa neza. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019ubwo\nakora ako kazi, Sugi arahura n\u2019intambamyi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sugi avuga ko\nkubera ari we wenyene akora ako kazi abantu benshi bamenyereye ko ari\nak\u2019abagabo, akigatangura ngo yabonwa nk\u2019umusazi. Mbere n\u2019ubu ngo hari\nabamuhishuka canecane abakobwa bagenziwe bakamubwira ko akazi akora\nkabasuzuguza ko yari gupfuma ahitamwo ako kudandaza umubiri, \u00abubumaraya\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p>Mu kazi kiwe, Sugi\navugako ata bagore canke abakobwa bakunda kumuhamagara ngo abunguruze kuko\nbibaza ko yobanaga hasi. Agira ati: \u00ab <em>Abagore\nbarantwenga ngo nakoze ibidakorwa<\/em>. <em>Abakiriya\nbenshi mfise ni abagabo \u00bb<\/em>.\nUmugore umwe mu bari aho ni ho yaca abwira mugenziwe ng\u2019impamvu abipakiza ari\nabagabo ngo n\u2019uko haba harimwo abashaka kugenda baramusaba abacishe ahantu\nbabanze batekere agatabi (bashaka kuvuga yuko bamusaba ku busugi). Nay\u2019ubundi\nngo ni ikizira nta mugore aheka uwundi. Oscar umunyonzi mugenzi we, we avuga ko\nSugi babanye neza kandi agerageza kutikumira. <\/p>\n\n\n\n<p>Sugi rero avuga ko kubera akazi ko kunyonga agakoze imyaka irenga 4 amaze kuruha. Ubu yipfuza uwo mufashisha \u00ab Permis de conduire\u00bb kugira yimukire ku moto canke ku muduga. Ariko aranatera akamo abandi bakobwa batinya guhigisha akazi ngo abandi bobatwenga ko bobiheba ahubwo bakiga kwibeshaho bakareka kubaho bateze amaboko. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amazina yiwe akaba ari Nkorerimana Claudine batazira Sugi ni umwigeme akora akazi k\u2019ubu\u00ab taxi-v\u00e9lo\u00bb gasanzwe katamenyerewe cane ku bakobwa kuko gasaba inguvu nyinshi. Ariko n\u2019ubwo biri uko avuga ko ata kazi na kamwe abakobwa batokora bavyishakiye kuko na bo inguvu bazifise. Uyo mwigeme akorera ubu \u00abtaxi-v\u00e9lo\u00bb ku Buterere, ku mbuga (aho bahagarika amakinga) yo mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4940,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[6],"tags":[15,394,393],"coauthors":[189],"class_list":["post-4937","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-jimbere-mukenyezi","tag-burundi","tag-taxi-velo","tag-umukenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4937","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4937"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4937\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4956,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4937\/revisions\/4956"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4940"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4937"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4937"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4937"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4937"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}