{"id":4932,"date":"2020-03-04T09:33:35","date_gmt":"2020-03-04T08:33:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4932"},"modified":"2020-05-09T14:23:46","modified_gmt":"2020-05-09T12:23:46","slug":"burundi-ukutumva-neza-biva-kuki","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ukutumva-neza-biva-kuki\/","title":{"rendered":"Burya ukutumva neza biva kuki?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu batumva neza 465 barituye ikigo \u00ab Starkey Hearing Foundation \u00bb mu ntumbero yo kurondera ubufasha bw\u2019indwara y\u2019ukutumva neza. Muri bo, abarwayi 405 bararonkejwe utwuma bashira mu matwi tubafasha kwumva na yo 60 bahabwa imiti. Ivyo vyashikirijwe na Andr\u00e9 Papy Karubi umuhuzabikorwa muri ico kigo aho kuri uwu wa 3 ntwarante bariko barakira abarwayi basanzwe bakurikirana bongera bahimbaza ku ncuro ya mbere mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Icivugo cuwo munsi\nkigira giti: \u00ab Naho umuntu atoba yumva neza, kwa muganga bashobora ku mufasha\nmaze akabandanya yiteza imbere \u00bb. Karubi Andr\u00e9 Papy akaba amenyesha ko\nabagendana indwara zo kutumva neza akenshi usanga bamana akabonge, bakikumira\nmu kibano ntibashimishwe no kuba aho abandi bari kubera ko bashavuzwa n\u2019uko\nabandi bababwira ibintu ntibabitahure n\u2019ivyo babatumye kuzana bagasanga bazanye\nibitari vyo. Ivyo ngo bica bibababaza bagahitamwo kwigunga maze bigatuma\nn\u2019iterambere ryabo ritagenda neza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibitera\nkutumva neza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Karubi avuga ko\nukutumva neza biri kwinshi. Agira ati: \u00ab <em>Hari abumva umuntu avuze cane, hari\nabumva uwuvuze bukebuke, hari abumva bakuravye ku minwa, hari n\u2019abatumva\nn\u2019akimwe<\/em> \u00bb. Rero ngo mu bitera ukutumva neza harimwo imicafu yinjira mu\nmatwi, abana bavukana ubwo bumuga, impanuka umuntu ashobora kugira, imiti\nabarwayi bafata canecane iya malaria, imiti y\u2019igituntu, abagenda baratakaza\nukwumva biturutse ku myaka, kwama mu nduru z\u2019amamashini ahinda, indwara ya\nmugiga, indwara zo mu matwi bareka kwivuza, kwumviriza imiziki hakoreshejwe\nivyuma bashira mu matwi, n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Minani Salvator\numwe mu bafise ikibazo co kwumva neza bari baje kuraba uko amagara yabo atera\naba meza mu bijanye no kwumva kuri uwu munsi wahariwe ukwumva neza, arishimira\nko ubu asigaye yumva kandi arangura ibikorwa vyiwe ukuri kwamye. Agira ati: \u00ab <em>Inyuma\nyogutakaza ukwumva kwanje biturutse ku miti ya malaria nafata, naciye\nndanatakaza abantu bahora baza gushonesha impuzu iwanje kuko tutumvikana. Numva\nnikumiriye mbere n\u2019umuryango wanje wari utunzwe n\u2019ivyo nkura mu carahani wari\nutanguye kubaho nabi kuko na wo nyene ntitwumvikana.nongeye kwumva kuva aho iki\nkigo kimpireye utu twuma nshira mu matwi<\/em> \u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p>Na we Yvan\nNiyonkuru, umuyabaga, arishimira kuba yarabandanije ishure inyuma yaho yagire\nahagarikire kwiga bivuye ku ndwara yo kutumva neza yari yamufashe. Ubu avuga ko\nyiga neza kubera akuma kamufasha kwumva yaronse.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko iyo\nndwara iri mu zibangamiye amagara y\u2019abantu n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara\ny\u2019abantu no kurwanya n\u2019umugera Sida mu Burundi bubicishije mw\u2019itangazo\nbwasohoye kuri uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza burahimiriza abantu\nbose kwirinda indwara zo mu matwi na cane cane izituma abantu batumva neza.\nIvyo rero ngo mu kubigira n\u2019uko abantu bokwitura abaganga, bakivuza hakiri kare\nkuko be n\u2019izo ndwara zivugwa zigakira.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu batumva neza 465 barituye ikigo \u00ab Starkey Hearing Foundation \u00bb mu ntumbero yo kurondera ubufasha bw\u2019indwara y\u2019ukutumva neza. Muri bo, abarwayi 405 bararonkejwe utwuma bashira mu matwi tubafasha kwumva na yo 60 bahabwa imiti. Ivyo vyashikirijwe na Andr\u00e9 Papy Karubi umuhuzabikorwa muri ico kigo aho kuri uwu wa 3 ntwarante bariko barakira abarwayi basanzwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4933,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391,15,392],"coauthors":[189],"class_list":["post-4932","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara","tag-burundi","tag-ukutumvaneza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4932","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4932"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4932\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4935,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4932\/revisions\/4935"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4933"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4932"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4932"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4932"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4932"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}